KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

  DUSOME, Igitabu c'umwaka wa 1, p. 34

a b c d e f g h i j k m n o p q r s t u v w y z

data na mama bagiye gukora

berahino arakina na basabose

data aje yikoreye igiti

mama afise isuka ku rutugu

buname ahereje umuhoro gatogato

buname agiye kuvoma

mama aratonora igitoke

kadoyi aje atuzaniye akayoga

sogokuru yamaze gufata icicaro

ijoro riragiye, abatumire bariko barataha

abana bariko barakina umupira

buname ariko aracapa

wakana ararima mu cibare ciwe
KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 114 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Bujumbura
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2021 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...