Abagabo babiri ntíbabāná mū nzu
Abagabo bahūrira mu cêro ntíbahūríra mu cîbo
Abagabo bararyá imbwá zikīshura
Abagabo barāra kubiri bakarōta kumwé
Abagabo ntíbarōnkéra rimwé baba básemana
Abapfûye akarīmbi baragashīngirwa
Abapfûye urubíbe baragorōrerwa
Abarŭndi basība kurima ntíbasībá kuvúga
Abasângira basīgana imvyíro
Abasângira umusa basāngira abânsi
Abasângiye ubúsa bītana ibisāmbo
Abatâmvyi bā nêzá barakúrikirana
Abatângánya amatáko ntíbīsîgira hamwé
Abo umwami yahaye amata ni bo bamwimye amatwi
Abôro babiri ntíbasāngíra umwērēra
Abāntu n'íbīntu ní magiríranire
Abăkurikiye Inámujândi băjānye na wé
Abămi basāngira ingovyi ntíbasāngíra ingoma
Abό umwămi yahâye amáta ní bo bămwīmye amatwí
Agafûni kabagára ubúmwe ní akarēnge
Agahemo gatēra ikijûjú ubwĭbone
Agahîmbo kībagiza kwūgara
Agahúgu karímwo abagóre ntíkaburá amazímwe
Agahănga k'úmugabo gahūma kátavuzé
Agahīnda sí uguhόra uríra
Agakecuru ntigatambikiza kaba kiziga umubariro
Agakuku karimīsha mu rwĭri
Agakúrikiwe n'índa ntígakurá
Agakúru mu tunyegeri ní akavyîmvye umutwé kurusha utŭndi
Agakúru ntígaku(rí)ra ubúsa
Agakûnze babiri karabânkanīsha
Agapfûye karatūba impfîzi ntíyōtētswe mu rwăvya
Agashítsi kā kêra kavūmbika umuriro
Agaswi katazôkúra ukērekwa n'úrwŭbi
Agasózi k'întáhanûrwa kăhīye abagabo bábona
Agasózi kamanútse inká kadūga iyĭndi
Agatu gatekeye amahwa karimena
Agatu gatēkéye amáhwa karîmena
Agáti gaterétswe n'Îmâna ntígahenúrwa n'úmuyaga
Ahari ubumwe urusato rw'imbaragasa rwipfuka batanu
Aharí abagabo ntíhagwá ibára
Aharí abântu hāma urūnturūntu
Aharí amahóro umuhoro uramwa
Aharí umwěnge haca umuyaga
Ahasháshe ingwe akayâbú karutsīnda impaga
Aho akayabu katari imbeba zanika imirizo
Ahó imbwá ikubítiwe irahagaruka
Ahó imbwá ikubítiwe ntíhasubíra
Ahó umugabo ahāndíwe ní ho yīhândūrira
Ahó umukěcuru atōyé uruhĭndu ahīta mu rugănda
Ahó watâye iminwe uhata agatemére
Ahănse ubwâna hamera ubwănwa
Ahό (ubūntu) bwămye ntíbuhavá
Ahό birāyé sí ho vyīrírwa
Ahό umwôro yāníkiye ntíbwūmá (ntíryāká, ntírivá)
Ak'i muhana kaza imvura ihise
Ak'í muhana kāza imvúra ihíse
Akabígira kábīzi (kábibona) karya imbóga kâritse
Akabônye umwé gapfa ubúsa
Akabúra ntikáboneke ní nyina w'úmūntu
Akabāndo k'úbusâza gacībwa kare kakabīkwa kure
Akagabo gahimba akandi kataraza
Akagôye kōkerezwa akagôri
Akajá kwĭha inkŭmbi karusha imbázi kumóga
Akamenyēro kăyirāje mu mutégo
Akamása kazôcá inká kazivūkámwo
Akaméze ku murīzo w'îmbwá gashirwa káwucīye
Akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze
Akanyoni katagurútse ntíkamenyá iyó bwēzé
Akanyâro mū nyama ní iháha
Akanániye umugabo kananira n'úyŭndi
Akarago karyāná kamenya nyené ko
Akari kure karya nyene amaguru
Akaryôshe kăhejeje imbeba mw'ībuye
Akaryôshe ntígahorá mw'ītáma
Akarí kure karya nyené amaguru
Akarí kure ntíkabá indâro
Akarí mu rugό ní ko karuvúna
Akarí mū nda y'íngoma kamenywa n'úwayíkanye
Akarí mū nda y'úmugabo gaserurwa n'ákarí mū nda y'úmubĭndi
Akarí mū nzu ntíkabá iséma
Akarími kakurésha sí ko kakurŏngora
Akarúta akăndi karakamira
Akarēnge kajá iyó kavūká ntígahāndwá
Akarēnge mu gusēzera kānka gukānda isí
Akatári nk'ákăndi aba arí ishano
Akatávugá ntígahēndá akavúga
Akazi k’í bwămi kīca uwĭcaye
Akazímiye ntáho katarōndérerwa
Akazîkīrá k'úmugabo kazīkwa n'îsí
Akosho kosha imbwa kwima katazoyivutira
Akâna k'ûmwôro kīrabura kátarogá
Akâna karí ubwênge gasīnzīra imbonamwūko
Akăhūgāniye igicâniro gasibānganya indôto
Akăje kárusha imbwá kwōta kaba gáshāka gushá
Akămanitswe n'úmusâza gatamya umuyabaga
Akămi kā mūntu ní umutíma wîwé
Akĭhūriye n'îngásīro gatēra inda urwěze
Akŏsha umusyi kava mū ngásīro
Amabanga abiri ntabangikana
Amaborōgo y'ûmwâgazi ntátērá impuhwe ingwe
Amabárankúru yashíkanye inyěnzi i Buha
Amabóko aguhá n'áyakúrīka ntárēhá
Amabóko ashikîriye ubuhîye yībagira umushike
Amabóko matīndi y'úmukŏbwa asegura uwĭshe sé
Amabānga abiri ntábāngíkana(w)a
Amabόko atarēhá ntáramúkanya
Amacúmu arwānyá inzara ní amasúka
Amaguru yītāngira ku buriri agatāhira mu mirâmbizo
Amagára aramirwa ntámerwá
Amagúfa abiri ntábāngíkana mw'ītáma
Amaherá ntíyīrírwa ahó yarāyé
Amahása avyinirwa ahό yavūkíye
Amahérezo y'ínzira ní mū nzu
Amahóro atāngurira mu mutíma
Amahóro ava (ahēra) mū nda
Amakúru atarímwo umukúru yāma arí amazímwe
Amanyama aterwa n'agashambara
Amanyáma atērwa n'ágashămbara
Amanyáma y'úruró ashirira mū ngásīro
Amarira ní umuheto w'úruhînja
Amasabo akwănkiye arāba imirázi
Amasé ya kêra ntáhomá urutaro
Amasîndé y'înkúmi ntárārá
Amatwi y'impene yumvira mw'isafuriya
Amatwí yūmva icó umutíma ushasháye
Amaté mabí ní ayagîye gusa
Amatégeko aremēra nk'ámabuye
Amaví y'úmushūmba ntáhāngâra izîko
