KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

DUSOME, Igitabu c'umwaka wa 4, p. 4

Ubugaba bw'umugabo ni bwo buryo bwiwe

Semibira yaraturukije agaka kiwe, ngo agire atya, aja abona umuzungu Rutuku barareha, ati:
- Aho nakurondereye wa mugabo we!
Semibira ati:
- Ndi inyakamwe mugenzi, urabona ko nari nturukije aka kamaramuziro kanje.
Umuzungu ati:
- Funga.
Uri uwundi ati:
- N'ugupfungwa nopfungwa, ariko hari aho ntopfungirwa ino ngapfungirwa n'i Ngozi.
Ati:
- Makaki.
- Makaki ararwaye mugenzi.
- Nyama.
- Inyama zozo ndazi muzikunda, yamara sindi buhitane agaka kanje ngo ndagashore kw'ishoka ndagafise ari kamwe.
- Sot!
- Nkambura umwananje w'umwigeme, n'umukecuru wanje akaba akironka n'utwo yiramba mu maso nkeswe amasoro!

Umuzungu abuze uko amugira, amugema ibirato bitatu arigira.

Ubugaba bw'umugabo ni bwo buryo bwiwe.

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 66 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...