KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

  DUSOME, Igitabu c'umwaka wa 2, p. 2-3

Umudasigana w'ukuri
Umudasigana w'ukuri ni uwukorera neza igihugu ciwe. Arasasagaza amahoro akayivuga aho ari hose. Arakora atikoreye amaboko, akama anezerewe, maze aho aciye hose hakama umutekano. Umudasigana w'ukuri ni uwuharanira ineza ya bose.
Ibiti biri iwacu
Iwacu turafise ibiti bininibinini. Hari canecane imikaratusi, amagereveriyo, imisave n'ibivumu. Birafise akamaro kanini. Imikaratusi, amagereveriyo n'imisave duhora tubicana iyo akazuba kamaze kubicako. Ibivumu biraduha imigozi ikomeye cane. Tuyita imivumuvumu.
Ikawa yera mu ci
Mu gihe c'ici, canecane muri Mukakaro, hama hari izuba igihe cose ku mutaga. Kubera uruzuba, isi ica igaduka igaturira cane. Ni co gituma irima rihagarara, ariko abafise ahatotahaye kubera amazi, bararima bakeza.
Mu ci ni ho ikawa bayamura bakayijana ku masoko abegereye. Iyo imeze neza, abacuruza barayibagurira, maze rero bagaheza bakikenura ariko bakagerageza kudasesagura.
Ivomo
Ivomo rirafise akamaro kanini cane. Ni co gituma turikorera neza kugira imicafu ibe mike, amazi agume ari meza. Aho tuvoma, kera abana barahakinira, bakaharagira, turabiraba duca tuhubakira urugo. Ubu ni heza cane n'abakuru bacu baranezerewe, baranadusaba kuzoguma iko mu kugirira isuku aho tuvoma.
Amazi
Amazi arafise akamaro kanini cane. Umubiri wacu ukeneye amazi atari make. Akamaro k'amazi si ako gusa. Turayakenera mu guteka, mu kumesura no mu kugirira isuku aho tuba. Bana, gerageza rero gutata neza amasoko yose mubona, amazi yame ari meza, murabona ko tuyazeyeko uburaro n'uburamuko.
Ugucuruza
Datawacu ni umucuruza akomeye cane. Yama atugurana ibiharage n'umuceri tukazobimuriha haciye igihe kitari gito. Aracuruza ibigori, ifu, isukari, amata, amatara, amasuka,… maze bikamuzanira amahera atari make. Iwe harakaka: hari ho n'amatara, yaraguze amamodoka, amameza, amatebe, ububati, uburiri, eka ni akaroruhore.
KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 421 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...