Iyi myibutsa yatororokanijwe na "Editions Gatí Kă Wăga - IMYĬBUTSA YA SÓGOKÚRU".
- Abadápfūyé barabónana
- Abagabo babiri ntíbabāná mū nzu
- Abagabo bahūrira mu cêro ntíbahūríra mu cîbo
- Abagabo barāra kubiri bakarōta kumwé
- Abagabo bararyá imbwá zikīshura
- Abagabo ntíbarōnkéra rimwé baba básemana
- Abăkūndanye barânkana
- Abăkurikiye Inámujândi băjānye na wé
- Abămi basāngira ingovyi ntíbasāngíra ingoma
- Abāntu n'íbīntu ní magiríranire
- Abāntu ní magiríranire
- Abapfûye akarīmbi baragashīngirwa
- Abapfûye urubíbe baragorōrerwa
- Abarŭndi basība kurima ntíbasībá kuvúga
- Abasângira basīgana imvyíro
- Abasângira umusa basāngira abânsi
- Abasângiye ubúsa bītana ibisāmbo
- Abatâmvyi bā nêzá barakúrikirana
- Abatângánya amatáko ntíbīsîgira hamwé
- Abatúkanye bararwāna
- Abό umwămi yahâye amáta ní bo bămwīmye amatwí
- Abôro babiri ntíbasāngíra umwērēra
- Agacîwe karûma
- Agafûni kabagára ubúmwe ní akarēnge
- Agahănga k'úmugabo gahūma kátavuzé
- Agahemo gatēra ikijûjú ubwĭbone
- Agahîmbo kībagiza kwūgara
- Agahīnda sí uguhόra uríra
- Agahúgu karímwo abagóre ntíkaburá amazímwe
- Agakuku karimīsha mu rwĭri
- Agakûnze babiri karabânkanīsha
- Agakúrikiwe n'índa ntígakurá
- Agakúru mu tunyegeri ní akavyîmvye umutwé kurusha utŭndi
- Agakúru ntígaku(rí)ra ubúsa
- Agapfûye kaba gáheze
- Agapfûye kabazwa ivú
- Agashâje gashira isóni
- Agashítsi kā kêra kavūmbika umuriro
- Agasózi k'întáhanûrwa kăhīye abagabo bábona
- Agasózi kamanútse inká kadūga iyĭndi
- Agaswi katazôkúra ukērekwa n'úrwŭbi
- Agáti gaterétswe n'Îmâna ntígahenúrwa n'úmuyaga
- Agatu gatēkéye amáhwa karîmena
- Ahakíze hītwa inkóvu
- Ahănse ubwâna hamera ubwănwa
- Aharí abagabo ntíhagwá ibára
- Aharí abântu hāma urūnturūntu
- Aharí amahóro umuhoro uramwa
- Aharí umwěnge haca umuyaga
- Ahasháshe ingwe akayâbú karutsīnda impaga
- Ahό (ubūntu) bwămye ntíbuhavá
- Ahό birāyé sí ho vyīrírwa
- Ahó bwămye ntíbuhavá
- Ahó imbwá ikubítiwe irahagaruka
- Ahó imbwá ikubítiwe ntíhasubíra
- Ahó umugabo ahāndíwe ní ho yīhândūrira
- Ahó umukěcuru atōyé uruhĭndu ahīta mu rugănda
- Ahό umwôro yāníkiye ntíbwūmá (ntíryāká, ntírivá)
- Ahó uvá ntíhakuváko
- Ahό vyīríwe sí ho birārá
- Ahó watâye iminwe uhata agatemére
- Ak'í muhana kāza imvúra ihíse
- Akā mūntu kamara iyágwe
- Akabāndo k'úbusâza gacībwa kare kakabīkwa kure
- Akábi gatwēngwa nk'âkêzá
- Akabígira kábīzi (kábibona) karya imbóga kâritse
- Akabônye umwé gapfa ubúsa
- Akabúra ntikáboneke ní nyina w'úmūntu
- Akadátētswé karōtswa
- Akagôye kōkerezwa akagôri
- Akagúmye bagumáko
- Akăhabāye ntíkahavá
- Akăhūgāniye igicâniro gasibānganya indôto
- Akajá kwĭha inkŭmbi karusha imbázi kumóga
- Akăje karêmerwa
- Akăje kárusha imbwá kwōta kaba gáshāka gushá
- Akăje ntíkāzíra umwé
- Akămanitswe n'úmusâza gatamya umuyabaga
- Akamása kazôcá inká kazivūkámwo
- Akamenyēro kăyirāje mu mutégo
- Akaméze ku murīzo w'îmbwá gashirwa káwucīye
- Akămi kā mūntu ní umutíma wîwé
- Akâna k'ûmwôro kīrabura kátarogá
- Akâna karí ubwênge gasīnzīra imbonamwūko
- Akanániye umugabo kananira n'úyŭndi
- Akănse urahéba
- Akanyâro mū nyama ní iháha
- Akanyoni katagurútse ntíkamenyá iyó bwēzé
- Akarago karyāná kamenya nyené ko
- Akarâye kaba káboze
- Akarênganyo sí ak'ŭbu
- Akarēnge kajá iyó kavūká ntígahāndwá
- Akarēnge mu gusēzera kānka gukānda isí
- Akarí kure karya nyené amaguru
- Akarí kure ntíkabá indâro
- Akarí mū nda y'íngoma kamenywa n'úwayíkanye
- Akarí mū nda y'úmugabo gaserurwa n'ákarí mū nda y'úmubĭndi
- Akarí mū ndyá ní yo ndyá
- Akarí mū nzu ntíkabá iséma
- Akarí mu rugό ní ko karuvúna
- Abadapfuye barabonana
- Abagabo babiri ntibabana mu nzu
- Abagabo bahurira mu cero ntibahurira mu cibo