Amayira abiri yananiye imfyisi
Amayira abiri yanániye imfyísi
Amayira y'íshāmba amenywa n'îmêndé
Amazi arashuha ntiyibagira i bumbeho
Amazi masabano ntamara imvyiro
Amazinda y'ikinombe ahera imvura iguye
Amenyo atwenga ubusize ari yo yamaze imbuto
Amongereza nka ni yo mazituvya (mazikesha)
Amosozi y'umukunzi ava mu rihumye
Amáta y'înkúba anyōbwa n'ínkŭmbu
Amâso y'íbikére ntábuzá abavôma
Amâso y'ύwŭndi ntágushĭmira umugeni
Amâso ya bábiri arāba kubiri
Amâzi arakena yûzuye impângé
Amâzi arashûha ntíyībágira i bŭmbehó
Amâzi iyό abāyé maké aharirwa impfîzi
Amâzi masabano ntámará imvyíro
Amênyo aragutwēnga arí ayâwé
Amênyo araryâna kăndi yêra
Amênyo aratwēnga asíze intîmba mū nda
Amênyo atwēngera ku majigo
Amênyo ntíyībúka gushīmira ingásīro
Amîshitso y'úmugeni yōza inkόno icūmbá
Amôsozi y'úmugabo atēmba ája mū nda
Amôsozi y'úmukûnzi ava mu rihúmye
Amûnguranká ní yo mazíkēsha
Amēru y'úmukwé amara indŏngoranywa
Babiri bĭshe imbwá y'úmwămi
Bapfana iki barutwa na bamariraniye iki
Bapfāna ikí barutwa na bamariraniye ikí
Bareke bāzé ní kwo kunēshwa
Barimwótubíri ní isí ikugabúrira ikakuzīka
Barukwěge yŭgururiye ingwe imutwāra nyina
Batānga inká ntíbatāngá Imâna
Bene vyo ni bo bene inambu
Bukebuke bukomeza igihonyi
Bukebuke bushikana umusiba ku mugezi
Bukêbuké bukomeza igihonyi
Bukêbuké bushikana umusíba ku mugezi
Busēye Imâna bukārika abagabo
Bwākêye ntíbuzá uwukwânka (kukwânka)
Bā Bwênge bări babiri umwé arapfá
Běne Imâna baruta běne imâri
Běne vyó ni bó běne inămbu
Gira só ntárutá gira icó uryá
Gucá bugúfi bica inzira ntíbicá umugôngo
Gucá mu zîko ní ukunyáruka
Guheka uwutisimbiza biravuna
Guseka umusóre sí ko kumuhanūra
Ha kunigwa n'ijambo wonigwa n'uwo uribwiye
Ha kunigwa n'ijambo wonigwa n'uwo uribwiye
Ha kuvumba umukungu wovumba umukunzi
Haguma umwămi ingoma irabāzwa
Hapfa umugabo ntíhapfá abagabo
Hā guhūra n'úwagúhāye wōhūra n'úwakwîmye (n'úwakwêmereye)
Hā gupfá uyu mŭsi wōpfa éjo
Hā kubêsha i bwămi wōtona nâbí
Hā kugira amasáka wōgira amasabo
Hā kuremēkwa akabōnge wōremēkwa amabuye
Hā kuvûmba umukŭngu wōvūmba umukûnzi
Hā kwĭshīma wōshīmwa n'ábăndi
Hāga umutíma ntíhāgá uburyâmo
Hĭrya y'ûbwôba haba ubugabo
I bŭnyokόrome uhajānwa na nyoko
Ibifise imitwe kubiri bigira n'imirizo kubiri
Ibigiye inama bigira Imana
Ibihěngeri bitēra imfyísi urwěze
Ibijá gucîka bica amarěnga
Ibirenge bija imbu mu kuja imbere
Ibisângiye imizi bisāngira n'ûkwûma
Ibitari ivyawe ntuvyibikako
Ibitwenza abana vyiriza abavyeyi ku zuba
Ibitári ivyâwé ntúvyĭbīkáko
Ibitúnye biruta ibitóbotse
Ibitěbu birarésha ntívyūbáka
Ibitěbu vy'úmukêbá bikwēga agaheza
Ibuye riba ritó ntíribá ritŏto
Ibuye riserutse ntiryica isuka
Ibuye riserútse ntíryīcá isúka
Ibānga ní agacănwa katarahúrwa
Ibānga ní iryā bábiri uwa gátatu aba arí igisahuzi
Ibānga ry'íntāngo ribazwa umubûmvyi
Ibīntu bija ahó ibĭndi birí
Icāvu kirí hăfi gitēra urunyāgāga
Icó Imâna igutútse ní co kikwĭca
Icó iguhá n'îcó ikuvyărira birāngana
Icó uhāwé n'úgutôra ucākwa n'úgutâkara
Icó umuryāngo utāzí ntíkimenywá na bárŭndi
Icó umutíma ukūnzé isógo zisūmba inyama
Icó umuvyêyi asizé ní co aragá
Icó umuvyêyi asizé ní co arerérwa
Icó umūntu akorá ní co kimukóra
Icó utarâbόna ucērekwa n'úkurāmba
Icúmu rizôgucûngura ntúmenyá iyó ryăcuriwe
Icăyāye gihayira umukêbá akarí mu gihogero
Icăyāye kivugira ibicúba ku macúniro
Icĭmenyēre cītiranya amatúruka n'ámatāha
Icĭrore kiguhisha inkavyi yăritse kw'īzosi
Icĭzēre c'úmushēzi ntígihezwá na
Ifí ntímenyá ikirâza ishîngá urusěnga
Ifí yāma mu mâzi ikāmana inyôta
Ifúku itāzí agaheza ishōra agatwé ku mushíbuká
Igihere giheza umugabo mū nzu
Igihúgu ntíkirībwá ivú kirībwa abāntu
Igihēko gihēkera uwuhêkewe n'Îmâna
Igikéburwa nticûmve ní imbwá kw'īgúfa
Igikére gikera kítarâkererwa
Igikére gikerebukira mu rushānga
Igikíjije imbwá kiba kíyīshe
Igishika ca cane ntikivyaza umuhungu
Igishărara c'úrujānyi gihushīsha isôko
Igisânīrá gica umwāno ishíga ryîkoreye
Igisúru kivūvūdikirwa mu gahubo
Igiti cumye cegamira kibisi
Igiti kigororwa kikiri gito
Igitugu kirakura ntigisumba izosi
Igitíka mu mapfá cīyita Bāndyabângaya
Igitó gita uwagíkōye ntígitá uwakívyāye
Igitúgu kirakúra ntígisūmbá izosi
Igufa ryumira mw'ikoma ari irya nyene imbwa
Igípfa câbúriwe ní impōngo
Igíti căgukoze mu jîsho cāma gíhiritse
Igíti cīkwîje amáhwa gitēra inkēnde amakēnga
Igíti cīswé ingoma ntikibāzwá
Igíti cīswé umwâna ntígicānwá
Igíti cūmyé cēgamira kibísi
Igíti kigorōrwa kíkiri gitó
Igíti kigwa iyό gihēngámiye
Igíti kimwé ntíkibá ishāmba
Igíti kirakúrira mu babāji
Igíti ntíkigukóra mu jîsho kabiri
Igíti utarí bwūríre ntúkirângamira
Ihwa rya mukeba riraguhanda ryaraboze
Ijambo rigukunze riguma mu nda
