KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi
 

       

Hari uburyo bune mushobora gukoresha mu guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi:

  1. Intererano y'ivyiyumviro  
  2. Intererano y'ivyo dushirako  
  3. Intererano y'ukumenyekanisha ikirundi ku ngurukanabumenyi  
  4. Intererano y'amafaranga  

  Intererano y'ivyiyumviro


Mugize ivyo mubona bimeze neza mwobitumenyesha kugira mudutere intege tunarushirizeho gukora neza kurushaho.

Mugize ivyo munegura mwobitumenyesha kugira ngo bibaye ngombwa tugire ico tubikozeko.


  Intererano y'ivyo dushirako


Niba hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), twandikire (This email address is being protected from spambots. You need JavaScript enabled to view it.) canke uduhamagare (+61469365309) tubiganire.


  Intererano y'ukumenyekanisha ikirundi ku ngurukanabumenyi


Urashobora gufasha uyu mugambi mu kubimenyesha abandi, nko mu ma groupes ya WhatsApp, kuri Facebook,...


  Intererano y'amafaranga


Agatererano kawe kazokoreshwa mu guteza imbere uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Hari uburyo butatu wokoresha mu kuduterera:

 

Commonwealth Bank of Australia


Urashobora kuturungikira intererano yawe ku nomero ya konte ikurikira:
BSB: 064117
A/C: 10305702

PayPal


Urashobora kuturungikira intererano yawe ukoresheje uburyo bwa PayPal. Fyonda aho handitse Donate hanyuma ukoreshe ikonte ya PayPal canke ikarata ya banke yitwa Credit Card mu congeleza:

EcoCash / LumiCash [Burundi]


Ushaka guterera mu mafaranga y'amarundi ukoresheje Ecocash canke Lumicash wotwandikira (This email address is being protected from spambots. You need JavaScript enabled to view it.) canke ukaduhamagara (+61469365309) kugira tuguhe inomero za Ecocash canke Lumicash wokoresha.
KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 34 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...