KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi
Ingereka-nsigarirazina ni ijambo rirangura izina batarinze kuvuga iryo zina, maze rigasangira inyitangizo n'iryo zina rirangura.

Uturorero:

  • Benshi baramaze kumenya akamaro ko kunywa amazi meza. (Abantu benshi)
  • Indwara zimwe zicumbika mu rura rutoyi, izindi zikaka indaro mu rukuru. (Urura rukuru)
  • Ayo mabi ni yo unyoye kandi atera indwara? (Amazi mabi)

Muri ayo mungane, amajambo benshi, rukuru, mabi asangiye inyitangizo n'amazina arangura, naho ayo mazina atavuzwe.

Kubera ko ayo majambo asigariye amazina, ni insigarirazina.

Ni co gituma tuyita ingereka-nsigarirazina


Aho twabikuye
Indimburo y'ikirundi
UBUSHIKIRANGANJI BW'INDERO
IBIRO VYASHINZWE INYIGISHO
MU MASHURE YISUMBUYE
B.P. 2990
BUJUMBURA

INDIMBURO Y'IKIRUNDI

BUJUMBURA,
NZERO, 1984
Umugwi w'ábashîngwakírŭndi
wó mu biro vyăshīnzwe
inyígīsho mu mashŭre yīsûmbuye.

Ibindi twifashishije
  1. IBINJANA
  2. Inyandiko ya NTIBITANGIRA Philbert iri kuri 'Wikipedia': Ikirundi

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 59 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...