Ijîsho Nyawĭkwēgera riha abakwé ibinóko
Ijîsho riguséma n'írigúhēzagira ntákanurá kumwé
Ijîsho rigutúka inkúba n'írigútuka inkúmi ntúriyobérwa
Ijîsho rigēnzwá n'ákăndi rigushīma akêmo
Ijîsho ry'úmutό ryānka umusâza
Ijîsho ry'úwŭndi ntírigushĭmira umugeni
Ijāmbo rigukŭnze rikuguma (rigusubira) mū nda
Ikibwîrwa ní icŭmva icěrekwa ní ikibóna
Ikigútwāye umutíma ní co kigutwăra agatwé
Ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka
Ikinyoni kigurútse kítavuzé bacīta icâna
Ikinyóma cûmvīse ukúri kimena urūgi
Ikinyóma cā nyéne urugó bagiha intébe kikīcaráko
Ikinyóma kimara umŭsi ntíkimará umwâka
Ikinyóma kiraryôha ntíkiryá umutsíma
Ikinyóma kirasôsa ntígihāzá
Ikirwa c'úmwămi ugiherūka ukícūbaka
Ikirémēra umutwé sí co kiremêra umutíma
Ikirîrahábiri ntígiteramira ahó bavyiná amahása
Ikirúta ikĭndi ní ijāmbo ry'úmusâza
Ikitábuzé ní ibihŭnda mu bitōke
Ikitâzí cāmbarira urunega mu bakínegura
Ikitâzí cīgānzira agahîye
Ikitâzí cītiranya imāmba n'úmusíba
Ikivūmbiko ntígitēshá ikivûmbuzi akarí ku mashíga
Imana ya mwene so si yo ya mwene nyoko
Imbarágasa y'ïséma yurira umurŭndi w'ínkokó
Imbeba irāríye umwôro iguguna urūgi
Imbeba ntísāzíra mu kigega
Imbeba zīyóbewe zitōnganira mu bigega
Imburamaboko ibagara umushatsi
Imbwa irinze itoboka ubuhanza ntiba yamenye inzu nke
Imbwa ntigaya iba irindiriye ko bihora
Imbwá ibura sé ntíburá shêbuja
Imbwá ifise amaguru ané igaca mū nzira imwé
Imbwá itwāwé ku rutúgu ntíhīgá
Imbwá itūbáha indăva ikeburwa n'înyágutwí
Imbwá ntígutwěngera iba ishâka kukúrya
Imbwá ntísumá n'îyó isumyé ntíshikána
Imbwá y'úmukwé ní yo mukwé
Imbwá y'úmusega ihīgira mu bíti vy'úrugó
Imbwá y'ûmwôro yība irwâye
Imbwá yahîye ku murīzo ngo buracá tuharăbe
Imbwá yarîhūse ivyāra ibihúme
Imbwá yīséma irya shêbuja
Imbîtsi ya cāne ibīkira mukēbá
Imbóga mbí ntízivá mū nkóno
Imbúrabâna yūgūmbira irekwe
Imbúrabúgiríre ihūnga ijāmbo
Imbúramaboko ibagara umushatsi
Imbúto nzīzá itâwe mū nyēnga icīka izĭnga
Imbăgwa ntíburá igicúmuro
Imfyísi itōra mu rwāngara
Imfyísi y'íwănyu ikurya ikúrūndarūnda
Imisega ibiri ntínanírwa igúfa
Imiswi itāzí agaheza yūgamika agáca
Imisózi iyó ikūmbúranye abató barahagwa
Imitămbire y'ímpōngo ní yo migĭrīre
Impfizi y'intama itendera nka se
Impfîzi ahó ishitsé irîvuga
Impfîzi ivyāra ukó ivyāgíye
Impfîzi y'índwānyi iterekērwa mwěne sé
Impfîzi y'íntāma itēndera nka sé
Impéne irīsha ahó izirítse
Impêmbo y'ûmwâna ipfa mu magodoka
Impōngo isubira ku rwûbuko
Imvugirakuyamara y'úmugabo ikūndwa na báke
Imvúra inyāgira icó isānzé
Imvúzi ya mênshi ivuga urwĭshe nyina
Imyěnge y'ínzu imenywa na nyéne yó
Imâna igarurira ku makōmbokōmbo
Imâna igira amabóko marēmare
Imâna iguha ingόro ikúbīkiye akarûri
Imâna iguhá irutwa n'íyăkīra
Imâna iguhăye ní yo ikwăka
Imâna ikora ahó imānírijwe
Imâna ikurăbira umwânsi muba múri kumwé
Imâna ikuvyărira sí yo ikureréra
Imâna iragúha ntímugurá (iyό muguzé iragúhēnda)
Imâna iragúha ntíyībágira ahó yagúhēreye
Imâna iratânga aríko ntíyībágira guhena
Imâna itegéka ibīntu ní yo nkúru
Imâna ntîhá uwĭtāngira itáma
Imâna y'înká iba kw'īriba
Imâna y'înká yāma ku mugezi
Imâna y'ûmwôro imurābīsha umugôngo
Imâna ya mwêne só si yó ya mwêne nyoko
Inda ndende ihumira indya
Inda ndēnde ihūmira indyá
Inda ndēnde irōngwa icúmu
Inda uyibarira icó wayirărije ntúyibaríra icó wayihăye
Inda y'umworo iboneka agasamo
Inda y'uwundi irakoma induru ntiwumva
Inda y'ûmwôro ibonekēsha agasámo
Indahiro mbí ntigwāzá mū nda
Indakûzi ntímutāhána ubukwé
Indyá y'úmugayo irya umugabo
Inera ibegerwa ku bwayo igakura ubwatsi
Ingambiri y'umwungu ijana uruguma mu nkono
Ingayi ya cāne uyitega Uburŭndi
Ingenzi y'imihana ni yo nzanyi y'amazimwe
Ingeso y'uwundi ntiyubaka urugo
Ingeso y'úrugó ntíyūbáka urŭndi
Ingiri igira nk'íyĭndi ikavuna ibano nk'íy'ějo
Ingo tubāné ní we ingo twānkáne
Ingoma nzīzá ní iyigúkijije
Ingoma ní kimwé na nyéne yό
Ingoma yagukanze irahuhuma ugahunga
Ingoma yagúkānze irahuhuma ugahūnga
Ingoma yōguha amáta ntíyōguha amâzi
Ingona iva mu ruzi ikarigata urume
Ingwe igutwāra igitŭngwa ikagutānga kuráka
Ingwe ntíyarí ízi gufátira kw'īzosi yarîgīshijwe
Ingóro y'úmwămi iraguma itûgáye
Ingēnzi ntímenyá ahό igwá
Ingēnzi y'ímihana ní yo nzanyi y'ámazímwe
Ingīngo y'íjāmbo iva mw'ījigo (mu matáma)
Ingōna iva mu rûzi ikarigata urume
Ingūmba itāzí ikíbi irigata ishênyo
Inkingi imwe ntigira inzu
Inkokókazi irapfá amagí akabora
Inkoni ikubíse mukēbá uyirēnza urugό
Inkoni ishikira igufa ntishikira ingeso
Inkoni ishikīra igúfa ntíshikîra ingeso
Inkoni nzīzá imerera ahăga
Inkware iramvye itora mw'itongo ry'uwayihiga
Inkwăre irāmvyé itōra mw'ītōngo ry'úwayíhīga
Inkwăre itōra mw'ītōngo agatíma kári mw'īshāmba
