KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

Iryapfunditwe
Ivyo ari vyo vyose
Insiguro canke imvo
Mu ryungane amajambo yose arandikwa.

Muramenye:
Iyo ako kajambo ivyo ari ins. nsanisha, ijwi o risubirirwa n'agakwabu ko hejuru (apostrophe) imbere y'ijwi rivuga.

Uturorero:
  • Ivy'aha vyama mu nzira.
    Ivy'abakuru birubahwa.
No ku zindi nsigarirazina nsanisha ni hamwe:
  • Ak'imuhana kaza imvura ihise.
    Iz'umutware ziratashe.
    Ab'ino ni ko bameze.
Iryapfunditwe
Yohani yari aguye
Insiguro canke imvo
Umugwi wa mbere w'amazina ufise inyitangizo rukozi A. Abavuga yari iguye barahuba kuko basimba ijwi rya kabiri aho gusimba irya mbere.
Iryapfunditwe
  1. bajanye
  2. vyajanye
  3. vyaguye
Insiguro canke imvo
Inyitangizo rukozi y’umugwi wa kabiri w’amazina ni ba-, igihe ata gikoko canke ikintu kirimwo. Muri ico gihe ica iba bi-.
Iryapfunditwe
    1. serugo, nyokuru,
      marume, sowanyu,
      mwenewacu, datawacu,
      karumunake, etc.
    2. inka–muntu
      umwana–mugabo
    3. inka y'irembo
      inkono y'itabi
    4. somambike
      igisoromandandura
    5. ikibonamaso
      amayirabiri
    6. umunyabwoba
      umwenengwe
    1. Maguru ya Nyarwari
      Rukundo rwa Ntare
    2. Rutegeramisi
      Kibikizozejo
      Ndayamutaye
    3. Rufuku rwafukuye Uburundi
      Kivumu kitari ikivumuvumu
Insiguro canke imvo
    1. Amazina y'ubucuti yandikwa mw'ijambo rimwe.
    2. Ayo mazina atandukanywa n'agakwego.
    3. Ayo mazina yandikwa mu majambo atatu
    4. Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe.
    5. Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe.
    6. Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe.
    1. Ayo mazina yandikwa mu majambo atatu.
    2. Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe.
    3. Iryo zina riraheza rikandikwa ukwaryo, ayandi majambo na yo akandikwa ibisanzwe
Iryapfunditwe
    1. nyenigihugu
      nyeningoma
      nyenurugo
      nyeninzu
      nyenicubahiro
    2. nyene kurima
      nyene vyo
      nyene ho
    1. mwene senge
      mwene nyinabo
    2. mwene Nteturuye
Insiguro canke imvo
    1. Vyandikwa mw'ijambo rimwe.
    2. Vyandikwa mu majambo abiri.
    1. Vyandikwa mu majambo abiri.
    2. Vyandikwa mu majambo abiri.
Iryapfunditwe
Vyose birashoboka. Mw'isomerwa umunyeshure azokwandika ico yumvise.
Insiguro canke imvo
Abarundi babivuga vyose.
Iryapfunditwe
  1. mu kubikora
    mu kunebwa
  2. Yuriye ku nzu
    Yinjiye mu nzu
  3. Kw'ishami
    Ku nzu
Insiguro canke imvo
  • A, B:
    ku na mu ni utujambo twisangije ubwoko, tudakwiye gufatana n'ijambo turongoye.
  1. Kwandika ukurikije imvugo y'Abarundi.
Iryapfunditwe
mu ko
Insiguro canke imvo
Iyi sahwanya igizwe na zibiri: mu + ko. Ni hamwe na: mu kubikora, ko ndabikora.
Iryapfunditwe
  1. I muhira
    Iruhande
    Imbere
    Inyuma
  2. I Bujumbura
  3. haruguru
    hambavu
    hambere
    hanyuma
  4. iwanje
    ukwiwe
  5. ha gupfa wozanzama
    ha kurya wonywa
Insiguro canke imvo
  • A, B, C:
    Indongorazina i na ha zirongoye izina, vyandikwa mw'ijambo rimwe, kiretse iyo zirongoye izina ry'uruharo, no mw'ijambo i muhira. Muri iryo jambo hari aho batanavuga iyo ndongorazina. Ahandi hose izo ndongorazina zihindura amazina mu ntumbuzi.
  1. Indongorazina iri muri satunga birafatana.
  1. ha = hako.
    Ni sahwanya.
Iryapfunditwe
  1. nayo
  2. naho
  3. nako
  4. noneho
Insiguro canke imvo
Ayo majambo yose ni za sahwanya. Uduce ho, ko, yo nta co dusigura.
Iryapfunditwe
  1. n'aho
  2. n'iyo
Insiguro canke imvo
Ng'aha sahwanya zigizwe na zindi zibiri: n'aho = na + aho, n'iyo = na + iyo.
Iryapfunditwe
na ho
Insiguro canke imvo
na = sahwanya ho = ins. muv. ngufi.
Iryapfunditwe
ku wa mbere
uwa mbere
uwa nyuma
Insiguro canke imvo
Akajambo kerekana igiharuro mbere kaja ukwako, akerekana umurongo wa, uwa gutyo, indongorazina ku gutyo nyene.
Iryapfunditwe
Jeho, tweho, weho,
yemwe, yewe, ewe,
emwe, hemwe, hewe
