KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

DUSOME, Igitabu c'umwaka wa 6, p. 24

Bayaga ashitse i muhira avuye kw'ishure asanga inakuru ariko akeza inasenge yazanye ubuvyeyi. Inakuru yaravuga inasenge na we akitabira.

Gira so! Twese
Gira izi! Twese
Gira umu! Twese
Gira izi! Twese
Kira mama Twese
Simba imanga Twese
Imana icane Twese
Cacanya Twese
Nk'urucaca Twese
Seha uzana Twese
Kamwekamwe Twese
Kadasema se Twese
Ntigaseme nyina Twese
Horera gutega Twese
Nk'umutanga Twese
Hakurira ku rutaro Twese
Urire ku rutoke Twese
Kira umwana w'uwundi Twese
Aho umusize Twese
Si ho umusanga Twese
Kira Rusizi Twese
Ntirugusiza Twese
Warujabutse Twese
Kira Mpanda Twese
Ntiruguhanda Twese
Warujabutse Twese
Kira Ntahangwa Twese
Ntiruguhanga Twese
Warujabutse Twese
Kira Musumba Twese
Ntugusumba Twese
Kira Rukiga na Muganza Twese
Sagasaga Twese
Bingagira nk'umubingo Twese

Gira so, gira izi, gira umugabo, gira urugo, gira iyo uja n'iyo uva, uri­ baruka. Amahoro!

Bayaga yari yatamariwe, yumviriza ingene bakeza umuvyeyi. Ina­senge na we aca aramuramutsa.

Insiguro y'amajambo agoye
  • Kujana ubuvyeyi: kuja kwerekana umwana kwa ba sekuru.
  • Musumba, Rukiga, Muganza: amazina y'irnisozi.
  • Mpanda, Ntahangwa, Rusizi amazina y'inzuzi.
  • Kubigangira: Kuvyibuha, gusa neza.

 

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 420 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...