- Abagabo barara kubiri bakarota kumwe
- Abagabo bararya imbwa zikishura
- Abagabo ntibaronkera rimwe baba basemana
- Abakundanye barankana
- Abakurikiye Inamujandi bajanye na we
- Abami basangira ingovyi ntibasangira ingoma
- Abantu n'ibintu ni magiriranire
- Abantu ni magiriranire
- Abapfuye akarimbi baragashingirwa
- Abapfuye urubibe baragororerwa
- Abarundi basiba kurima ntibasiba kuvuga
- Abasangira basigana imvyiro
- Abasangira umusa basangira abansi
- Abasangiye ubusa bitana ibisambo
- Abatamvyi ba neza barakurikirana
- Abatanganya amatako ntibisigira hamwe
- Abatukanye bararwana
- Abo umwami yahaye amata ni bo bamwimye amatwi
- Aboro babiri ntibasangira umwerera
- Agaciwe karuma
- Agafuni kabagara ubumwe ni akarenge
- Agahanga k'umugabo gahuma katavuze
- Agahemo gatera ikijuju ubwibone
- Agahimbo kibagiza kwugara
- Agahinda si uguhora urira
- Agahugu karimwo abagore ntikabura amazimwe
- Agakuku karimisha mu rwiri
- Agakunze babiri karabankanisha
- Agakurikiwe n'inda ntigakura
- Agakuru mu tunyegeri ni akavyimvye umutwe kurusha utundi
- Agakuru ntigaku(ri)ra ubusa
- Agapfuye kaba gaheze
- Agapfuye kabazwa ivu
- Agashaje gashira isoni
- Agashitsi ka kera kavumbika umuriro
- Agasozi k'intahanurwa kahiye abagabo babona
- Agasozi kamanutse inka kaduga iyindi
- Agaswi katazokura ukerekwa n'urwubi
- Agati gateretswe n'Imana ntigahenurwa n'umuyaga
- Agatu gatekeye amahwa karimena
- Ahakize hitwa inkovu
- Ahanse ubwana hamera ubwanwa
- Ahari abagabo ntihagwa ibara
- Ahari abantu hama urunturuntu
- Ahari amahoro umuhoro uramwa
- Ahari umwenge haca umuyaga
- Ahashashe ingwe akayabu karutsinda impaga
- Aho (ubuntu) bwamye ntibuhava
- Aho biraye si ho vyirirwa
- Aho bwamye ntibuhava
- Aho imbwa ikubitiwe irahagaruka
- Aho imbwa ikubitiwe ntihasubira
- Aho umugabo ahandiwe ni ho yihandurira
- Aho umukecuru atoye uruhindu ahita mu ruganda
- Aho umworo yanikiye ntibwuma (ntiryaka, ntiriva)
- Aho uva ntihakuvako
- Aho vyiriwe si ho birara
- Aho wataye iminwe uhata agatemere
- Ak'i muhana kaza imvura ihise
- Aka muntu kamara iyagwe
- Akabando k'ubusaza gacibwa kare kakabikwa kure
- Akabi gatwengwa nk'akeza
- Akabigira kabizi (kabibona) karya imboga karitse
- Akabonye umwe gapfa ubusa
- Akabura ntikaboneke ni nyina w'umuntu
- Akadatetswe karotswa
- Akagoye kokerezwa akagori
- Akagumye bagumako
- Akahabaye ntikahava
- Akahuganiye igicaniro gasibanganya indoto
- Akaja kwiha inkumbi karusha imbazi kumoga
- Akaje karemerwa
- Akaje karusha imbwa kwota kaba gashaka gusha
- Akaje ntikazira umwe
- Akamanitswe n'umusaza gatamya umuyabaga
- Akamasa kazoca inka kazivukamwo
- Akamenyero kayiraje mu mutego
- Akameze ku murizo w'imbwa gashirwa kawuciye
- Akami ka muntu ni umutima wiwe
- Akana k'umworo kirabura kataroga
- Akana kari ubwenge gasinzira imbonamwuko
- Akananiye umugabo kananira n'uyundi
- Akanse uraheba
- Akanyaro mu nyama ni ihaha
- Akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze
- Akarago karyana kamenya nyene ko
- Akaraye kaba kaboze
- Akarenganyo si ak'ubu
- Akarenge kaja iyo kavuka ntigahandwa
- Akarenge mu gusezera kanka gukanda isi
- Akari kure karya nyene amaguru
- Akari kure ntikaba indaro
- Akari mu nda y'ingoma kamenywa n'uwayikanye
- Akari mu nda y'umugabo gaserurwa n'akari mu nda y'umubindi
- Akari mu ndya ni yo ndya
- Akari mu nzu ntikaba isema
- Akari mu rugo ni ko karuvuna
- Akarími kakurésha sí ko kakurŏngora
- Akarími karima haníni
- Akarúta akăndi karakamira
- Akaryâna ntíkaryāmánwa
- Akaryôshe kăhejeje imbeba mw'ībuye
- Akaryôshe ntígahorá mw'ītáma
- Akaryôshe ntíkaryá umwé
- Akatáretsé kaba gásema
