Abo umwami yahaye amata ni bo bamwimye amatwi
Agakecuru ntigatambikiza kaba kiziga umubariro
Agatu gatekeye amahwa karimena
Akagabo gahimba akandi kataraza
Akosho kosha imbwa kwima katazoyivutira
Amatwi y'impene yumvira mw'isafuriya
Amazinda y'ikinombe ahera imvura iguye
Amenyo atwenga ubusize ari yo yamaze imbuto
Guheka uwutisimbiza biravuna
Ha kunigwa n'ijambo wonigwa n'uwo uribwiye
Ibifise imitwe kubiri bigira n'imirizo kubiri
Ibirenge bija imbu mu kuja imbere
Ibitwenza abana vyiriza abavyeyi ku zuba
Icāvu kirí hăfi gitēra urunyāgāga
Igishika ca cane ntikivyaza umuhungu
Igufa ryumira mw'ikoma ari irya nyene imbwa
Ihwa rya mukeba riraguhanda ryaraboze
Imana ya mwene so si yo ya mwene nyoko
Imbarágasa y'ïséma yurira umurŭndi w'ínkokó
Imbwa ntigaya iba irindiriye ko bihora
Inda y'umworo iboneka agasamo
Inera ibegerwa ku bwayo igakura ubwatsi
Ingambiri y'umwungu ijana uruguma mu nkono
Ingeso y'uwundi ntiyubaka urugo
Inkware iramvye itora mw'itongo ry'uwayihiga
Intibagira ntirera impfuvyi
Inyama y'uwudahari ntibura
Inyo y'inkoko uyerekwa n'umuyaga
Inyoni nyôro ntítōrá mu gahôgo
Iyavyâye amashūri iyīcūnguza amarāgo
Iyimiye ahabona ibonwa na bose
Iyivyagiye kera ivyagurukana irago
Iyo ubonye imbwa hejuru ku giti umenya ko hari uwayurije
Iyo ubonye inkuba irabije ntukagire ngo mara abansi n'umukunzi irajana
Kanka mu jisho ntikanka mu kanwa
Kaza ari gato kakakurariza umwana ubusa
Kunyara ingenda si ko gushika amahoro
N'umunyi wo ku nzira baramuvura
Ntā wumára inyó mu kizinú
Nta murozi yabuze umukaravya
Nta wuraba aho nyina anywera umuti
Nta yicibwa amahembe ibuze ico yakwa
Nyokorome akuruma amenyo akuzi
Tura tugabane iruta icamburo
Ubwiza bw'imbwa ntibuyibuza kurya amavyi
Ugutwi kw'impene kwumva kwokeje
Ugutwi kw'impene kwumvira mw'isafuriya
Uja kumira igikoba asezerana n'umuhogo
Ukuri ntikuvugwa n'uwukuze kuvugwa n'uwukuzi
Ukwanka kw'inkono ni ukuva
Umugabo aheza kwubaka bamwubakiyeko
Umugabo azimbirwa mu kaguriro agatonganya inzira
Umugabo iyo azogwa azinduka ajayo
Umuhutu umuvura intonge bwaca ngo ingo twiruke
Umuntu akira umusazi ntakira umusavyi
Umuntu ntatinya imbwa atinya shebuja
Umunwa wanse ubwana umera ubwanwa
Umututsi umuvura amaso bwaca akayagukanurira
Umwana abisha mu kibuno ntabisha mu ntoke
Umwana ahetswe neza asohora ukuboko
Umwana atari uwawe abisha inkonda
Umwana murizi ntatorwa urutozi
Umwana w'isema aririra icibo ca se
Urupfu rw'imbwa ni inyama
Urwashikiye umugabo ntarwima umuniho
Urwica umusore ruragorobeza
Utera umugere igikere ukaba ucunguruje
Uwariye umwenda w'inkuba yamiza amaso mu kirere
Uwugútānze mu cîbo agutānga intóre
Uwugutuje ni we aba akwambuye
Uwurizi ni uwaryise ijambo
Uwushaka urume yisoba imbere
Uwutaganiriye na se ntamenya ico sekuru yasize avuze
Uwutarigaramiye ntarigaragura
Vyerera umwaka ntivyerera inzara
Wicarana n'umugabo ukahakura ijambo, wicarana n'imbwa ukahakura imbaragasa
Wikanira umugisha w'uwundi ukanya ibuye