KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

*

Vuga ubwoko bw'ayo majambo aciye akarongo musi.

ITEGEREZE NEZA


Kuri aya majambo akurikira, usabwa no kuvuga ubwoko bwayo: ingereka, ingereka-nsigarirazina, insigarirazina, insigarirazinazina-ngereka, sahwanya, intumbuzi.

Uturorero: Ingereka ndondozi, swahwanya isanganya, intumbuzi y'igihe, ...

Koresha aka kamenyesho "-" mu kwandika ingereka-nsigarirazina canke insigarirazina-ngereka.

  1. Igufa ryumira mw'ikoma ari irya nyene imbwa.
  2. Igufa ryumira mw'ikoma ari irya nyene imbwa.
  3. Igufa ryumira mw'ikoma ari irya nyene imbwa.
  4. Igufa ryumira mw'ikoma ari irya nyene imbwa.
  5. Irya mbwa muzoze murayigendera kure yarasaze.
  6. Yagiye yumva igofe mu gutwi ngo twa!
  7. Urya mugabo mubona ni inshirwarimetse.
  8. Kanugunu yaramenje mugabo ntiyanganije na Maconco.
  9. Abana basamara cane bakunda kwicara inyuma.
  10. Abaje bose inyuma y'umutaga nimutahe muzogaruke ejo.
  11. Umwana mwiza arubaha abavyeyi.
  12. Amakuru maki?
  13. Wahasanze abana bangahe?
  14. Yewe ingo dutahe burije.
  15. Mama we ako gakanzu wakaguze he?
  16. Urya muhungu ni umukinyi w'umupira w'amaguru.
  17. Zana zirya ziri mu mubindi ni zo zihiye.
  18. Zana zirya ziri mu mubindi ni zo zihiye.
  19. Zana zirya ziri mu mubindi ni zo zihiye.
  20. Jewe, Yonani na Serejiyo, eka aho hambere twararyimara.

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 57 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...