- Akatári nk'ákăndi aba arí ishano
- Akatávugá ntígahēndá akavúga
- Akazi k’í bwămi kīca uwĭcaye
- Akazîkīrá k'úmugabo kazīkwa n'îsí
- Akazímiye ntáho katarōndérerwa
- Akaziri karîzana
- Akaziri ntíkaziríkwa
- Akêzá karîgura
- Akêzá kēza umutíma
- Akĭhūriye n'îngásīro gatēra inda urwěze
- Akŏsha umusyi kava mū ngásīro
- Akŭzuye ntíkamuríkwa
- Amabānga abiri ntábāngíkana(w)a
- Amabárankúru yashíkanye inyěnzi i Buha
- Amabóko aguhá n'áyakúrīka ntárēhá
- Amabóko ashikîriye ubuhîye yībagira umushike
- Amabόko atarēhá ntáramúkanya
- Amabóko matīndi y'úmukŏbwa asegura uwĭshe sé
- Amaborōgo y'ûmwâgazi ntátērá impuhwe ingwe
- Amacúmu arwānyá inzara ní amasúka
- Amacúmu atērwa abagabo
- Amagára aramirwa ntámerwá
- Amagára aruta amagana
- Amagŏrwa ntásigá ayăndi
- Amagŏrwa sí ay'ŭmwe
- Amagúfa abiri ntábāngíkana mw'ītáma
- Amaguru yītāngira ku buriri agatāhira mu mirâmbizo
- Amahása avyinirwa ahό yavūkíye
- Amaherá ntíyīrírwa ahó yarāyé
- Amahérezo y'ínzira ní mū nzu
- Amahóro aba mū nda
- Amahóro aruta amahōnda
- Amahóro atāngurira mu mutíma
- Amahóro ava (ahēra) mū nda
- Amakúru atarímwo umukúru yāma arí amazímwe
- Amanyáma arasara ntásabá
- Amanyáma atērwa n'ágashămbara
- Amanyáma y'úruró ashirira mū ngásīro
- Amarára ntágurá inyama
- Amaráso ava mu ruguma
- Amarira ní umuheto w'úruhînja
- Amasabo aguma nk'ámabuye
- Amasabo akwănkiye arāba imirázi
- Amasabo arakíza
- Amasabo arîca
- Amasé ya kêra ntáhomá urutaro
- Amasîndé y'înkúmi ntárārá
- Amâso arasuma arí kure
- Amâso y'íbikére ntábuzá abavôma
- Amâso y'ύwŭndi ntágushĭmira umugeni
- Amâso ya bábiri arāba kubiri
- Amasūnzu sí amasáka
- Amáta y'înkúba anyōbwa n'ínkŭmbu
- Amáta y'ûmwôro ní umúfa
- Amaté mabí ní ayagîye gusa
- Amatégeko aremēra nk'ámabuye
- Amatwí yūmva icó umutíma ushasháye
- Amaví y'úmushūmba ntáhāngâra izîko
- Amayira abiri yanániye imfyísi
- Amayira y'íshāmba amenywa n'îmêndé
- Amâzi arashûha ntíyībágira i bŭmbehó
- Amâzi asūmira ku mabuye
- Amâzi iyό abāyé maké aharirwa impfîzi
- Amâzi masabano ntámará imvyíro
- Amênyo aragutwēnga arí ayâwé
- Amênyo araryâna kăndi yêra
- Amênyo aratwēnga asíze intîmba mū nda
- Amênyo atwēngera ku majigo
- Amênyo ntíyībúka gushīmira ingásīro
- Amēru y'úmukwé amara indŏngoranywa
- Amîshitso y'úmugeni yōza inkόno icūmbá
- Amôsozi y'úmugabo atēmba ája mū nda
- Amôsozi y'úmukûnzi ava mu rihúmye
- Amûnguranká ní yo mazíkēsha
- Bā Bwênge bări babiri umwé arapfá
- Babiri bĭshe imbwá y'úmwămi
- Babiri ntíbacībwá inká
- Bapfāna ikí barutwa na bamariraniye ikí
- Bareke bāzé ní kwo kunēshwa
- Barimwótubíri ní isí ikugabúrira ikakuzīka
- Barukwěge yŭgururiye ingwe imutwāra nyina
- Batānga inká ntíbatāngá Imâna
- Běne Imâna baruta běne imâri
- Běne vyó ni bó běne inămbu
- Bicīka báraguza
- Biké bikēhanira abănkana
- Bukêbuké bukomeza igihonyi
- Bukêbuké bushikana umusíba ku mugezi
- Bukêbuké ni rwó rugēndo
- Busēye Imâna bukārika abagabo
- Bwākêye ntíbuzá uwukwânka (kukwânka)
- Éjo ní uwŭndi mŭsi
- Akarimi kakuresha si ko kakurongora
- Akarimi karima hanini
- Akaruta akandi karakamira
- Akaryana ntikaryamanwa
- Akaryoshe kahejeje imbeba mw'ibuye
- Akaryoshe ntigahora mw'itama
- Akaryoshe ntikarya umwe
- Akataretse kaba gasema
- Akatari nk'akandi aba ari ishano
- Akatavuga ntigahenda akavuga
- Akazi k'i bwami kica uwicaye
- Akazikira k'umugabo kazikwa n'isi
- Akazimiye ntaho katarondererwa
- Akaziri karizana
- Akaziri ntikazirikwa
- Akeza karigura
- Akeza keza umutima
- Akihuriye n'ingasiro gatera inda urweze
- Akosha umusyi kava mu ngasiro
- Akuzuye ntikamurikwa
- Amabanga abiri ntabangikan(w)a
- Amabarankuru yashikanye inyenzi i Buha
- Amaboko aguha n'ayakurika ntareha
