Iki gicé si icó kwĭgīsha imvúgo kukó Abarŭndi böse ntibavuga amajāmbo yöse kumwé. Akarorero: Hari abavúga umugóre abăndi na bó bakavuga umugoré. Emmanuel Nkēngurutse Mr N yatégūye iyi nyandiko avuga umugoré.
Rēró intūmbēro y'ĭki gicé ni ukwĭgīsha utwâtuzo kugíra abāntu bamenyé ingéne bōkwāndíka ivyó būmvîse ku buryó umūntu abísomye yōbivugá nk'úwabívuze ubwā mbere.
Amajāmbo 9 y'îshímikiro mu kwătura
Abāntu bafise uburyó butāndúkānye bakorêsha mu kwĭga cânké kwĭgīsha utwâtuzo. Bumwé murí ubwo buryó ni ugukórēsha amajāmbo 9 y'îshimikiro mu kwătura.
Ijāmbo | Agace k'îshímikiro | Utŭndi turorero |
---|---|---|
umugabo | gabo | amaguru, ibarabara, ibiharage, amateke, umutamana |
umutāma | tāma | umūntu, cāne, umurōngo, ishūri, ikīntu, ingōna |
umwâna | âna | Imâna, urwâmo, urwânko, iryînyo, ijîsho, urûzi, inkôna, inzêgo |
umwămi | ămi | ităbi, ivyămwa, icănsi, imănza, inzămba, umuzŭngu |
umusóre | sóre | ishámi, itára, imbého, umutóbe, inkóno, inzóbe |
umugoré | goré | umutwé, indomé, umugeré |
böse | böse | bömpi, twëse, twëmpi |
nêzá | nêzá | cânké, imêndé, inkôré |
nīndé | nīndé | tōyí, cānké, ēgó, kēzá, vyīzá |
Amajāmbo marēmare
Iyó urikó urâtura amajāmbo marēmare urahéza ukātura agacé kamwê kamwé ufátiye kurí aryá majāmbo 9 y'îshímikiro.
Uturorero:
ikirundi:
- iki => iki (gabo)
- rundi => rŭndi (ămi)
- ikirŭndi
umushingantahe:
- umu => umu (gabo)
- shinga => shînga (âna)
- ntahe => ntăhe (ămi)
- umushîngantăhe
umushingamateka:
- umu => umu (gabo)
- shinga => shînga (âna)
- mate => máte (sóre)
- teka => tēká (nīndé)
- umushîngamátēká
Uko kwătura agacé kamwê kamwé ntŭvyitiranye nó gucâgagura amajāmbo kukó gucâgagura amajāmbo vyīsûnga ibicé vy'ámajāmbo (integûza, inyîtāngizo, itsítso, ingobōtozo, agasôzo, ...)
Aríko iyó wātúra, amajāmbo uyacamwó uducé wîsūnze amajwí, ugafatira kurí aryá majāmbo 9 y'îshímikiro.