KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi


Yewe jewe naragowe
Yewe jewe naragowe

Eee nanje ngo naravutse
Ndaheza mvukira urwimo
Nagize ngo ndakura
Ikigoyi kiratera
Abantu barahona

Narambaje Kiranga
Narasenze Rugiravyose
Ndasaba amaragamo
Ndasaba gukira ibiza
Ese ayo niboneye

Urumva nta magorwa jewe ntagowe
Muri aya mahanga y'Uburundi bwa Nyaburunga

Urumva nta magorwa jewe ntagowe
Muri aya mahanga y'Uburundi bwa Nyaburunga

Dawe akancira agace
Eka na mawe akambarira
Uheze uzire umuziro
Ntukigere uyaga abiri
Yo kuri ino ngoma

Bwarakeye ntera imbere
Narahuye n'abashengeye
Turayaga turaseka
Nkama ngira ngo ni rwo rukundo
Buraca barangura

Urumva nta magorwa jewe ntagowe
Muri aya mahanga y'Uburundi bwa Nyaburunga

Urumva nta magorwa jewe ntagowe
Muri aya mahanga y'Uburundi bwa Nyaburunga

Barundi, Barundikazi
Abataravuka bazokwumva ivyabaye mu kinjana ca 20 nk'umugani.
Yamara ibinyamakuru n'amaradiyo bizobamenyesha yuko ibara ryaguye.

Iyobobobobooooo
Iyobobobobooooo
Iyobobobobobobo

Uwahoze ngo ari pfampfe
Ni we yabaye umwansi rutura
Urumva rero se bane
Ntimuzobone ayo nabonye
Birahama mu kuzimu

Urumva nta magorwa jewe ntagowe
Muri aya mahanga y'Uburundi bwa Nyaburunga

Urumva nta magorwa jewe ntagowe
Muri aya mahanga y'Uburundi bwa Nyaburunga


Bahaga
Umuririmvyi
Burikukiye Prosper [BAHAGA]
Ikinjana ca 20

INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO

INDIRIMBO ZO HIRYA NO HINO

Agahogo k'Abarundi
Indirimbo zo mu Rwanda (Inyarwanda)
Indirimbo zo muri Tanzania (Bongo Flava)
Izindi ndirimbo
*Lyrics = Amajambo y'indirimbo
Kurondera indirimbo

Mu kurondera indirimbo canke umuririmvyi rukana, wandika ijambo wibaza ko riri mu mutwe w'indirimbo urondera canke izina ry'umuririmvyi aho handitse «Rondera indirimbo ....», hanyuma ugaca ufyonda ku kamenyetso ko kurondera.

ITEGEREZE NEZA

Mu kurondera si ngombwa ngo wandike ijambo ryose. Urashobora kwandika agace (itsitso) kari mw'ijambo urondera.

Akarorero: Nk'ubu ushatse kurondera indirimbo zerekeye ijambo umukobwa, ha kwandika umukobwa andika gusa kobwa, duca tukurondera indirimbo zirimwo umukobwa, abakobwa, bakobwa, mukobwa, ... ⇒ Mukobwa ndagowe, Gakoni k'abakobwa, Bakobwa b'i Kigali, ...

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 109 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...