KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

DUSOME, Igitabu c'umwaka wa 5, p. 26-27

Ahari abagabo ntiharwa ibara!

Bwije, senaka arataha avuye ku rubanza rw’itongo yapfa na benewabo. Bamubajije ingene vyagenze, abishura ati: “Nimureke, hariho abashaka guca urwananiye Ngoma.” Umuhungu wiwe ati: “Mbega uwo Ngoma we mupfa iki?”
- Ngoma mwananje yari umugabo! Mbega ntawurabiganira ivya Ngoma ya Sacega?
- Eka da!
- Neza na neza, Ngoma ya Sacega yasanze urupfu n’igisizimwe biharira, urupfu ngo: “Nije ngaba abantu, uwo nshatse ndamwica.” Igisizimwe giti: “Wanguha! Uri umuryi nk’abandi baryi. Ikigaba abantu ni Imana yo irema. Hapfa icumi hakavuka ijana, hapfa ijana hakavuka igihumbi. None wewe ugaba abantu gute?” Bigiharira, bibona Ngoma ya Sacega, biti: “Mbega wa mugabo we ntiwodutatura?”
-Ndabacire urubanza?
- Egome.
- Ndorera, ngiye kubwira umwami, nzogaruka kurubacira ari ejo ari hirya y’ejo.

Aragenda abwira umwami ati: “Ndagiye guca urubanza ruzompitana. Mpa intahe n’abashingatnahe baze kwumvikriza urubanza ngiye guca, na bo ntibazotinye gucisha urubanza aho rutumbereye.” Umwami arayimuhereza, amuha n’abashingantahe, ati: “Genda uruce uko rubereye.” Baragenda basanga rwa rupfu n’igisizimwe bigiharira, Ngoma ya Sacega ati: “Bangwe bangwe! Ahari abagabo ntiharwa ibara. Ingo mutubarire ico mwapfuye, tubakiranure.” Urupfu ruratangura ruti: “Bashingantahe, ico dupfa n’iki gisizimwe, ni uko canse kwemera ko ari jewe ngaba abantu bose, nshatse nobamara.” Ngoma ya Sacega, ati: “Weho ga wa gisizimwe uvuga iki?”
- Navuze ko Imana ariyo nkuru, ari yo igaba abantu, yo irema.
- Ngoma ya Sacega abibaza ati: “Wa rupfu we, ntuvuze ko ari wewe ugaba abantu ushate wobamara?” Ruti: “Cane nyene.”
- Si uko wavuze?
- Ni uko navuze.
- Igumire aho.
- Nawe wa gisizimwe we, ntuvuze ko Imana ari yo nkuru, ari yo igaba abantu, yo irema?
- Egome.

Ngoma ya Sacega ati: “Wa rupfu we, uratsinzwe, uragatsndwa, igikuru ni Imana.” Rwa rupfu ruti: “Urankubise intahe mu gahanga? Uribonerako.” Ruramwurira rumushinga ayo kw’izosi. Ngoma ya Sacega agisambagirika abwira ba bagabo bari ngaho ati: “Mwa bashingantahe mwe, murama muca urubanza rwiza, mugabo ntimuze muce urwananiye; ntimuze muce urwa ngondegonde ari rwo rwananiye Ngoma. Iyi ntahe, murayishikiriza umwami.” Ahejeje kuvuga ivyo aca aracikana. Ba bashingantahe baramuterura baja kumuhamba, baca basubira i bwami. Umwami ati: “Fata iyo ntahe, mugende muyubakire ingoro yitwa Sentare. Mushingantahe wese, ntuzotinye urubanza, uraruca uko rukwiriye, washaka upfe. Iryo ni ryo ragi rya Ngoma ya Sacega.” Iyo ntahe barayubakira, n’ubu ibarizwa muri Sentare.

Serugo ahejeje kubacira uwo mugani, umukenyezi wiwe ati: “Ewe ntuze, iyo Noma ya Sacega aba aikiriho nyuba uguye ku nzira; yari kurucisha aho rutumbereye.”
- Urwanje ntiruhera n’ejo nzinduka ngenda.
Ba bana baca bararya, bahejeje baja kuryama kuko Bayaga bwaca asubira iwabo.

Insiguro y’amajambo agoye
  • Tubakiranure: Tubatature
  • Gukubita intahe mu gahanga: Umucamanza amenyesha umuntu ko atsinzwe mu rubanza
KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 92 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...