KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

*

Erekana ingéne ayo majāmbo acīyé akarōngo mūsí yātúrwa.

  1. Bureta afise inkoko cumi. Zine muri zo ni isake.
  2. Naho nyokuru ashaje, aracabasha kujisha inkoko.
  3. Izuba ryaratse none inzuzi nateye zarumye.
  4. Izuba ryaratse none inzuzi zarakamye.
  5. Intore zo mu bazungu zirarura.
  6. Intore zo mu Burundi ziyereka neza.
  7. Mu nda harara inzara hakazinduka inzigo.
  8. Abakobwa barakunda gusiga inzara amabara atandukanye.
  9. Igihe twaja kumuramutsa mu mwaka uheze twasanze anezerewe.
  10. Igihe twaja kumuramutsa uno musi twasanze anezerewe.

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 126 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...