- Amaboko ashikiriye ubuhiye yibagira umushike
- Amaboko atareha ntaramukanya
- Amaboko matindi y'umukobwa asegura uwishe se
- Amaborogo y'umwagazi ntatera impuhwe ingwe
- Amacumu arwanya inzara ni amasuka
- Amacumu aterwa abagabo
- Amagara aramirwa ntamerwa
- Amagara aruta amagana
- Amagorwa ntasiga ayandi
- Amagorwa si ay'umwe
- Amagufa abiri ntabangikana mw'itama
- Amaguru yitangira ku buriri agatahira mu mirambizo
- Amahasa avyinirwa aho yavukiye
- Amahera ntiyirirwa aho yaraye
- Amaherezo y'inzira ni mu nzu
- Amahoro aba mu nda
- Amahoro aruta amahonda
- Amahoro atangurira mu mutima
- Amahoro ava (ahera) mu nda
- Amakuru atarimwo umukuru yama ari amazimwe
- Amanyama arasara ntasaba
- Amanyama aterwa n'agashambara
- Amanyama y'ururo ashirira mu ngasiro
- Amarara ntagura inyama
- Amaraso ava mu ruguma
- Amarira ni umuheto w'uruhinja
- Amasabo aguma nk'amabuye
- Amasabo akwankiye araba imirazi
- Amasabo arakiza
- Amasabo arica
- Amase ya kera ntahoma urutaro
- Amasinde y'inkumi ntarara
- Amaso arasuma ari kure
- Amaso y'ibikere ntabuza abavoma
- Amaso y'uwundi ntagushimira umugeni
- Amaso ya babiri araba kubiri
- Amasunzu si amasaka
- Amata y'inkuba anyobwa n'inkumbu
- Amata y'umworo ni umufa
- Amate mabi ni ayagiye gusa
- Amategeko aremera nk'amabuye
- Amatwi yumva ico umutima ushashaye
- Amavi y'umushumba ntahangara iziko
- Amayira abiri yananiye imfyisi
- Amayira y'ishamba amenywa n'imende
- Amazi arashuha ntiyibagira i bumbeho
- Amazi asumira ku mabuye
- Amazi iyo abaye make aharirwa impfizi
- Amazi masabano ntamara imvyiro
- Amenyo aragutwenga ari ayawe
- Amenyo araryana kandi yera
- Amenyo aratwenga asize intimba mu nda
- Amenyo atwengera ku majigo
- Amenyo ntiyibuka gushimira ingasiro
- Ameru y'umukwe amara indongoranywa
- Amishitso y'umugeni yoza inkono icumba
- Amosozi y'umugabo atemba aja mu nda
- Amosozi y'umukunzi ava mu rihumye
- Amunguranka ni yo mazikesha
- Ba Bwenge bari babiri umwe arapfa
- Babiri bishe imbwa y'umwami
- Babiri ntibacibwa inka
- Bapfana iki barutwa na bamariraniye iki
- Bareke baze ni kwo kuneshwa
- Barimwotubiri ni isi ikugaburira ikakuzika
- Barukwege yugururiye ingwe imutwara nyina
- Batanga inka ntibatanga Imana
- Bene Imana baruta bene imari
- Bene vyo ni bo bene inambu
- Bicika baraguza
- Bike bikehanira abankana
- Bukebuke bukomeza igihonyi
- Bukebuke bushikana umusiba ku mugezi
- Bukebuke ni rwo rugendo
- Buseye Imana bukarika abagabo
- Bwakeye ntibuza uwukwanka (kukwanka)
- Ejo ni uwundi musi
- Gatό karakúra
- Gira só ntárutá gira icó uryá
- Gira só yītūrwa iyĭndi
- Gucá bugúfi bica inzira ntíbicá umugôngo
- Gucá mu zîko ní ukunyáruka
- Gusâza ní ugusahurwa
- Guseka umusóre sí ko kumuhanūra
- Gutāha gutūnga umugabo
- Hā guhāga wōshaza
- Hā guhūra n'úwagúhāye wōhūra n'úwakwîmye (n'úwakwêmereye)
- Hā gupfá uyu mŭsi wōpfa éjo
- Hā gupfá wōzānzama
- Hā kubá imbwá wōba imvá
- Hā kubêsha i bwămi wōtona nâbí
- Hā kubêsha wōbêsherwa
- Hā kugira amasáka wōgira amasabo
- Hā kugōka wōgōrwa
- Ha kunigwa n'ijambo wonigwa n'uwo uribwiye
- Hā kuremēkwa akabōnge wōremēkwa amabuye
- Hā kuvûmba umukŭngu wōvūmba umukûnzi
- Hā kuvyâra wōrima
- Hā kwĭshīma wōshīmwa n'ábăndi
- Hāga umutíma ntíhāgá uburyâmo
- Haguma umwămi ingoma irabāzwa
- Hakora mū nda
- Hapfa umugabo ntíhapfá abagabo
- Hapfa uwavûtse
- Haruha uwurí ku kivi
- Hasabwa uwĭmye
- Havūmbura uwurîbwa
- Hayāga abăngana
- Hĭrya y'ûbwôba haba ubugabo
- Hitámwo bihema indyārya
- I bukûnzi ntíbwīrá
- I bŭnyokόrome uhajānwa na nyoko
- Ibānga ní agacănwa katarahúrwa
- Ibānga ní iryā bábiri uwa gátatu aba arí igisahuzi
- Ibānga ntírimirwá intáma
- Ibānga ribāngirwa ingáta