Inkwăre ivunítse ihūra n'ûmwâna
Inkwăre yīcwa n'índeretsi
Inkwăre zisēzerana mu masesa
Inká irasâza ikīcwa n'úmwŭzukuru
Inká irāra ahó iyĭndi yarāyé
Inkóko irāra mw'īshāmba igacīka inkwăre
Inkúmi ikura iyĭndi igîye
Inkúru mbárirano irutwa n'îyό wībόneye
Inkúru y'ûmwâna isubira inyuma
Inkēnde (ishājé) inyāgirirwa mūsí y'igíti (yahόra) yŭriye (yûrira)
Inkĭngi imwé ntígirá inzu
Inkūnda nkúbōnye irutwa n'ínkūnda nkúzirikanye
Inkόno ihīra igihe ntíhīrá inzara
Inshiramazīnda ntírerá impfûvyi
Intibagira ntirera impfuvyi
Intábarírwa (Intábwīrwá) ibarirwa (ibwīrwa) n'ûkό amâso atukúye
Intábisíga ni yó ntábisânga
Intângo y'úbuhănza ní amasόso
Intîbágira ntírerá impfûvyi
Intúmwa irarābirwa ntíyīcwá
Intŏre mwōhūrira kū nzira ntíwōyirārira
Inyama y'uwudahari ntibura
Inyama y'ámarêré yatânze umuziha gusohoka
Inyama y'úmugóre isha yîhina
Inyanka kubwirwa ibwirwa n'uko amaso atukuye
Inyo y'inkoko uyerekwa n'umuyaga
Inyo y'înkóko uyērekwa n'úmuyaga
Inyoni iguruka yîsūnga igíti
Inyoni nyôro ntítōrá mu gahôgo
Inyuma y'ínyungú hāza akanyărire
Inyundo irakura ntisumba iyayujuje
Inyána imenya nyina mu mwîjimá
Inyána iranúra ntíshirá irēnda
Inyósha mbí ingana umurozi
Inyănge ntíharánira kwěra
Inyūndo irakúra (iracúra) ntísūmbá iyayûjuje
Inyūndo isigáranye abâna ihōnda imisé
Inzara irahéra aríko igihému kibí ntígiherá
Inzara ntíyīcá batānu yīca abatânye
Inzara y'ûmwâna imenywa na nyina
Inzigo izigira mu gahĭnga
Inzira y'íshāmba igēndwa n'ábayîzi
Inzira ya hâfi yamáze abatwá
Inzoga imara ubwoba ntimara ubworo
Inzóka ntíyīgórōra iba igîye
Inzóka yōróshe imira iyigúmye
Inzόga imara ubwôba ntímará ubwôro
Inzόga y'í bwămi mu kuyisoma urasûngarara
Inánkūndakuryá yarîye ubûki bw'îfûnděri
Inánzōbirya mvyîkoreye yapfûye atîkóra inyuma
Inēra ibegerwa ku bwăyo igakūra ubwătsi
Inēra ikunēra ku mukŏbwa igacīka umukwé
Irakeregeza ikaba inkěcuru
Irirenze umunwa riba rirenze impinga
Irirênze umunwa riba rírēnze impĭnga
Iritararenga nturitera ingata
Iryěze kare ntírigerá ku murara
Ishavu ry'umuvyeyi riririrwa ntirirara
Ishirásoní sí iyiróga ní iyírya abăndi bábona
Ishávu ry'úmuvyêyi rirîrirwa ntírirārá
Ishûrwé rirêra kăndi rírura
Ishāmba ryăbāye indahiro ntíribá indagiro
Isuka yama irima ntigwa ingese
Isáka rimwé ntíryūzúra ikigega
Isáka rirakúra ntírisūmbá umugéshi
Iséma y'úmugabo yīrukana ishíshīro
Iséma y'úmukěcuru yīsīga umusoma
Isórōsóro igwīrira iyó iroyé (i bwĭnshi, i bwămi)
Isúka yāmá iríma ntîgwá ingése
Isāzi irí ubuté ntîryá ku gisebe
Itáma ridatamíye ntíritamúra
Itōngo ní amagára y'úmūntu
Itōngo ry'úmuryāngo ní wo urizigáma
Ivoka ry'îmbwá rikoroka (ijoro kăndi) ríhīye
Ivy'ábapfú birya abapfúmu
Ivy'ábăndi bishīnga amâso ntíbishīngá amênyo
Ivya gusa bitera ubwenge buke
Ivyara ntirigora nk'irera
Ivyâra ntírigōrá nk'írera
Ivyā gusa bitēra ubwênge buké
Ivyănse mu mashí bija mu migére
Ivú rihozé ní ryo ryōtsá inzu
Iyakúrīye ntúyigéra inkoni
Iyavyâye amashūri iyīcūnguza amarāgo
Iyigéze kure ntâ yitáyigéra ihěmbe
Iyihôngotse arí imwé ntíbuzá izĭndi kurîsha
Iyija kurisha ihera ku nama
Iyijá kurîsha ihēra kū nâma
Iyikîtse ntâ wutáyikóra mū nda
Iyimiye ahabona ibonwa na bose
Iyinízwe n'amáta ntâ wŭndi mwērēra
Iyisîzwe umûnyu n'Îmâna irigatwa ná zöse
Iyivyagiye kera ivyagurukana irago
Iyivyâgiye kěra ivyāgurukana irāgo
Iyivyâriye ku macúniro ntîbá ikíbāzwe
Iyivyâye amashūri iyīcūnguza amarāgo
Iyivyâye ikibóze irakírigata
Iyivúnitse yīga gucûmbagira
Iyo ubonye imbwa hejuru ku giti umenya ko hari uwayurije
Iyo ubonye inkuba irabije ntukagire ngo mara abansi n'umukunzi irajana
Iyítăkōye nyoko uyihonyora mu mayêzi
Iyó indûrú ivuzé umushūmba atānga shêbuja gupfá
Iyó indûrú ivuzé umushūmba atānga shêbuja gupfá
Iyó utēyé ibuye mū mbwá nyĭnshi iyimótse ní yo ubá ugémye
Iyĭgānje yīma izĭndi zíbona
Iyŭbutse ntíhishwá Indûrú
Iyŭbutse ntíhishwá indûrú
Iyό butárĭra mukâsό aba nyoko
Izijá guhóna zihēra mu ruhŏngore
Izikénye ziruta izinyázwe
Izā nyabutīndi zămazwe n'úmugére w'ísāzi
Kananira abagabo ntiyimye
Kananira abagabo ntíyĭmye
Kanka mu jisho ntikanka mu kanwa
Karahára mu rugănda ntíbacurá
Kaza ari gato kakakurariza umwana ubusa
Kibúrabwênge c'úmugabo yakwîkiye ishênyo mu gisomasoma
Kubá murēmure sí ko kumanura imvúra
Kunyara ingenda si ko gushika amahoro
Kuraguza kurutwa nó kugēndereza
Kuvúga měnshi sí ko kuyamara
Maguru ya Nyárwări yasíze imvúra n'úmuguha
Mpa akabando nandare aruta mpa akate ndambarare
Mpa nūmvé yĭshwe n'úmuráhu
Mpūngé urw'ăha yakímajije amaguru
Mu guhakana ubugore uragarama
Mukúru w'íjāmbo ní irĭndi
Mwāramutse ntákūrá akăramutse ku mutíma
Mwěne nyoko aravyâra ntŭtume
Mwěne nāká yōkuzirika ku cătsi
