KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

  DUSOME, Igitabu c'umwaka wa 2, p. 16

Umwete nagize mu mwaka uheze, warangiriye akamaro. Naronse amanota meza, raba ninjiye mu mwaka wa kabiri. Ese akanyamuneza abavyeyi banje nagize aho ndababaririye ko naronse amanota meza! Nashite i muhira nezerewe cane, nsanga mama ariko arakora utwo akora, ambonye aratangara kuko uwo munsi twatashe kare. Arambaza ati:
«Ni amaki ko uyu munsi uje hakiri kare?»
- Ubwo wibagiye ko twatanguye uburuko? Twari twagiye kumviriza amanota.
- None ga kibondo, waronse amanota meza?
- Ego cane, mbere raba agashirukabute bampaye, nabaye uwa kabiri.
- Ni vyiza cane mwananje.
Amafata ukuboko, anjana mu nzu ampa imfungurwa.
- Ma... data niyaza nze gutangura ndamubeshe, ndamubwire ko nayobewe, ndabe?
- Oya mwana... niyashika uraca umushikiza kuri ako gakuru keza, wongere umwereke ako gashirukabute, uheze umubarire ko ugiye kuja mu mwaka wa kabiri, ni ho aca anezerwa.
Data ashitse, nagize nk'uko mama yari yampanuye, erega ntiworaba ingene vyamushimishije kubona imfura yiwe ikora neza mw'ishure. Uyo munsi sinzopfa ndawibagiye, kuko twaciye tunezerwa twese.
KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 36 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...