Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi
Ingereka yama isangiye inyitangizo n'izina igeretsweko ariko insigarirazina-ngereka si uko vyama bimeze.

  Itegereze neza

Birashika ko inyitangizo y'insigarirazina-ngereka isa n'inyitangizo y'izina igeretsweko yamara atari ingereka.

Akarorero:

  • Abana /a-ba-ana/ bangahe /ba-ngahe/

Inyitangizo ba y'izina abana isa n'inyitangizo ba y'ijambo bangahe. Womengo ni ingereka. Icerekana ko iryo jambo atari ingereka ni uko mu yindi migwi y'amazina bitama bimeze gutyo. Ni yo mpamvu "ngahe" atari ingereka ahubwo ari "insigarirazina-ngereka".

Uturorero:

  • inka /i-n-ka/ zingahe /zi-ngahe/: Inyitangizo n na zi ziratandukanye.
  • imirima /i-mi-rim-a/ ingahe /i-ngahe/: Inyitangizo mi na i ziratandukanye. Ntibavuga rero ngo "imirima mingahe".

Akandi karorero:

  • Ibihugu /i -bi-hugu/ bimwe /bi-mwe/

Inyitangizo bi y'izina ibihugu isa n'inyitangizo bi y'ijambo bimwe. Womengo ni ingereka. Icerekana ko iryo jambo atari ingereka ni uko mu yindi migwi y'amazina bitama bimeze gutyo. Ni yo mpamvu "mwe" atari ingereka ahubwo ari "insigarirazina-ngereka".

Uturorero:

  • intara /i-n-tara / zimwe /zi-we/: Inyitangizo n na zi ziratandukanye.
  • amazu /a-ma-mwe/ amwe /a-mwe/: Inyitangizo ma na a ziratandukanye.

Incamake

Mu kumenya ko ijambo ari ingereka canke insigarirazina-ngereka, barigereka ku mazina y'imigwi idasangiye inyitangizo n'insigarirazina. Na yo ni iyi: Umugwi wa 1, uwa 3, uwa 5, uw'9 n'uw'10.

Aho twabikuye
Indimburo y'ikirundi
UBUSHIKIRANGANJI BW'INDERO
IBIRO VYASHINZWE INYIGISHO
MU MASHURE YISUMBUYE
B.P. 2990
BUJUMBURA

INDIMBURO Y'IKIRUNDI

BUJUMBURA,
NZERO, 1984
Umugwi w'ábashîngwakírŭndi
wó mu biro vyăshīnzwe
inyígīsho mu mashŭre yīsûmbuye.

Ibindi twifashishije
  1. IBINJANA
  2. Inyandiko ya NTIBITANGIRA Philbert iri kuri 'Wikipedia': Ikirundi

KURONDERA
Ntutangwe kuraba ibintu bishasha tuguma dushiraho:
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 53 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Bujumbura
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire (info@ikirundi.org) canke uduhamagare (+61469365309) tubiganire.
2020 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...