KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

Jean-Christophe Matata mu ruririmbo Murantunga   agira ati:

  Murantunga je sindabizi, ninaba mbizi narabibariwe. Uwurizi ni uwaryise ijambo...  
Jean-Christophe Matata


Uwudasize umwana asiga umugani

Abarundi kandi barayamaze ngo "Uwudasize umwana asiga umugani".

Hariho abantu basize canke bazosiga umugani kuko ijambo ryavuzwe na bo ridapfa guhera mu mitima y'Abarundi mu gihe gito. Si ijambo gusa hari n'abakoze canke bakora ibikora bitazopfa kuzimangana ku buryo bworoshe.

N'umunyi wo ku nzira baramuvura

Ibintu abantu batibagira vyoroshe si ivyiza gusa. Wanashaka ibibi abantu babonye canke bagiriwe ni na vyo usanga bakunze kwibuka gusumba. Mu kirundi bavuga ngo "N'umunyi wo ku nzira baramuvura" kandi ngo "Akabi gatwengwa nk'akeza". Rero n'abakoze ibibi baba barasize umugani, ariko umugani mubi.

Intumbero y'iki gice


None rero tutabicishije amajambo menshi, iki gice twagihariye abantu bavuga canke bavuze ijambo, abantu basize umugani canke ivyo bakora ubu bizosiga umugani.

Dushaka kwegeranya ayo majambo avugwa canke yavuzwe, ibiganiro bitangwa canke vyatanzwe, ibikorwa bakora canke bakoze tukabishira ku ngurukanabumenyi kugira ngo uwushatse wese kubironka abironke vyoroshe.

None ko ari vyinshi cane muzohitamwo ibihe?

Muri make ico twipfuza ni uko vyose aho biva bikagera tuzobishirako vyose kiretse ivyo tudashoboye kuronka canke tudafitiye uburenganzira.

Ariko rero kuko ari igikorwa gisaba umwanya munini n'uburyo bwinshi, tuzogenda dushirako bike bike uko tuzoza turabironka dufatiye no ku mwanya dufise. Nakare ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari ivyo woba wipfuza ko twoshirako, utwandikire (This email address is being protected from spambots. You need JavaScript enabled to view it.) canke uduhamagare (+61469365309) tubiganire.

None n'ibiganiro vy'«amacakubiri» muzobishirako?

Bibaye ngombwa tuzobishirako.

Impamvu ya mbere ni kubera ko ata kintu na kimwe kibaho kw'isi abantu bose bahurizako ngo bemeze ko ari kibi canke ciza. Ico wewe wita ko ari amacakubiri, hari abavuga ko ari inyigisho nziza no kugipfira bogipfira.

Impamvu ya kabiri ni uko naho yoba ari amacakubiri, kumenya ko biriho ni vyiza kugira ngo bidufashe kwigisha n'abana bacu bamenye ko hari ibintu bakwiye kwirinda harimwo n'ivyo. None umuntu yokwirinda ico atazi?

Uturorero twerekana ko abantu batabona ibintu kumwe:

Abahutu benshi ubabajije ivyabaye mu 1972, bakubwira ko Abahutu bakorewe ihonyabwoko, ryakozwe n'Abatutsi. Mugabo wumvirije Charles Mukasi uko yigana ivyo mu 1972 ntaho bisa bisaniye n'ivyo Abahutu benshi bavuga. Kandi abantu babona ibintu nka Mukasi si umwe si babiri.

Umututsi yiyemera kandi yishimira ko ari Umututsi yitwa Bwejeri Jean (Prof. Yochanan (Jean) Bwejeri ~ Prince de Juda) arafise ibiganiro yita «Inyigisho ngenderwako» abantu batari bake babona ko ari amacakubiri n'ugutuka Abahutu. Abantu rero barakeneye kuvyumviriza ngo banamenye ibitagenda neza, ni na ho boshobora kubitorera umuti.

Abatutsi benshi bavuga ko ubwicanyi bwo 1993 ryari ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi. Ku rundi ruhande, Abahutu benshi barabihakana bakanavuga ko bariko barirwanako.

 

  ITEGEREZE NEZA

Ntidupfa gushirako ibintu ivyo ari vyose uko vyakabaye. Turabanza tukabica hirya no hino, tugahanuza, tukavyihweza hanyuma dusanze ari ivyogirira akamaro Abarundi tugaheza tukabishirako.

Turumviriza cane impanuro z'abakunzi bacu b'ikirundi ku ngurukanabumenyi. Bishitse tugasanga hari ivyo twashizeko bitari bikwiye kujako turaheza tukabivanako kuko ntawudahuga.

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 320 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...