KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

  DUSOME, Igitabu c'umwaka wa 3, p. 4

Umunsi umwe, umusambi wagiye mu mazi kwiyuhagira. Uhejeje, usokoza amasunzu, urirabaraba; wihindura wihindukiza. Vyatevye uraduka uti:
- Ndi mwiza, ndi mwiza.
Aho hose wiyumvira ko hikinze, atawuwubona. Ni ho waja wumva igikere cawitegereje kuva kera kiriko kiratwenga, kiti:
- Geza aho twakubonye, kandi burya ubwiza wibona, burutwa n'ubwo ubonwa n'abandi.
Umusambi n'ibiteterwe n'akantu, uryagagura ca gikere uti:
- Ntibitanganje ko ari wewe ungirira ishari kuko naho wokwigereka bangahe, nta zosi rigororotse n'uruhanga ruhanitse wopfa uronse!

Igikere cumvirije kera kiti:
- Agatima ari ko!
Insiguro y'amajambo agoye
  1. Ahikinze: ahinyegeje, ahihishije
  2. Ibiteterwe: ibimaramare
  3. Kuryagagura: gukebura umuntu umuhambarira kandi umera nk'umutukagura
  4. Uruhanga ruhanitse: uruhanga rurerure
Utubazo
  1. Ni bande bavugwa muri ico gisomwa?
  2. Umusambi uheje kwiyuhagira wagize iki?
  3. Umusambi aho wihinduriye wihindukiza waciye uvuga iki?
  4. Igikere cawitegereje kera cawubwiye ngo iki?
  5. Umusambi waryagaguye igikere uvuga ngo iki?
  6. Ukurikije ibivugwa muri iki gisomwa, woshima kuba igikere canke umusambi? Kubera iki?
KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 34 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...