Iki gice twagihariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
Kano kadirisha karimwo insiguro nyinshi zijanye n'ingene ibi bibazo vya karisha ubwenge bikorwa.
Ufyonze kuri buri akamenyetso aho hejuru uca ubona insiguro zitandukanye zijanye n'ingene buri bwoko bw'ibibazo bikorwa bikorwa.
Mu misi iheze hahora utubazo mu buhinga bw'ivyuma tujanye no gukosora (guhubūra) ikibiriraho iyo uhejeje gukora ivyo bibazo. Twobamenyesha ko ubu bimeze neza. Mwarakoze kutwihanganira! Ikindi twobamenyesha ni uko tuzoguma tubategura n'ibindi vyinshi cane.
Ubuhinga bw'ivyuma :)
Guhitamwo inyishu y'ukuri imwe mu nyishu zitandukanye.
Mu gukora ibi bibazo, ufyonda ku nyishu imwe wibaza ko ari yo mu nyishu zibiri canke zirenga tuba twaguhaye kuri buri kibazo.
Uhejeje uca ufyonda harya handitse "Raba ko wabitoye" kugira tugukosore kandi tunakubwire amanota waronse.
Turanakwereka inyishu ziri zo ku bibazo uba wakosheje. Kuraba inyishu y'ikibazo uba wakosheje, uraheza ugafyonda ahanditse "Inyishú y'úkurí".
Ubishatse, urashobora gusubiramwo ibi bibazo incuro zose wipfuza.
Guhitamwo inyishu imwe mu nyishu zose zishoboka.
Mu gukora ibi bibazo, ufyonda harya handitse "Inyishu yawe ija aha" canke ugafyonda kuri karya kamenyetso kameze uku:
Haca haboneka inyishu zose zishoboka kuri ico kibazo. Rero uraheza ugahitamwo inyishu wibaza ko ari yo, na yo ica yiyandika harya handitse "Inyishu yawe ija aha".
Uhejeje uca ufyonda harya handitse "Raba ko wabitoye" kugira tugukosore kandi tunakubwire amanota waronse.
Turanakwereka inyishu ziri zo ku bibazo uba wakosheje. Kuraba inyishu y'ikibazo uba wakosheje, uraheza ugafyonda ahanditse "Inyishú y'úkurí".
Ubishatse, urashobora gusubiramwo ibi bibazo incuro zose wipfuza.
Wewe ubwawe uriyandikira inyishu. Nta nyishu tuguha ngo uhitemwo.
Mu gukora ibi bibazo, andika inyishu harya handitse "Andika inyishu yawe aha".
Uhejeje uca ufyonda harya handitse "Raba ko wabitoye" kugira tugukosore kandi tunakubwire amanota waronse.
Turanakwereka inyishu ziri zo ku bibazo uba wakosheje. Kuraba inyishu y'ikibazo uba wakosheje, uraheza ugafyonda ahanditse "Inyishú y'úkurí".
Ubishatse, urashobora gusubiramwo ibi bibazo incuro zose wipfuza.
Insiguro y'inyeyeri ku bibazo.
Ibi bibazo vya karisha ubwenge birasumbanya uburemere (ukugora): Hariho ivyoroshe cane hamwe n'ibindi bigoye. Ubwinshi bw'inyenyeri bwerekana ukugora kw'ibibazo.
Inyenyeri imwe yerekana ko ibibazo bishobora kuba vyoroshe. Ibi bibazo muri rusangi bikunze kuba birya tuguha inyishu nyinshi ariko zitarennga 5 ngo uhitemwo inyishu imwe y'ukuri.
Inyenyeri zibiri zerekana ko ibibazo bishobora kuba bigoye ariko atari cane.
Ibi bibazo biri mu migwi itatu:
Umugwi wa mbere ugizwe n'ibibazo tuguha inyishu nyinshi zirenga 5 ngo uhitemwo inyishu imwe y'ukuri.
Umugwi wa kabiri ugizwe n'ibibazo tuguha inyishu nyinshi ngo uhitemwo inyishu imwe y'ukuri, ariko muri uko guhitamwo usanga ubikora incuro zibiri (Akarorero: Insigarirazina-ngereka => kabaza).
Umugwi wa gatatu ugizwe n'ibibazo wewe ubwawe wiyandikira inyishu atavyo guhitamwo birimwo, mugabo iyo nyishu ikabaza igizwe n'ijambo rimwe gusa. Akarorero: ndondozi.
Inyenyeri zitatu zerekana ko ibibazo bishobora kuba bigoye cane.
Ibi bibazo biri mu migwi ibiri:
Umugwi wa mbere ugizwe n'ibibazo tuguha inyishu nyinshi ngo uhitemwo inyishu imwe y'ukuri, ariko muri uko guhitamwo usanga ubikora incuro zitatu canke zirenga. Akarorero: Amajambo ahinduka => Insigarirazina-ngereka => kabaza.
Umugwi wa kabiri ugizwe n'ibibazo wewe ubwawe wiyandikira inyishu atavyo guhitamwo birimwo, mugabo iyo nyishu ikabaza igizwe n'amajambo abiri canke arenga. Akarorero: Ingereka ndondozi.
Guhindura urutonde rw'ibibazo.
Iyo ufyonze kuri ako kamenyetso kaboneka iyo tuguhaye ibibazo ukora, urutonde rw'ibibazo rurahinduka, ni ukuvuga ko ivyo bibazo bica vyivangavanga bikaboneka bidatonze nk'ubwa mbere. Ni uburyo bwo kugufasha kwipima ngo urabe ko ibibazo ubitegera neza.
Gusubira gutondekesha ibibazo nk'ubwa mbere.
Iyo ufyonze kuri karya ko kuvangavanga ibibazo (), hanyuma ukabona ukipfuza ko ibibazo bisubira kuja ku rutonde nk'ubwa mbere, uraheza rero ugafyonda kuri ako kamenyetso ko kubitondekesha nk'ubwa mbere: