KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

Mu rurimi rw'ikirundi haracariho utugorane tumwe tumwe tujanye n'ingene ikirundi candikwa. Iyo wihweje inyandiko ziri mu rurimi rw'ikirundi urasangamwo amakosa menshi, amwe agaterwa n'ukwihenda, ayandi na yo agaterwa n'ukutamenya canke ukwirengagiza «amategeko agenga ukwandika neza ikirundi».

Uturorero

Aya mungane akurikira arimwo amakosa mu nyandiko!

 

1. Ndakumbuye hariya iwacu m'Uburundi iyonakuriye.

2. IGIKONYOZI n'imbeho nyinshi cane ishobora kwonona ibiterwa iryana no ku mubiri. [ ]


Raba ingene ayo mungane yandikwa dukosoye amakosa arimwo:

 

1. Ndakumbuye hariya iwacu mu Burundi iyo nakuriye.

2. IGIKONYOZI ni imbeho nyinshi cane ishobora kwonona ibiterwa iryana no ku mubiri.

 

Inyandiko y'ikirundi

Mu ntumbero yo gukomeza umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi wo gutororokanya inyigisho zitandukanye zofasha mu guteza imbere ururimi rw'ikirundi hamwe n'imico kama n'imigenzo myiza vy'Abarundi, twashaka tubashikirize ivyavuye mu

"nama nkarishabwenge igira gatatu y'abigisha ikirundi mu mashule yisumbuye yabereye i Bujumbura kuva ku wa 29 Myandagaro gushika ku wa 2 Nyakanga 1983, yari yatumiye n'abigisha ikirundi kuri Kaminuza y'Uburundi hamwe n'abashingwakirundi bo mu biro vy'Indero Kavukire (B.E.R.). Iyo nama yarihweje ingorane nkurunkuru zerekeye inyandiko y'ikirundi, yongera iratorera umuti izitari nke." [ ]



Gukenguruka

Tuboneyeho kano karyo kandi ngo twongere gushimira abo bose bakora uko bashoboye ngo bateze imbere canke bigishe uru rurimi rwacu rw'ikirundi. Ni benshi cane. Muri abo harimwo uwitwa NTIBITANGIRA Philbert, na we nyene akaba yarashize iyi nyandiko ku rubuga rwa 'Wikipedia': Inyandiko y'Ikirundi: Ingorane nkurunkuru.

 Iterambere ry'igihugu rivana n'iterambere ry'ururimi rwaco.  
NTIBITANGIRA Philbert
KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 54 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...