Imivugire iri kubiri:
Imivugire myatangingo yerekana igikorwa c'irivuga:
- Nyemezi
- Nkenguzi
- Nsanisha
- Rwitirirwa
- Ruhanamyi
- Kigenze
Imivugire y'agatimagomba yerekana itegeko umuntu ahabwa:
- Rubwiriza
- Ruhimiriza
- Rugambiriza
- Rwipfuriza
- Rwungikanya
I. Imivugire myatangingo
1. UMUVUGIRE WA NYEMEZI
Uwo muvugire wemeza igikorwa.
Ufise imero zibiri: Imero nyoroshi na nshimitsi kiretse mu mwanya wa kazoza na gashozi.
Imero nyoroshi nta ndobeko igira kandi icira iciyumviro hagati ku buryo kitokwumvikana atacongeweko ngo kikirangure.
Akarorero: Dukora. Ntivyumvikana.Turinda kwongerako utundi tujambo: Ubu dukora iwacu.
Imero nshimitsi tuyerekwa n'indobeko ra canke a canke ijwi riduga. Iyo mero irarekura iciyumviro cose ku buryo umuntu atorinda kwiyumvira iryo ahinyitswe.
Uturorero:
- Turakóra.
/tu - ra - kor - a/ - Twākóze.
/tu - a - a - kor - ye/
2. UMUVUGIRE WA NKENGUZI
Uwo muvugire uranga ibikikije igikorwa kiri mu rindi rivuga.
Uturorero:
- Twama dúkora.
/tu - kor - a/ - Turaba túzōkóra hanini.
/tu - zo - kor - ye/
Uwo muvugire ugizwe n'ijwi riduga ku nyitangizo rukozi. Akatuzo ko ku nyitangizo kururukira kw'itsitso ku mivugwa yo mu rudende.
Akarorero:
- Yama akóra.
Ijwi ryo ku gasozo ntiryigera riduga na rimwe mu myanya yo kwemera.
Uwo muvugire ufise imero zibiri (nyoroshi na nshimitsi) mu myanya ya gashobozi na kahise k'indengagihe.
3. UMUVUGIRE WA NSANISHA
Uwo muvugire ugerekwa kw'izina canke ku nsigarirazina ukabirangura.
Uturorero:
- Aho dukora.
- Umwana yankwa ni we akura.
4. UMUVUGIRE WA RWITIRIRWA
Uwo muvugire werekana uwitiriwa igikorwa.
Uwo muvugire ufise ibice vy'izina. Ico bitaniyeko n'izina ni uko dushobora guhadikiriza amavuga mu myanya yose.
Ufise umuvugwa wa gatatu (3) gusa mu rudende no mu bwinshi.
Uturorero:
- Uwukora.
/u - u - u - kora - a/ - Abakora.
/a - ba - kora - a/
Kahise k'impitakivi gaserurwa na kahise k'indengagihe muri uwo muvugire.
Akarorero:
- Abăkoze.
/a - ba - á - kor - ye/
5. UMUVUGIRE WA RUHANAMYI
Uwo muvugire ugizwe n'inyitangizo bu ugaherekezwa n'ijwiry'agasozo riduga é.
Akarorero:
- Nitwashaka turi bukoré.
6. UMUVUGIRE WA KIGENZE
Inyitangizo y'irivuga riri muri kigenze yama ari ku. Agasozo kama ari a.
Uwo muvugire ufise imyanya ibiri gusa: Kubu na kazoza.
Uturorero:
- Kurima.
/ku - rim - a/ - Kuzorima.
/ku -zo - rim - a/
II. Imivugire y'agatimagomba
1. UMUVUGIRE WA RUBWIRIZA
Uwo muvugire urategeka canke ugahanura.
Ntugira inyitangizo rukozi, ntugira uguhakana, ufise umwana wa kubu gusa, ukagira umuvugwa wa kabiri mu rudende no mubwinshi
Uturorero:
- Andika.
/andik - a/ - Kina.
/kin - a/
2. UMUVUGIRE WA RUHIMIRIZA
Uwo mivugire na wo nyene urategeka canke ugahanura. Ntugira uguhakana.
Uwo muvugire ufise ibice vyose, imivugwa yose ariko ugizwe n'umwanya wa kazoza gusa. Kazoza kawo karimwo kazoza ka hafi ka kazoza ka kure.
uwo muvugire tuwumenyeshwa n'indobeko ra kandi itsitso ntirigira ijwi riduga.
Uturorero:
- Urazogenda.
/u - ra - zo - gend - a/ - Uragaruka handi hato.
/u - ra - garuk- a/
3. UMUVUGIRE WA RUGAMBIRIZA
Uwo muvugire werekana imigambi.
Werekanwan'agasozo é kagizwe n'ijwi riduga.
Mu mwanya wa kubu uwo muvugire ukunda kutanguza agace ni.
Uturorero:
- Muraheza mukoré.
/mu - kor - é/ - Nimukoré
/ni - mu - a - kor - é/
Agace ni ni inshozi .
4. UMUVUGIRE WA RWIPFURIZA
Uwo muvugire werekana icipfuzo.
Urangwa n'indobeko ra na ka mu kwemera. Mu guhakana urangwa n'indobeko ka gusa.
Indobeko ra yo mu mero nyemezi yerekana iciyumviro co gushimika.
Uwo muvugire ntugira kazoza.
Uturorero:
- Uragakora ibirama.
/u - ra - ka - kor - a/ - Ntugakore ibidakorwa.
/nti - u - ka - kor - e/
5. UMUVUGIRE WA RWUNGIKANYA
Uwo muvugire werekana iciyumviro cuhiriye ikindi.
Ufise imero zibiri muri kubu: nyoroshi na nshimitsi. Ntugira uguhakana. Ufise imyanya ibiri: kubu na kazoza.
Urangwa n'indobeko ka.
Uturorero:
- Uraheza ugakora.
/u - ka - kor - a/ - Uraheza ukazokora.
/u - ka - zo - kor - a/