- Ibānga rirahéberwa
- Ibānga ry'íntāngo ribazwa umubûmvyi
- Ibigôra bigōra abagabo
- Ibihe biha ibĭndi
- Ibihěngeri bitēra imfyísi urwěze
- Ibijá gucîka bica amarěnga
- Ibīntu bija ahó ibĭndi birí
- Ibīntu ní abāntu
- Ibirîwe nêzá birarwīra
- Ibísa birasabiranira
- Ibisângiye imizi bisāngira n'ûkwûma
- Ibitári ivyâwé ntúvyĭbīkáko
- Ibitárihó birîkaza
- Ibitěbu birarésha ntívyūbáka
- Ibitěbu vy'úmukêbá bikwēga agaheza
- Ibitúnye biruta ibitóbotse
- Ibuye riba ritó ntíribá ritŏto
- Ibuye riserútse ntíryīcá isúka
- Icâha cāha inká
- Icăyāye gihayira umukêbá akarí mu gihogero
- Icăyāye kivugira ibicúba ku macúniro
- Icĭmenyēre cītiranya amatúruka n'ámatāha
- Icĭrore kiguhisha inkavyi yăritse kw'īzosi
- Icĭvyāra ní ingwe
- Icĭzēre c'úmushēzi ntígihezwá na
- Icó iguhá n'îcó ikuvyărira birāngana
- Icó Imâna igutútse ní co kikwĭca
- Icó uhāwé n'úgutôra ucākwa n'úgutâkara
- Icó umūntu akorá ní co kimukóra
- Icó umuryāngo utāzí ntíkimenywá na bárŭndi
- Icó umutíma ukūnzé isógo zisūmba inyama
- Icó umuvyêyi asizé ní co aragá
- Icó umuvyêyi asizé ní co arerérwa
- Icó utarâbόna ucērekwa n'úkurāmba
- Icúmu rizôgucûngura ntúmenyá iyó ryăcuriwe
- Ifí ntímenyá ikirâza ishîngá urusěnga
- Ifí yāma mu mâzi ikāmana inyôta
- Ifúku itāzí agaheza ishōra agatwé ku mushíbuká
- Igabo rigira uwĭyubakiye
- Igera ntíritegá imvubú
- Igihēko gihēkera uwuhêkewe n'Îmâna
- Igihere giheza umugabo mū nzu
- Igihúgu ntíkirībwá ivú kirībwa abāntu
- Igikéburwa nticûmve ní imbwá kw'īgúfa
- Igikére gikera kítarâkererwa
- Igikére gikerebukira mu rushānga
- Igikíjije imbwá kiba kíyīshe
- Igípfa câbúriwe ní impōngo
- Igisânīrá gica umwāno ishíga ryîkoreye
- Igishărara c'úrujānyi gihushīsha isôko
- Igisúma ní igifáshwe
- Igisúru kivūvūdikirwa mu gahubo
- Igíti căgukoze mu jîsho cāma gíhiritse
- Igíti cīkwîje amáhwa gitēra inkēnde amakēnga
- Igíti cīswé ingoma ntikibāzwá
- Igíti cīswé umwâna ntígicānwá
- Igíti cūmyé cēgamira kibísi
- Igíti kigorōrwa kíkiri gitó
- Igíti kigwa iyό gihēngámiye
- Igíti kimwé ntíkibá ishāmba
- Igíti kirakúrira mu babāji
- Gato karakura
- Gira so ntaruta gira ico urya
- Gira so yiturwa iyindi
- Guca bugufi bica inzira ntibica umugongo
- Guca mu ziko ni ukunyaruka
- Gusaza ni ugusahurwa
- Guseka umusore si ko kumuhanura
- Gutaha gutunga umugabo
- Ha guhaga woshaza
- Ha guhura n'uwaguhaye wohura n'uwakwimye (n'uwakwemereye)
- Ha gupfa uyu musi wopfa ejo
- Ha gupfa wozanzama
- Ha kuba imbwa woba imva
- Ha kubesha i bwami wotona nabi
- Ha kubesha wobesherwa
- Ha kugira amasaka wogira amasabo
- Ha kugoka wogorwa
- Ha kunigwa n'ijambo wonigwa n'uwo uribwiye
- Ha kuremekwa akabonge woremekwa amabuye
- Ha kuvumba umukungu wovumba umukunzi
- Ha kuvyara worima
- Ha kwishima woshimwa n'abandi
- Haga umutima ntihaga uburyamo
- Haguma umwami ingoma irabazwa
- Hakora mu nda
- Hapfa umugabo ntihapfa abagabo
- Hapfa uwavutse
- Haruha uwuri ku kivi
- Hasabwa uwimye
- Havumbura uwuribwa
- Hayaga abangana
- Hirya y'ubwoba haba ubugabo
- Hitamwo bihema indyarya
- I bukunzi ntibwira
- I bunyokorome uhajanwa na nyoko
- Ibanga ni agacanwa katarahurwa
- Ibanga ni irya babiri uwa gatatu aba ari igisahuzi
- Ibanga ntirimirwa intama
- Ibanga ribangirwa ingata
- Ibanga riraheberwa
- Ibanga ry'intango ribazwa umubumvyi
- Ibigora bigora abagabo
- Ibihe biha ibindi
- Ibihengeri bitera imfyisi urweze
- Ibija gucika bica amarenga
- Ibintu bija aho ibindi biri
- Ibintu ni abantu
- Ibiriwe neza birarwira
- Ibisa birasabiranira
- Ibisangiye imizi bisangira n'ukwuma
- Ibitari ivyawe ntuvyibikako
- Ibitariho birikaza
- Ibitebu biraresha ntivyubaka
- Ibitebu vy'umukeba bikwega agaheza
