KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi
Ndadaye
Perezida
Melchior Ndadaye


Uburundi bushasha


  Ayo mahoro tunyotewe twese, tugiye kuyaharanira twivuye inyuma. Uwuzoza ashaka kutwononera umutekano, uwo ari we wese, naho azoba yitwaje iki, azomenye ko azosanga Abarundi imiliyoni n'imiliyoni bahagaze bwuma, baharanira ayo mahoro... baharanira ayo amahoro twarwaniye kandi twaraye dutsindiye.  
Perezida Melchior Ndadaye


UPRONA & FRODEBU 1993


  • UPRONA: Union pour le Progrès National
  • FRODEBU: Front pour la Démocratie au Burundi

UPRONA (yari ihagarariwe na Petero Buyoya) na FRODEBU (yari ihagarariwe na Melchior Ndadaye) mu myiyayamazo y'amatora mu 1993.
Harimwo:
  • Petero Buyoya
  • Melchior Ndadaye
  • Nicholas Mayugi
  • Sylvestre Ntibantunganya



Nibatsa uwo muriro tuzowuzimya!


  Bashingantahe, bapfasoni, rwaruka! Nk'abantu baza kubabwira ngo: Ngo mudatoye mporona, ngo hazoba ingwano. Ndazi ko ari... Ni rwo ruvyino, ni rwo ruvyino baririmba aho baciye hose. Iryo ni iterabwoba. Mbega iyo ngwano ga, bazoza abo baporona basigaye bari ku rushi bangana gutya a, ni bo bazoza gutera ingwano ku miliyoni zitanu zirenga z'abarundi bishakira amahoro? Ni bo bazoza gutera iyo ngwano ga? Nibayitera nibatsa uwo muriro, turi imiliyoni zitanu tuzowuzimya, tumaze kuwuzimya duce tubaboha!  
Perezida Melchior Ndadaye
KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 429 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...