KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

Kirungli ni umugambi wo gusigura no kwigisha ururimi rw'icongeleza mu kirundi hamwe no gusigura no kwigisha ururimi rw'ikirundi mu congeleza.

Iri jambo «Kirungli» rikomoka ku majambo abiri: Ikirundi hamwe n'ijambo ry'icongeleza English. Twarayashize hamwe rero aca avyara Kirungli.


Kirungli igabanijwemwo ibice bibiri:


Kirungli A

Iki gice ca Kirungli A twagihariye insiguro y'amajambo ari mu rurimi rw'ikirundi aho tugerageza kwerekana amajambo bihuye mu rurimi rw'icongeleza.

Kirungli B

Iki gice ca Kirungli B na co twagihariye insiguro y'amajambo ari mu rurimi rw'icongeleza aho tugerageza kwerekana amajambo bihuye mu rurimi rw'ikirundi.


  Itegereza neza

Amajambo ari mu congeleza, turaheza tukayashirako aka kamenyetso   mu kwerekana ko uyafyonzeko uca uja ku rubuga rwa Google (bsaoma gugó), aho ushobora kuraba insiguro irambuye y'ayo majambo mu rurimi rw'icongeleza. Aho kuri Google kandi urashobora kwumviriza ingene ayo majambo asomwa canke ukaraba amashusho yerekeye ayo majambo.

Ariko hari aho biba ngombwa ko ivyo tutabikora bivanye n'ijambo iryo ari ryo.

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 120 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...