KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

Inama nkarishabwenge igira gatatu y’abigisha ikirundi mu mashure yisumbuye yabereye i Bujumbura kuva ku wa 29 Myandagaro gushika ku wa 2 Nyakanga 1983, yari yatumiye n’abigisha ikirundi kuri Kaminuza y’Uburundi hamwe n’abashingwakirundi bo mu biro vy’Indero Kavukire (B.E.R.).

Iyo nama yarihweje ingorane nkurunkuru zerekeye inyandiko y’ikirundi, yongera iratorera umuti izitari nke. Ingingo zapfunditswe n'iyo nama, ni zo twashaka kubashikiriza muri aka gatabu.

Ico twoba turabwira co, ni uko abari muri iyo nama bagiye biyumvikaniye ko bazoba barakurikije izo ngingo, igihe Reta itazoba irashinga inyandiko y'ikirundi yemewe n'igihugu cose.

Kukaba nka ko, mu mashure yisumbuye, gushika ubu nta vyigwa vy'isomerwa vyatangwa, kandi abigisha ntibitaho bikwiye ibintu bijanye n'inyandiko y'ikirundi, cane cane ivyigwa vy'ukuryohora ikirundi mu nyandiko n'ivy'indimburo.

N'ibitabu abanyeshure bakoresha, kenshi na kenshi amajambo ntaba yanditswe kumwe n'aho yoba yanditswe n'umuntu umwe, bigatuma anayeshure bakengera ururimi rwabo rw'amavukiro, gushika aho bamwe mbere bavuga ngo nta mategeko y'inyubako rufise, canke ngo nta nyandiko imwe ishoboka.

Ni co gituma aka gatabu abigisha benshi bakipfuza ko kobashikira, mbere benshi bakabitwandikira. Twari twarindiriye kukarungikana n'ivyigwa vy'inyandiko (amasomerwa), ariko kubera ko benshi basavye ko twokarungika mu maguru masha, ivyo vyigwa tuzobirungika ukwavyo hanyuma.

Hari abazoca batangazwa no kubona aka gatabu katagiramwo utwatuzo. Na vyo nyene vyavuye ku mwumvikano w'iyo nama. Utwatuzo tuzokoreshwa Reta niyatwemeza ikerekana n'udutegerezwa gukoreshwa mu nyandiko. Mugabo mu vyigwa vy'indimburo bazokoresha utwahahora, ni ukuvuga udusanzwe turi mu gitabu ca patiri NTAHOKAJA c'Indimburo y'Ikirundi.

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 184 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...