KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi


Tukiri bato mawe
Waraturungika mu Mugamba
Kwiga imico kavukire
No kuramutsa incuti

Ndakumbuye
Mama wo kwa Mutama
Hamwe na Nibogora

Ndakumbuye
Mama wo kwa Mutama
Hamwe na Nibogora

Akira mwana ico cansi c'amata
Usomeze uwo mutsima
Handiho ntuzokura
Wishinga imvuzo hamwe n'intete

None ehe raba twarakuze
Dushwibagiye mu gahinga
Ese ukubura akaryo
Mbega tuzosubira ryari

Ndakumbuye
Mama wo kwa Mutama
Hamwe na Nibogora

Ndakumbuye
Mama wo kwa Mutama
Hamwe na Nibogora

Ububiligi ni uruja n'uruza
Hari indya z'ubwoko bwose
Narasumye amateke
Ndabura imvuzo haba n'intete

Ariko sindahebura
Ndabituye Imana
Umusi uri izina
Ni kabiri na rimwe tubonane

Ndakumbuye
Mama wo kwa Mutama
Hamwe na Nibogora

Ndakumbuye
Mama wo kwa Mutama
Hamwe na Nibogora

Ejo ukabona ndagarutse
Nzoheza ndakurwe mu nda
Sinze nsubira inyuma
Ntariye imvuzo hamwe n'intete

Mama wo kwa Mutama
Hamwe na Nibogora

Ndakumbuye
Mama wo kwa Mutama
Hamwe na Nibogora

Akira mwana ico cansi c'amata
Usomeze uwo mutsima
Handiho ntuzokura
Wishinga imvuzo hamwe n'intete

Mama wo kwa Mutama
Hamwe na Nibogora

Ndakumbuye
Mama wo kwa Mutama
Hamwe na Nibogora

Ndakumbuye


Bahaga
Umuririmvyi
Burikukiye Prosper [BAHAGA]

INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO

INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO

Agahogo k'Abarundi
Indirimbo zo mu Rwanda (Inyarwanda)
Indirimbo zo muri Tanzania (Bongo Flava)
Izindi ndirimbo
*Lyrics = Amajambo y'indirimbo
Kurondera indirimbo

Mu kurondera indirimbo canke umuririmvyi rukana, wandika ijambo wibaza ko riri mu mutwe w'indirimbo urondera canke izina ry'umuririmvyi aho handitse «Rondera indirimbo ....», hanyuma ugaca ufyonda ku kamenyetso ko kurondera.

ITEGEREZE NEZA

Mu kurondera si ngombwa ngo wandike ijambo ryose. Urashobora kwandika agace (itsitso) kari mw'ijambo urondera.

Akarorero: Nk'ubu ushatse kurondera indirimbo zerekeye ijambo umukobwa, ha kwandika umukobwa andika gusa kobwa, duca tukurondera indirimbo zirimwo umukobwa, abakobwa, bakobwa, mukobwa, ... ⇒ Mukobwa ndagowe, Gakoni k'abakobwa, Bakobwa b'i Kigali, ...

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 69 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...