Mū nda haba umutíma ntíhabá umutsíma
Mū nda harāra inzara hakavyūka inzigo
N'umunyi wo ku nzira baramuvura
N'úburí ku munwa burakoroka
N'úwutáco avuzé aba avúze
Na Bucangênda yapfûye atágīyé
Ncīshé maké yacîye igihonyi
Ndabirīnze yagûye mu mirīnzi
Ndabirŭnguruke yagûye mu myūgariro
Ndacâri mutó ní bwo butīndi
Ndakwânse ntîvámwo ndagúkūnze
Ndaryĭmare ní we ndaryĭtēre
Ndimé nshīmwé yagûye mw'īsemo
Ndīndé yarápfūye Mpūngé arakíra
Ngira ukó nakúgize ní we agōrá
Nkunda kurya yariye igifyera kimumena itama
Ntā wumára inyó mu kizinú
Nta guhandwa ku rurimi ikirenge kiriho
Nta murozi yabuze umukaravya
Nta ndagukunda nkakwankira umwana
Nta wiga kubumba rimwe ngo abumbe intango
Nta wubandwa abangikanije
Nta wuhisha umwotsi inzu iriko irasha
Nta wuraba aho nyina anywera umuti
Nta wurya inzoka ngo ananirwe n'umurizo
Nta wusiga inka mw'igabiro
Nta wutera ibuye aho yateretse igisabo
Nta wutiza umuhoro itema rigeze
Nta wutiza urugi imfyisi zateye
Nta wuvuga yose nk'uwuraga
Nta wuvuka rimwe ngo yuzure ingovyi (insimbizo)
Nta yicibwa amahembe ibuze ico yakwa
Ntaramúka arutwa na yό (arutwa n'Imâna)
Ntihāgá ibihúgu hāga imitíma
Ntizicībwá amahěmbe zíhōwe ubúsa
Ntā barônkera rimwé nk'abáca imisígāti
Ntā bwôro buramá nk'ûbw'íkirēnge
Ntā cĭca umukŏndo ngo gisigé amara
Ntā cĭca umukŏndo ngo gisigé amara
Ntā mbwá ikugána igúfa mu kanwa
Ntā mukúru aburá mukúruwé
Ntā muzīndutsi wa kare ku mutíma w'úwŭndi
Ntā mwônga uburá isáto iba idáhīzwé
Ntā ndagúkūnda nkakwānkira umwâna
Ntā nkokókazi ibíka isăke irího
Ntā ntāmbara iburá inkomére
Ntā nyama itaryá umutsíma
Ntā rubănza ruburá ijāmbo
Ntā wakóreye Imâna yĭkoreye amabóko
Ntā wubâgira ahatágirá isāzi
Ntā wubândwa abângikanije
Ntā wubûrana n'úwumúhāmba
Ntā wuhísha umwôtsi inzu iríko irashá
Ntā wuhόra ahό yabâye (Imâna iba yáramuhâye)
Ntā wunyága uwó atăgabiye
Ntā wurímira amasáka ahó atagirá amasabo
Ntā wurîra ibigôri ahó yagôrewe
Ntā wurônderera ubwîzá mw'īkazānga
Ntā wusába amáta ahó akōmbwá
Ntā wusângira n'úwutábegá
Ntā wusângira n'ûmwôro umwērēra
Ntā wusíga inká mw'īgabiro
Ntā wutânga Imâna kwĭhebūra
Ntā wutêra ibuye ahó yatéretse igisābo
Ntā wutêra icúmu mw'īcúmi
Ntā wutîza urūgi imfyísi zâtêye
Ntā wutûnga izó adashītúra
Ntā wutûra ngo atūrwé hāsí
Ntā wuvûka rimwé ngo yūzúre ingovyi
Ntā wuzíbira inzira y'Úburŭndi
Ntā wuzíbira umurômbero inká zígitāha
Ntā wúca umugáni umwâna asînziriye
Ntā wúca urubănza atūmvīse
Ntā wúgwa mu bânsi ngo agēndé amahóro
Ntā wúrya inzóka ngo ananírwe n'úmurīzo
Ntā wúrya vyöse nk'úwurága
Ntā wúrya wênyéne nk'ígisebe
Ntā wĭhanira abakúru bárihó
Ntā wĭkūra kurí nyina ngo yaráshāje
Ntā wĭnyagira abagabo bárihó
Ntā yígwa mu zîko ikūráyo inkóba zöse
Ntā zibâna zítagerána amahěmbe
Nyamubura ikimuhanura ni we nyamubura ikimuhamba
Nyamwānka iyó bivá yatútse umwămi w'înká
Nyamwīgēndáko ntárimíra impěshi
Nyené Imâna avūmbikīsha irěnga
Nyené Imâna yōkwăsamura hējuru y'ícōbo
Nyené amaguru yĭrukiye nyené umugisha
Nyené amâso yērekwa biké ibĭndi akîrābira
Nyené ibīntu ní we nyené ubúsa
Nyené imbúgitá ní uwuyífashe ikirĭndi
Nyené imbúgitá ní we nyené inyama
Nyené umupfú ní we amujá ahanûka
Nyina w'úmukŭngu ntávyiná nâbí
Nyina w'úmūntu ní gasâto gahishá amahere
Nyokorome akuruma amenyo akuzi
Nyokórome akuruma akúbona
Nzōbirya ngárutse yagûye inyuma y'íkibira
Nzōja i bwămi yarîye ivyā Nzīrimira
Sakírimi kibí yatânze umurozi gupfá
Sinabíkoze yakóze umugabo mw'īrúgu
Só akwănka akuraga ivyămunaniye
Sīndyá aka aba yárīye akăndi
Sīndyá aka ahinyuzwa n'úmusáse
Sōkwé Sōkwé irutwa na só araroga
Tura tugabane iruta icamburo
Ubugirigiri bugira babiri
Ubugâbá bw'úmugabo ní bwo búryo bwîwé
Ubugírigíri bugira babiri
Ubukurú ntíbukūrá ubukūngu
Ubukéne ní indwâra (ivūrwá igakíra)
Ubumwe butariho buteranywa n'inyama
Ubuméra ku mugina buhābwa umwămi
Ubunyegeri buyāgira kw'īgúfa
Ubunyegeri bwĭnshi ntíbwīmbá
Uburo bwinshi ntibuva umusururu
Uburîye umugabo ntíbubēshérwa umwâna
Uburŭndi bugona búri mâso
Ubusígo buhūmá ntíbubá buníni
Ubusĭmbi busāngíye amajānja ntíbuhishánya amajāmbo
Ubutûnzi bwūbaka urugó bwîbīkiye umuhoro
Ubwatsi burasha bukabisa ubundi
Ubwiza bw'imbwa ntibuyibuza kurya amavyi
Ubwâto bwītângiye bukira umuyaga
Ubwênge bukwănse buseruka ushâje
Ubwênge bukwănse būza mū nyuma
Ubwênge bw'índa ní ukuryá ukîhorera
Ubwênge bw'ŭmwe ní isáho itobótse
Ubwîzá bugukŭnze buja ku mutíma
Ubwîzá bukwănse buja ahó batabubóna
Ubwîzá bw'înká ní kubá imwé
Ubwătsi burashá bukabisa ubŭndi
Ubwīriza uwuryá ngo urānsaba
Ubwĭra bugacá ntíbugutĕranya n'încúti
Ubîka inzigo ntúzigáma irêmbo
Ubúmwe butarího butēranywa n'ínyama
Ubúro bwĭnshi ntíbuvá umusurúru
Ubúsa busūmba akamăramāza