- Ibitunye biruta ibitobotse
- Ibuye riba rito ntiriba ritoto
- Ibuye riserutse ntiryica isuka
- Icaha caha inka
- Icayaye gihayira umukeba akari mu gihogero
- Icayaye kivugira ibicuba ku macuniro
- Icimenyere citiranya amaturuka n'amataha
- Icirore kiguhisha inkavyi yaritse kw'izosi
- Icivyara ni ingwe
- Icizere c'umushezi ntigihezwa na Vuguvuyaho
- Ico iguha n'ico ikuvyarira birangana
- Ico Imana igututse ni co kikwica
- Ico uhawe n'ugutora ucakwa n'ugutakara
- Ico umuntu akora ni co kimukora
- Ico umuryango utazi ntikimenywa na barundi
- Ico umutima ukunze isogo zisumba inyama
- Ico umuvyeyi asize ni co araga
- Ico umuvyeyi asize ni co arererwa
- Ico utarabona ucerekwa n'ukuramba
- Icumu rizogucungura ntumenya iyo ryacuriwe
- Ifi ntimenya ikiraza ishinga urusenga
- Ifi yama mu mazi ikamana inyota
- Ifuku itazi agaheza ishora agatwe ku mushibuka
- Igabo rigira uwiyubakiye
- Igera ntiritega imvubu
- Igiheko gihekera uwuhekewe n'Imana
- Igihere giheza umugabo mu nzu
- Igihugu ntikiribwa ivu kiribwa abantu
- Igikeburwa nticumve ni imbwa kw'igufa
- Igikere gikera kitarakererwa
- Igikere gikerebukira mu rushanga
- Igikijije imbwa kiba kiyishe
- Igipfa caburiwe ni impongo
- Igisanira gica umwano ishiga ryikoreye
- Igisharara c'urujanyi gihushisha isoko
- Igisuma ni igifashwe
- Igisuru kivuvudikirwa mu gahubo
- Igiti cagukoze mu jisho cama gihiritse
- Igiti cikwije amahwa gitera inkende amakenga
- Igiti ciswe ingoma ntikibazwa
- Igiti ciswe umwana ntigicanwa
- Igiti cumye cegamira kibisi
- Igiti kigororwa kikiri gito
- Igiti kigwa iyo gihengamiye
- Igiti kimwe ntikiba ishamba
- Igiti kirakurira mu babaji
- Igíti ntíkigukóra mu jîsho kabiri
- Igíti utarí bwūríre ntúkirângamira
- Igitíka mu mapfá cīyita Bāndyabângaya
- Igitó gita uwagíkōye ntígitá uwakívyāye
- Igitó gitābwa iwăbo
- Igitúgu kirakúra ntígisūmbá izosi
- Ijāmbo rigukŭnze rikuguma (rigusubira) mū nda
- Ijana ntíryānká mu rĭndi
- Ijîsho Nyawĭkwēgera riha abakwé ibinóko
- Ijîsho rigēnzwá n'ákăndi rigushīma akêmo
- Ijîsho riguséma n'írigúhēzagira ntákanurá kumwé
- Ijîsho rigutúka inkúba n'írigútuka inkúmi ntúriyobérwa
- Ijîsho ry'úmutό ryānka umusâza
- Ijîsho ry'úwŭndi ntírigushĭmira umugeni
- Ijoro ntírigirá umutwăre
- Ijoro ribara uwarírāye
- Ikibwîrwa ní icŭmva icěrekwa ní ikibóna
- Ikigoyi kīza bárima
- Ikigútwāye umutíma ní co kigutwăra agatwé
- Ikimúga gisūmba imvá
- Ikimúga gitāmba cânyôye
- Ikinyóma cā nyéne urugó bagiha intébe kikīcaráko
- Ikinyóma cīca nyené co
- Ikinyóma cûmvīse ukúri kimena urūgi
- Ikinyóma kimara umŭsi ntíkimará umwâka
- Ikinyóma kiraryôha ntíkiryá umutsíma
- Ikinyóma kirasôsa ntígihāzá
- Ikinyoni kigurútse kítavuzé bacīta icâna
- Ikirémēra umutwé sí co kiremêra umutíma
- Ikirîrahábiri ntígiteramira ahó bavyiná amahása
- Ikirúta ikĭndi ní ijāmbo ry'úmusâza
- Ikirwa c'úmwămi ugiherūka ukícūbaka
- Ikitábuzé ní ibihŭnda mu bitōke
- Ikitâzí cāmbarira urunega mu bakínegura
- Ikitâzí cīgānzira agahîye
- Ikitâzí cītiranya imāmba n'úmusíba
- Ikivi ní icā kare
- Ikivūmbiko ntígitēshá ikivûmbuzi akarí ku mashíga
- Ikiyāgo gisūmba ikivi
- Ikīza ntíkīzíra umwé
- Imâna ifasha uwĭfashije
- Imâna igarurira ku makōmbokōmbo
- Imâna igira ahó imāníye
- Imâna igira amabóko marēmare
- Imâna iguha ingόro ikúbīkiye akarûri
- Imâna iguhá irutwa n'íyăkīra
- Imâna iguhăye ní yo ikwăka
- Imâna ihōra ihόze
- Imâna ikora ahó imānírijwe
- Imâna ikurăbira umwânsi muba múri kumwé
- Imâna ikuvyărira sí yo ikureréra
- Imâna iragúha ntímugurá (iyό muguzé iragúhēnda)
- Imâna iragúha ntíyībágira ahó yagúhēreye
- Imâna irarema ntítōránya
- Imâna iratânga aríko ntíyībágira guhena
- Imâna iruta ingabo
