KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

Ingereka uzihaye integuza ziba ingereka-zina kuko zifise ibice vy'izina ry'akame: integuza, inyitangizo, itsitso.

Uturorero:

  • Ku ngereka ndondozi: Umuto arakengereka. /u-mu-to/
  • Ku ngereka kabaza: Ivyo numva ni ibiki? /i-bi-ki/
  • Ku ngereka ntantigiri: Ivyinshi ni ivyo mutazi. /i-bi-inshi/
  • Ku ngereka rutanya ntibishoboka.

Incamake

Turetse ingerela rutanya, izndi ngereka zose ziteweko integuza zigira ibice nk'ivy'amazina, zikarangura igikorwa cazo. zica ziba ingereka-zina. Bazita kandi amazina-mvangereka.

Ntutangwe kuraba ibintu bishasha tuguma dushiraho. Ubu tumaze gutororokanya imyibutsa y'ikirundi irenga igihumbi (1000). Twaranashizeho uburyo ushobora kurondera imyibutsa irimwo ijambo wipfuza.

Aho twabikuye
Indimburo y'ikirundi
UBUSHIKIRANGANJI BW'INDERO
IBIRO VYASHINZWE INYIGISHO
MU MASHURE YISUMBUYE
B.P. 2990
BUJUMBURA

INDIMBURO Y'IKIRUNDI

BUJUMBURA,
NZERO, 1984
Umugwi w'ábashîngwakírŭndi
wó mu biro vyăshīnzwe
inyígīsho mu mashŭre yīsûmbuye.

Ibindi twifashishije
  1. IBINJANA
  2. Inyandiko ya NTIBITANGIRA Philbert iri kuri 'Wikipedia': Ikirundi

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 104 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Bujumbura
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2021 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...