KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi
  La vérité sur le Burundi

 
Mu Burundi mu mwaka w'1972 haraguye ibara, aho ubwicanyi bw'indengakamere bwahitanye abahutu ibihumbi n'ibihumbagiza.

 

 
Mu gitabu ciwe kiri mu rurimi rw'igifaransa «La vérité sur le Burundi», umuganwa Boniface Fidel Kiraranganya aratwiganira ingene iryo bara ryaguye, abahutu bagatikizwa!

 

  Tubisoma mu gitabo cahishuriwe umuganwa Fideli Bonifasi Kiraranganya.  
Bahaga

 

 

  Kukera iki inyandiko, indirimbo canke ibiganiro bitari mu kirundi?

ITEGEREZE NEZA
Murashobora kwibaza muti ko mu Burundi habaye ubwicanyi bw'indengakamere ku mpande zose, none kubera iki mwavuze kw'ihonyabwoko ryakorewe Abahutu gusa? Ukwo si ukubogamira ku bwoko bumwe?
Inyishu y'ico kibazo mw'ijambo rimwe ni OYA. Turacari mu bikorwa vyo gutororokanya ibintu vyose vyerekeye ikirundi, Uburundi n'Abarundi. Rero tuzoguma dushiraho n'ibindi vyinshi. Tuzovuga kuri Ntega na Marangara, tuvuge kw'ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu 1993, n'ibindi vyinshi. Tuzovuga ku migambwe yose, uri UPRONA, PALIPEHUTU, PDC, CNDD-FDD,...
Muri make rero, hano ku kirundi ku ngurukanabumenyi ntaho twegamiye!!!
Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire (info@ikirundi.org) canke uduhamagare (+61469365309) tubiganire.

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 87 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...