- Imâna itānga ishâka
- Imâna itāngira mw'ītíro
- Imâna itegéka ibīntu ní yo nkúru
- Imâna ntîbá kabiri
- Imâna ntîhá uwĭcaye
- Imâna ntîhá uwĭruka
- Imâna ntîhá uwĭsīze
- Imâna ntîhá uwĭtāngira itáma
- Imâna ntísīnzîra
- Imâna y'înká iba kw'īriba
- Imâna y'înká yāma ku mugezi
- Imâna y'ûmwôro imurābīsha umugôngo
- Imâna ya mwêne só si yó ya mwêne nyoko
- Imānga ntímaríra Imâna
- Imbăgwa ntíburá igicúmuro
- Imbeba ikurya igúhūha
- Imbeba irāríye umwôro iguguna urūgi
- Imbeba ntísāzíra mu kigega
- Imbeba zīyóbewe zitōnganira mu bigega
- Imbîtsi ya cāne ibīkira mukēbá
- Imbóga mbí ntízivá mū nkóno
- Imbógo ihotora ihîgwa
- Imbúrabâna yūgūmbira irekwe
- Imbúrabúgiríre ihūnga ijāmbo
- Imbúramaboko ibagara umushatsi
- Imbúto itēwé ní yo imerá
- Imbúto nzīzá itâwe mū nyēnga icīka izĭnga
- Imbwá ibura sé ntíburá shêbuja
- Imbwá ifise amaguru ané igaca mū nzira imwé
- Imbwá ikugá ntíryāná
- Imbwá itūbáha indăva ikeburwa n'înyágutwí
- Imbwá itwāwé ku rutúgu ntíhīgá
- Imbwá ntígutwěngera iba ishâka kukúrya
- Imbwá ntísumá n'îyó isumyé ntíshikána
- Imbwá y'úmukwé ní yo mukwé
- Imbwá y'úmusega ihīgira mu bíti vy'úrugó
- Imbwá y'ûmwôro yība irwâye
- Imbwá yahîye ku murīzo ngo buracá tuharăbe
- Imbwá yarîhūse ivyāra ibihúme
- Imbwá yīnwa na nyéne yó
- Imbwá yīséma irya shêbuja
- Imfúra igwa mū mfúruká
- Imfúra na sé barāngana
- Imfyísi itōra mu rwāngara
- Igiti ntikigukora mu jisho kabiri
- Igiti utari bwurire ntukirangamira
- Igitika mu mapfa ciyita Bandyabangaya
- Igito gita uwagikoye ntigita uwakivyaye
- Igito gitabwa iwabo
- Igitugu kirakura ntigisumba izosi
- Ijambo rigukunze rikuguma (rigusubira) mu nda
- Ijana ntiryanka mu rindi
- Ijisho Nyawikwegera riha abakwe ibinoko
- Ijisho rigenzwa n'akandi rigushima akemo
- Ijisho rigusema n'iriguhezagira ntakanura kumwe
- Ijisho rigutuka inkuba n'irigutuka inkumi nturiyoberwa
- Ijisho ry'umuto ryanka umusaza
- Ijisho ry'uwundi ntirigushimira umugeni
- Ijoro ntirigira umutware
- Ijoro ribara uwariraye
- Ikibwirwa ni icumva icerekwa ni ikibona
- Ikigoyi kiza barima
- Ikigutwaye umutima ni co kigutwara agatwe
- Ikimuga gisumba imva
- Ikimuga gitamba canyoye
- Ikinyoma ca nyene urugo bagiha intebe kikicarako
- Ikinyoma cica nyene co
- Ikinyoma cumvise ukuri kimena urugi
- Ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka
- Ikinyoma kiraryoha ntikirya umutsima
- Ikinyoma kirasosa ntigihaza
- Ikinyoni kigurutse kitavuze bacita icana
- Ikiremera umutwe si co kiremera umutima
- Ikirirahabiri ntigiteramira aho bavyina amahasa
- Ikiruta ikindi ni ijambo ry'umusaza
- Ikirwa c'umwami ugiheruka ukicubaka
- Ikitabuze ni ibihunda mu bitoke
- Ikitazi cambarira urunega mu bakinegura
- Ikitazi ciganzira agahiye
- Ikitazi citiranya imamba n'umusiba
- Ikivi ni ica kare
- Ikivumbiko ntigitesha ikivumbuzi akari ku mashiga
- Ikiyago gisumba ikivi
- Ikiza ntikizira umwe
- Imana ifasha uwifashije
- Imana igarurira ku makombokombo
- Imana igira aho imaniye
- Imana igira amaboko maremare
- Imana iguha ingoro ikubikiye akaruri
- Imana iguha irutwa n'iyakira
- Imana iguhaye ni yo ikwaka
- Imana ihora ihoze
- Imana ikora aho imanirijwe
- Imana ikurabira umwansi muba muri kumwe
- Imana ikuvyarira si yo ikurerera
- Imana iraguha ntimugura (iyo muguze iraguhenda)
- Imana iraguha ntiyibagira aho yaguhereye
- Imana irarema ntitoranya
- Imana iratanga ariko ntiyibagira guhena
- Imana iruta ingabo
- Imana itanga ishaka
- Imana itangira mw'itiro
- Imana itegeka ibintu ni yo nkuru
- Imana ntiba kabiri
- Imana ntiha uwicaye
- Imana ntiha uwiruka
- Imana ntiha uwisize
- Imana ntiha uwitangira itama
- Imana ntisinzira
- Imana y'inka iba kw'iriba