Insiguro canke imvo
Utwo duce nta bwoko twisangije, twunga ins. muv.
Iryapfunditwe
  1. jenyene = nta we turi kumwe
  2. je nyene = jewe nyene
  3. bonyene = nta we bari kumwe
  4. bo nyene = bobo nyene
Insiguro canke imvo
Ins. muv. ngufi zirongora agace nyene birafatana, kiretse zikoreshejwe mu kibanza c'ins. muvugwa ndende.
Iryapfunditwe
  1. ngo ego
    ngo uyu muntu
  2. kugira ngo aze
  3. uko aje
  4. ko ushitse
Insiguro canke imvo
Ijwi o rihereza sahwanya zimwe zimwe ngo, kugira ngo, ko, uko, yuko rikurikiwe n'ijwi rivuga ritangura irindi jambo, n'aho ritavugwa rirandikwa.
Iryapfunditwe
  1. Ni umuntu
    Si umuntu
  2. Abenshi ni ko bavuga
    Abenshi si ko bavuga
    Ego ni ko
    Oya si ko
  3. avuga ko
  4. ni ko
  5. Ni uko batevye mba ngiye
  6. Ni uko mukunzi muhire
    Ni uko Bakame rukagenda
    Ego ni uko
    Oya si uko
  7. Ivyo ni vyo mvuga
    Ivyo si vyo mvuga
    Iyo ni yo mvo
    Iyo si yo mvo
Insiguro canke imvo
Inshozi ni na si ni utujambo turi ukwatwo, kamwe kakaba inyemezi akandi impakanyi. Utwo tujambo dutegerezwa kuguma ukwatwo kuko dushobora gusubirira amavuga mu mungane atagira amavuga. Intumbuzi y'ukwemera ko ikurikiye irivuga canke inshozi biratandukana.
Iryapfunditwe
Nimwinjire
Ntimwinjire
Sindabishaka
Insiguro canke imvo
Igihe utujambo ni na si ari imenyetso nyemezi canke mpakanyi z'irivuga, duca dufatana n'iryo rivuga.
Iryapfunditwe
Ng'uyu
Ng'abariya
Insiguro canke imvo
Inshozi ng iguma ukwayo kuko n'aho yama ifatanye n'ins. rugena, yisangije ubwoko.
Iryapfunditwe
Ata cigeze
Nta cigeze
Nta wurya akatamugoye
Insiguro canke imvo
Utugetugetu tw'uguhakana nta na ata tuja ukwatwo kuko ari amajambo yisangije ubwoko
Iryapfunditwe
Kugira ngo
Insiguro canke imvo
Iyo sahwanya igizwe na zibiri: kugira na ngo
Iryapfunditwe
  1. nk'ûkó
  2. nk'ǔko
Insiguro canke imvo
  1. Iyi sahwanya igizwe na zindi zibiri: nka na uko.
  2. Aya majambo ni abiri, rimwe ni sahwanya, irindi ni ins. rugena yubakiwe ku ndongorazina
Iryapfunditwe
yuko
Insiguro canke imvo
Sahwanya ni yuko kuko y ntiyoba insanisha.
Iryapfunditwe
Uwo ari we wese
Ico ari co cose
Insiguro canke imvo
Ijwi o rihereza ins. rugena irongoye irivuga -ri rirandikwa.
Iryapfunditwe
Nzoza ejo
Insiguro canke imvo
Irivuga ritegerezwa kwirebanga.
Iryapfunditwe
  1. ejobundi
  2. Hirya y'ejo
Insiguro canke imvo
  1. Iyo ntumbuzi yandikwa mw'ijambo rimwe
  2. Iyo ntumbuzi igizwe n'amajambo abiri afatanijwe n'insanisha.
Iryapfunditwe
  1. ciwanje = canje
  2. c'îwânjé = c'i muhira
Insiguro canke imvo
Bivana n'ico bashaka kuvuga
canje = /ki-a-nje/
ciwanje = /ki-a-iwa-nje/
c'îwânjé = /ki-a-i-iwa-nje/
Iryapfunditwe
nanje, nkanje,
na je, nka je,
na bo, nka bo,
na vyo, nka vyo,
na co, nka co
Insiguro canke imvo
Insigarirazina muvugwa ngufi zikurikiye sahwanya na na nka biratandukana, kiretse kuri nanje na nkanje kubera ko iyo nje itabaho yonyene.
Iryapfunditwe
Sinzi ko nzoza ejo.
Bavuga ko babizi.
Insiguro canke imvo
Iyi sahwanya ko bayandika ukwayo, ishobora gusubirira yuko.
Iryapfunditwe
nako
nkako
Insiguro canke imvo
Vyandikwa mw'ijambo rimwe kuko ko nta bwoko kisangije.
Nako umengo araje.
Kukaba nkako
.
Iryapfunditwe
  1. shirako,
    shirayo,
    shiramwo,
    shiraho,

    hariyo,
    hariho,
    harimwo,
    hariko,

    mfisemwo,
    mfiseho,
    mfiseko,
    mfiseyo.
  2. Bihereze Imana.
    Bihereze yo.

    Shira ka kayabu kandi urabe yuko wahaye ko.

    Ubwo badodoye ho?
Insiguro canke imvo
  1. Izi ntumbuzi uko ari zine: ko, ho, yo, mwo zikurikiye irivuga zitegerezwa gufatana na ryo.
  2. Igihe utujambo ko, ho, yo ari ins. muv. ngufi, twandikwa ukwatwo.
Iryapfunditwe
Uriko urarima
Twariko turiga
Insiguro canke imvo
Irivuga ri iyo ari mperekeze, rirafatana n'agace ko.
Iryapfunditwe
canecane
bukebuke
buhorobuhoro
Insiguro canke imvo
Ayo majambo yandikwa mw'ijambo rimwe.

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 142 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...