Ubāna na Súnēbá ugasunēba nka wé
Ubēshera uwapfûye ugapfa nka wé
Ubītsa sōbukwé ukaba ukôye
Uca mw'īshāmba utāzí ugaca inkoni utāzí
Ucāna ubúsa ukēnyegeza intoke
Ufōra cāne ukavuna umuheto
Ugaya ahó ubá rikarēnga arího urí
Ugaya ubw'îfûni ukarâra umwâka
Ugona mw'irima ikivi kikaba kiraye
Ugona mw'īrima ikivi kikaba kírāye
Ugutsîtāra ní kwo kwīgirwa imbere
Ugutwi kw'impene kwumva kwokeje
Ugutwi kw'impene kwumvira mw'isafuriya
Ugēnda utábazá ugasāza utámenyé
Ugēndera mu makānda y'ínzovu ugakira urume
Uheza guhemuka ibigôri bikêra
Uhisha ubwări nyoko ntíwāráma
Uhishīra umurozi akakumarira abâna
Uhēra umurozi akaguhēkūra
Uja gukira urwimo arwima ururimi
Uja kumira igikoba asezerana n'umuhogo
Ukira umukêbá ntúkirá icó avyāyé
Ukora iciza ukagisanga imbere
Ukora icîzá ukagisānga imbere
Ukora inâbí ikagúherekeza
Ukuboko kumwe kuriyaga ntikwimara uburyi
Ukubóko kumwé kurîyaga ntíkwīmára ubúryi
Ukuri guca mu ziko ntigusha
Ukuri ntikuvugwa n'uwukuze kuvugwa n'uwukuzi
Ukurima ntíkubuzá ukurimārima
Ukurimira mū ndâré ní ukuzīnduka
Ukuvuga menshi si ko kuyamara
Ukwanka kw'inkono ni ukuva
Ukwîruka sí ko gushika amahóro
Ukwĭbarira ní kwo kubêsha
Ukwĭga ntíkubuzá ukwĭganyira
Ukó imvúra ikuvyé sí ko itwārá
Ukó so aguhăye umwâka ní ko uwuryá
Ukó zivugíjwe ní ko zitāmbwá
Ukúri guca mu zîko ntígushá
Ukúri gushirira mu kuyāga
Ukúri ntíkuvugá uwukúze kuvuga uwukûzi
Umanika agatu wicaye mu kukamanura ugahaguruka
Umanika agatu wîcaye mu kukamanura ugaháguruka
Umena ibānga rikakumena inda
Umubûranyi arahava icăbona kikahagwa
Umucúzi w'ímitíma ntíyayírīnganije
Umugabo aharítse ahorana Indûrú
Umugabo aheza kwubaka bamwubakiyeko
Umugabo aheza kwŭbaka bámwūbakiyéko
Umugabo ahāga amâzi ayîvōmeye
Umugabo akira iryó atēwé ntákirá iryó agēndána
Umugabo akwănse ntákwĭtēza ibibázo
Umugabo amira intóre ntámirá ijāmbo
Umugabo ananira abagabo ntánaníra akōbo
Umugabo anyāgirwa umubiri ntányāgírwa umutíma
Umugabo aravúga umugóre yavugá rukaba rúcītse itōngo
Umugabo asiga imbwá ntásigá umugayo
Umugabo asīmba akaziba ntásīmbá akaziri
Umugabo ata umugόre ntâtá umwâna
Umugabo atabwīrwá yĭkebeye inyama itarībwá
Umugabo atarí so akwībuka ahéjeje kuryá
Umugabo atēmba kw'īcúmu ntátēmbá kw'ījāmbo
Umugabo atīnya ingwe ntátīnyá iyamwînjiranye
Umugabo atūnga uwŭndi apfûye
Umugabo azimbirwa mu kaguriro agatonganya inzira
Umugabo gitó akubita umugóre wîwé
Umugabo iyo azogwa azinduka ajayo
Umugabo ntáhorá ararwāna aba akûmbuye gutêka
Umugabo ntápfīrá izûba rimwé
Umugabo ntátīnyá urukâmvye
Umugabo ntávūmbá inzóga avūmba ijāmbo
Umugabo ntíyīcwá n'ínzara yīcwa n'ínzigo
Umugabo ntāwé a(ra)gaya imbόga mu mapfá
Umugabo ní umwâna w'úwŭndi
Umugabo ní uwúrya akarâza
Umugabo ní uwŏrya akīshura
Umugabo umumwera ubwanwa bugaca akakumwera ubundi
Umugabo umwé agerwa kurí nyina ntágerwá ku mwămi
Umugabo umwé ntâcá urubănza
Umugabo w'îséma akubūra mu rutára
Umugabo w'îséma yōngeza umutsíma
Umugabo yīhīndukiza mu kirago ntíyīhîndukiza mw'ījāmbo
Umugaboijoro (ishāmba) atīnya icό vyărihūriyémwo
Umugáni ntûvá ku gíti uva ku mūntu
Umugáni ugānīra abarí kumwé
Umugére w'úmugóre uhīnda uhéra
Umugóre atānwa abâna ntátānwá ibigega
Umugóre gitó agutātira agúseguye
Umugóre ntárirîmba aba aríko aracúra intîmba
Umugóre ntásīmbá urugó aba agômba kurugwa inyuma
Umugóre ntâryá incîrá ní ko gucîra umugabo
Umugóre ní inkĭngi y'úrugó
Umugóre ní ndyāna n'úwějeje
Umugóre w'întárimá yōnsa isúka
Umugēnzi arakurutira incúti
Umugόre musāngira amáta ntímusāngíra amaté (amâzi)
Umugόre w'îséma abika umugabo
Umuhutu umuvura intonge bwaca ngo ingo twiruke
Umuhíni mushăsha utēra amabávu
Umuhúshatûnga w'úmugabo ahusha umugóre
Umuhĭgi arí kure ntávuná imbwá
Umuhĭnga wό kuryá arāra akáravye
Umuhόgo ntúmenyá ubwôro usara ibisára abagabo
Umukwé w'îsόni ahāmbwa abόna
Umukéne na nyina aramwânka
Umukényezi ní inkĭngi y'ítērambere
Umukěngesha w'ímpōngo ayihīgīsha iróbe
Umukŏbwa akura kwā sêbukwé ntákurá kwā sé
Umuntu akira umusazi ntakira umusavyi
Umuntu ntatinya imbwa atinya shebuja
Umunwa wanse ubwana umera ubwanwa
Umupfú ntáburá uwumúpfunya
Umuryâmbwá aba umwé agatukīsha umuryāngo
Umuryí wa cāne ahasha umusyi
Umuryāngo ntúbuzá umuryângo w'ínzu kuva
Umuryāngo uba ku muryângo
Umuryāngo ujá guhóna ubāndwa wöse
Umuryāngo umwé ntíwūríza umwămi umugwa
Umuryāngo uryānyé urarîka
Umuryāngo utaziríriza urazíma
Umusavyi w'ûrwânko agabana n'íngoga
Umusazi arasara akagwa kw'ījāmbo
Umusega (w'îmbwá) uryāna ugáramye
Umushikíriza w'ígitútsi ní we mutúkanyi
Umushitsi mwīzá arîzimāna
Umuségo utagoná nyoko ntíwīshîmirwa
Umusóre umuhana aváyo ntúmuhána ajáyo
Umusóre yōkurásira ntíyōgusabira
Umutavu wó mu kanwa uracá ntíbagarúra
