KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

Ururirimbo rw'igihugu c'Uburundi



Burundi bwacu
Burundi buhire
Shinga icumu mu mashinga
Gaba intahe y'ubugabo ku bugingo

Warapfunywe ntiwapfuye
Warahabishijwe ntiwahababuka
Uhagurukana uhagurukana uhagurukana
Ubugabo urikukira

Komerwa amashi n'amakungu
Habwa impundu n'abawe
Isamirane mu mashinga
Isamirane mu mashinga

Burundi bwacu
Ragi ry'abasokuru
Ramutswa intahe n'ibihugu
Ufatanije ishaka n'ubuhizi
Vuza impundu wiganzuye
Uwakuganza uwakuganza

Burundi bwacu
Nkoramutima kuri twese
Tugutuye amaboko
Umutima n'ubuzima
Imana yakuduhaye ikudutungire
Horana ubumwe n'abagabo n'itekane
Sagwa n'urweze
Sagwa n'amahoro meza


Ibendera ry'Uburundi
Ibendera ry'igihugu c'Uburundi
KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 51 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...