Umutsíma w'Îmâna urya abarâmbije abarâmbiwe bátāshe
Umututsi umuvura amaso bwaca akayagukanurira
Umutwe umwe ntiwigira inama
Umutwé umwé ntíwīgîra inâma
Umutwé umwé wīfasha gusara ntíwīfásha gusaba
Umutwăre atwārira böse agatūngāniriza böse
Umutámiro w'ífūndi uhāza umuryāngo
Umutíma usobétse amagánya ntúsobânura ijāmbo
Umutāma ní ubúsa (asúze aba anêye)
Umutīndi atīnda ku mwônga abăndi bávōma
Umutīndi w'înká atuka uwayímutīje
Umuvyeyi agucira inkoni ndende akagukubita ngufi
Umuvyêyi agaba ukó ashāká
Umuvyêyi ahakurira ku rutaro akarīra ku rutoke
Umuvyêyi atarí nyoko agushīmira inda yā mbere
Umwana abisha mu kibuno ntabisha mu ntoke
Umwana ahetswe neza asohora ukuboko
Umwana arakunanira ari uwawe
Umwana atari uwawe abisha inkonda
Umwana murizi ntatorwa urutozi
Umwana w'isema aririra icibo ca se
Umworo ntaraguza aba agiye kuruhama
Umwâka w'ákănka ubúro burabûngwa
Umwâna ahora atînya ikára arítōye
Umwâna ahētswé nêzá asohora ukubόko
Umwâna akura i bŭse ntákurá i bŭnyina
Umwâna ananira sé ntánaníra sêntáre
Umwâna arahôngoka nyina akâsama
Umwâna arakunanira arí uwâwé
Umwâna arya inkóko nyina akayiruka amŏya
Umwâna iyó umuhăye umugóre umuhāna n'ítōngo arimámwo
Umwâna murizi ntátōrwá urutózi
Umwâna ntáhābwá ubugabo arabwîhá
Umwâna ntíyānká kwŏnka nyina ngo arwāye amahere
Umwâna umumwa imvānda akazōkumwa imví
Umwâna umurya imvānda akazōkurya imví
Umwâna uramúkūnda akarubīkira uwîwé
Umwâna urí buhēké ntúmwĭsha urume
Umwâna uzôhêka ntúmwĭcīsha urume
Umwâna w'íngwe ní yo ngwe
Umwâna w'ínkēnde apfa yûrira igíti
Umwâna w'îséma arirana umutsíma mū ntoke
Umwâna w'îsúre avūkana isūnzu
Umwâna w'úwŭndi akurya múyāga
Umwâna w'úwŭndi ugira ngo ingo turwāné ntúgirá ngo ingo ndagukubíte
Umwâna w'úwŭndi yīmba agúhisha ivú
Umwâna yānkwá ní we akurá
Umwânsi agucīra icōbo Imâna ikagucīra icānzo
Umwêrá uva i bukúru ugakwīra höse
Umwônga umwé wōnza inyoni
Umwānda uhera iyó wagîye ntúherá iyó wavûye
Umwămi ntíyīcá hīca Uburŭndi
Umwĭgeme akura iyό yagîye ntákurá iyό yavûye
Umwŭngere w'índa ntácūrá amahóro imĭsi yöse
Umúfa w'ímbwěbwe unyōbwa ugíshūshe
Umúswa urya umuhíni usótera isúka
Umúti w'îmbwá wāhwa ku rugó
Umūntu ahūnga urwîmo ntáhūngá urupfú
Umūntu akira icó abēshéwe ntákirá icó yībêsheye
Umūntu arasōnza akībuka n'ûbwó yahâye imbwá
Umūntu yīkora ku có afisé
Umŭsi wa rwό (Rusăke) ntíbiká
Urahora útyo ntâbá mu rugó rw'úwŭndi
Urazīnduka ntútāngá Rwūbá
Ureka kugarura impene ikiri hafi yamara kurenga imirambi ukabira nka yo
Ureka kugarura impéne ikíri hăfi yamará kurênga imirămbi ukābira nka yό
Ureka kurimira umwâna w'ínyoni uwâwé agasōnza
Urera nabi ugatukwa n'abakwe
Urera nâbí ugatukwa n'ábakwé
Urima bike ukimburira mu gipfunsi
Urima biké ukīmburira mu gipfŭnsi
Urima itiro ukimbura ingonera
Urima itíro ukīmbura ingonera
Urubúze inkwăre ruvūmbukana igihuna
Urubănza rugirwa n'ívyăbona
Urubănza rumwé rumara zibiri
Urubănza rw'íjoro ruca inkíma
Urubănza rwōnka umugabo ntírwōnká umugόre
Urugó rubuzé umugabo rubura umuhoro
Urugó rurímwo umugabo runywa amáta
Urugó rutagirá umugabo rutāha umugayo
Urugó rutagirá umugabo ruvuga umwâna
Urugămba rugīyé kěra ruhinyuza intwâri
Uruhănga rw'úmugabo rurarârīra rúsīnziriye
Urujá kuja i bwămi rubānza mu bagabo
Urukwavu rurakura rukonka umwana
Urukwâvu rurakúra rukōnka umwâna
Urukûndo rutarímwo umukûnzi ntírurāmbá
Urupfu rw'imbwa ni inyama
Urupfú rw'îmbwá ní inyama
Ururími ntírwōnzá umukŏbwa
Ururími rw'ŭmwe rukamwa ayěra
Uruturūmbwe ruca ku ruhîye
Uruvúze umugóre ruvuga umuhoro
Urwashikiye umugabo ntarwima umuniho
Urwica umusore ruragorobeza
Urya incuti ukinovora intuntu
Urya incúti ukīnovōra intŭntu
Urya nk'inka ugapfa nk'imbwa
Urímye ikibára hakamera inzúzi ntízibá arí izâwé
Urāmba cāne ukarīnda uruvyíno rw'îmbwá
Usaba Imâna y'úwŭndi ikaguha amahere
Useka umubânyi ukavyūka músa
Usāngira ibānga n'îmbwá ikarikwīza ibisáka
Uta agatōngo ataco kakugíze kagatuma ku kăndi ngo urāmpōra
Uta akarānga ukaba utâye ibānga
Uta umwūga ukaba utâye umwâna
Utamira umugēnzi arí kū nâma ukaba utámira umutānga
Uteka ubusa ukamira ubundi
Utera umugere igikere ukaba ucunguruje
Utinya ingwe ntutinya iyikwinjiranye
Uturuka buká ugatāha bunyama
Utwâwé ní utwó urāyé urîye
Utāmbira umwămi atagushăka akakwīta umusazi
Utēka ubúsa ukamira ubŭndi
Uvoma yanka avoma ibirohe
Uwabírimye sí we yabírīye
Uwagôwe aherekeza uwagôtse
Uwanka agakura abaga umutavu
Uwariye umwenda w'inkuba yamiza amaso mu kirere
Uwarâye nêzá aseka uwarâye nâbí
Uwatînye gupfá ntíyavûtse
Uwimbuye ikigega c'amagara ntabura ic'amasaka
Uwitera umworo amwereka mu kigega
Uwubwîra uwŭmva ntávuníka
Uwubândwa ní we abāndá urūgi
Uwubûndabūnda abonwa n'úwuhágaze
Uwubûranye ikinyóma aragítsīndanwa
Uwudásizé umwâna asiga umugáni
Uwufíse amâso ahēndwa biké
Uwufíse ikimuri ntáhakúrira hāsí
Uwufíse imbwá ntâtá igúfa
Uwugútānze mu cîbo agutānga intóre
Uwugutuje ni we aba akwambuye
Uwugômba isīmbo asīmba urugó
Uwugômba kugabana arazīnduka
Uwugôwe umuryāngo uramwākīra
Uwugúhanūra kurēndegera aba agúteze umushíbuká
Uwugúsavye umwūhīro aba agútaze umusêsekará
Uwugútānze gukáraba agutānga kubega
Uwuhágarikiwe n'íngwe aravōma
Uwuhána inzara arayirimira
Uwuhána umurozi amubītsa umwâna
Uwuhânzwe n'îsînzí ntásīnzîra
Uwuhâwe n'Îmâna atēkera bárorēra
Uwuhâwe n'Îmâna ntíyāmbúrwa n'úmuyaga
Uwuhâwe n'úmwămi acānira Uburŭndi búbona
Uwuhâwe n'úmwămi atēkera Uburŭndi búbona
Uwuhênzwe n'ágahêngwé acāna inkīnzo
Uwuhêtswe n'úmukêbá atēra agahînda insīmbizo
Uwuhôngera umwânsi amara inká
Uwujá gukíra icí aracûmbagira
Uwujá gukíra indwâra arayirāta
Uwujá gukíra urwîmo arwīma ururími
Uwujá gusíga imvúra arayirorēra
Uwujá gutûnga arima abagēnzi
Uwujá kubá mu Burŭndi agira amâso ntágirá amatwí
Uwujá kugaya ijāmbo arāba umunwa urivúze
Uwujá mu rugό rw'úwŭndi asiga ingeso kw'īrêmbo
Uwukêngurutse aba yôngeje
Uwukíze inkúba arayígānīra
Uwukíze isěmu yībagira icămwīrukana
Uwukíze ubusóre arabuganira
Uwukóma amashí ntákubítwa kū ntoke
Uwukúbita igishěgu arakijāniranya (arakirīndira)
Uwukúbita inkēnde ntárābíra iyiháka
Uwukúrusha umugóre akurusha urugó
Uwukúrāvye cāne agutēra kwāmbara
Uwukûnda amasabo arayaraga
Uwumáze umwâka aba arâmvye
Uwunyázwe n'ámagára ntákomôrerwa n'ábagabo
Uwuri munsi y'ijuru ntatinya imituragaro (imiravyo)
Uwurizi ni uwaryise ijambo
Uwurérewe n'Îmâna agira ngo arusha abăndi guhana
Uwurí hăfi y'úmuvyêyi ní we agabíra
Uwurí mū ntăhe arêzwa ntíyīyéza
Uwurí mūsí y'íjuru ntátīnyá imitúragaro
Uwurívuze mu gushēngera ntâbá agîye
Uwurúcīye mūsí (urugó) ntámenyá ikirúrimwó
Uwurûmbije umugόre ntásārûra umwâna
Uwushaka akeza aragahebera
Uwushaka umubira abira akuya
Uwushaka umuce acika ijoro
Uwushaka urume yisoba imbere
Uwushâka akêzá aragáhebera
Uwushâka inká aryāma nka zό
Uwushâka kukúrya ntáburá imbóga agukóza
Uwushâka umubíra abira akŭya
Uwushâka umucé acīka ijoro
Uwushâka urwâmo yēnga urwârwá
Uwusába Imâna ntásarágara
Uwusába agasákanyíka aranūkirwa akîhorera
Uwutaganiriye na se ntamenya ico sekuru yasize avuze
Uwutamiye ntatamure aba yaratamitswe
Uwutarigaramiye ntarigaragura
Uwutábusyá abwīta ubumera
Uwutábōnyé agasóhoka ntáboná akĭnjira
Uwutáco agirá ntáco agayá
Uwutágirá ubwôba aba atágirá ubwênge
Uwutágiríwe n'Îmâna ntíyīgírira
Uwutárahéra aba arahékenya
Uwutári bukuvúne yōkuva inyuma
Uwutárihό azigamirwa n'úmuryāngo
Uwutárāgēnda yīta umwâna Nzirakugēnda
Uwutáyāzé na sé ntámenyá umugáni wa sěkuru
Uwutânga nêzá atānga kabiri
Uwutâzí Uburŭndi aburūndwámwo
Uwutâzí akarâye arāza ifu
Uwutâzí imĭsi arāta urugó
Uwutâzí inzira yazanánye ahanwa n'ámayirábiri
Uwutâzí ubwênge ashīma ubwîwé
Uwutâzí umukŭngu yīma umwâna
Uwutâzí umwânsi ashīma inda
Uwutâzí umwânsi asīga umubiri
Uwutéma urwîwé umutīza umuhoro
Uwutîcâniye ntárahúrira uwŭndi
Uwutônganye n'úmuriro arya bibísi
Uwutôsōra ifúku yāmiza agáti (akătsi) mu jîsho
Uwutăkurīye imvānda ntŭkamurye imví
Uwuvôma yânka avōma ibiróhe
Uwó bukubíye akubira umukúbi
Uwó bwăhamye ahamiriza arí umwé (wênyéne)
Uwó ivyâgo vyāgíye n'ívyătsi ntíbimubísa inzira
Uwó izá guhá iramusahurira
Uwó izá guhá ntímugeréraniriza
Uwó utabōnyé ku rupfú rwā só ntúmubóna ibigôri vyêze
Uwó wakíjije ní we akwĭca
Uwúca umugáni ntátarámura umwâna
Uwúca urubănza rw'ábavândímwe ararárama
Uwămbaye ikirézi ntáboná kό cērá
Uwămbuwe n'ûwâzí ntâtá ingáta
Uwămye akúruta akurusha n'îmvá
Uwănka (Uwutâzí) agakúra abāga (aniga) umutavu
Uwănka abagabo asiga bágabura
Uwănka amazímwe abāndwa hábona
Uwănka kugâmbararirwa atuma uwukúze
Uwănse kwŭmva ntíyănse kubóna
Uwěrekeye iryá aba ahénye
Uwĭgize igikútso bamuyōza amasé
Uwĭkīngirije umwămi arasa uwó ashāká
Uwĭshwe n'ûwîwé ntárirírwa
Uwĭtara kubá igihuna ahunikira búkēye
Uwĭtēra umwôro amwēreka mu kigega
Uwŏhōra imbwá gusútama yōzimara zöse
Uyāgira urupfú uwutărubōnye ukaba uménye ibānga
Vyerera umwaka ntivyerera inzara
Vyĭnshi bibí birutwa na bíke vyīzá
Wanka bangwe ntiwanka zana ndabe
Wicarana n'umugabo ukahakura ijambo, wicarana n'imbwa ukahakura imbaragasa
Wikanira umugisha w'uwundi ukanya ibuye
Wānka bāngwé ntíwānká zana ndābé
Wānka gutâmbana imví ukazívūmbana
Wānka kugaburira umushitsi ukaba ugôtse
Wānka kurimana imví ukazisēgana
Wānka kurimira kure ukahasumira
Wība uhêtse ukabwīriza uwúri mu mugôngo
Wīrukana umugóre ngo aguguna igúfa ukāzana uwurímira miyônzwá
Wītaba kare ugatumwa kure
Zigaya uwo zisanze kw'iriba