- Imana y'inka yama ku mugezi
- Imana y'umworo imurabisha umugongo
- Imana ya mwene so si yo ya mwene nyoko
- Imanga ntimarira Imana
- Imbagwa ntibura igicumuro
- Imbeba ikurya iguhuha
- Imbeba irariye umworo iguguna urugi
- Imbeba ntisazira mu kigega
- Imbeba ziyobewe zitonganira mu bigega
- Imbitsi ya cane ibikira mukeba
- Imboga mbi ntiziva mu nkono
- Imbogo ihotora ihigwa
- Imburabana yugumbira irekwe
- Imburabugirire ihunga ijambo
- Imburamaboko ibagara umushatsi
- Imbuto itewe ni yo imera
- Imbuto nziza itawe mu nyenga icika izinga
- Imbwa ibura se ntibura shebuja
- Imbwa ifise amaguru ane igaca mu nzira imwe
- Imbwa ikuga ntiryana
- Imbwa itubaha indava ikeburwa n'inyagutwi
- Imbwa itwawe ku rutugu ntihiga
- Imbwa ntigutwengera iba ishaka kukurya
- Imbwa ntisuma n'iyo isumye ntishikana
- Imbwa y'umukwe ni yo mukwe
- Imbwa y'umusega ihigira mu biti vy'urugo
- Imbwa y'umworo yiba irwaye
- Imbwa yahiye ku murizo ngo buraca tuharabe
- Imbwa yarihuse ivyara ibihume
- Imbwa yinwa na nyene yo
- Imbwa yisema irya shebuja
- Imfura igwa mu mfuruka
- Imfura na se barangana
- Imfyisi itora mu rwangara
- Imfyísi y'íwănyu ikurya ikúrūndarūnda
- Imigére ibiri ntítēréka
- Iminwe iryōha inyúrana
- Imirázi isūmba guhuma
- Imisega ibiri ntínanírwa igúfa
- Imĭsi irasa ntingána
- Imisibo ntírerá
- Imisózi iyó ikūmbúranye abató barahagwa
- Imiswi itāzí agaheza yūgamika agáca
- Imitămbire y'ímpōngo ní yo migĭrīre
- Imíti ikora ikóranye
- Impararo ijāna n'ûmwâka
- Impêmbo y'ûmwâna ipfa mu magodoka
- Impéne irīsha ahó izirítse
- Impfîzi ahó ishitsé irîvuga
- Impfîzi ivyāra ukó ivyāgíye
- Impfîzi y'índwānyi iterekērwa mwěne sé
- Impfîzi y'íntāma itēndera nka sé
- Impfûvyi ibāga yôtsa
- Impfûvyi iragōka
- Impfûvyi irīra kw'īshano
- Impfûvyi iseka rimwé
- Impĭnga imarwa n'úkuyāga
- Impōngo ihīgwa yûbutse
- Impōngo isubira ku rwûbuko
- Impŭndu ntíbūngwá
- Imvugirakuyamara y'úmugabo ikūndwa na báke
- Imvúra inyāgira icó isānzé
- Imvúzi ya mênshi ivuga urwĭshe nyina
- Imyěnge y'ínzu imenywa na nyéne yó
- Inánkūndakuryá yarîye ubûki bw'îfûnděri
- Inanyi ikamwa měnshi
- Inánzōbirya mvyîkoreye yapfûye atîkóra inyuma
- Incúti iragúherekeza
- Inda iremēra irí gusa
- Inda ndēnde ihūmira indyá
- Inda ndēnde irōngwa icúmu
- Inda ní akamenēsha bānga
- Inda ní akarúta umwâna
- Inda ní amahănga
- Inda ní Bahomora
- Inda ní Barîtōraguza
- Inda ní sēha uzána
- Inda ní umwânsi
- Inda ntîbá impāmba
- Inda uyibarira icó wayirărije ntúyibaríra icó wayihăye
- Inda y'ûmwôro ibonekēsha agasámo
- Indahiro mbí ntigwāzá mū nda
- Indakûzi ntímutāhána ubukwé
- Indārandîye ní yo mugabo
- Indûrú ntígānzá ingoma
- Indyá y'úmugayo irya umugabo
- Inēra ibegerwa ku bwăyo igakūra ubwătsi
- Inēra ikunēra ku mukŏbwa igacīka umukwé
- Ingayi ya cāne uyitega Uburŭndi
- Ingēndo y'úwŭndi iravúna
- Ingēnzi irabόna
- Ingēnzi ntígirá ihěmbe
- Ingēnzi ntímenyá ahό igwá
- Ingēnzi y'ímihana ní yo nzanyi y'ámazímwe
- Ingeso irarába ntíhwērá
- Ingeso ntíryāmírwa
- Ingeso ntízīndúka
- Ingeso y'úrugó ntíyūbáka urŭndi
- Ingīngo sí ibigīngo
- Ingīngo y'íjāmbo iva mw'ījigo (mu matáma)
- Ingiri igira nk'íyĭndi ikavuna ibano nk'íy'ějo
- Ingo tubāné ní we ingo twānkáne
- Ingoma igānzwa n'ámashí
- Ingoma iruta iróbe
- Ingoma ní kimwé na nyéne yό
- Ingoma ntó yīca nka níni
- Ingoma nzīzá ní iyigúkijije
- Ingoma yagúkānze irahuhuma ugahūnga
- Ingoma yīmana ivyăyo
- Ingoma yōguha amáta ntíyōguha amâzi
- Ingōna iva mu rûzi ikarigata urume
- Ingόro ntísēnyéra iyĭndi
- Ingóro y'úmwămi iraguma itûgáye
- Ingūmba irīra kū mvyêyi
- Ingūmba itāzí ikíbi irigata ishênyo
- Ingwe igutwāra igitŭngwa ikagutānga kuráka
- Ingwe ntíyarí ízi gufátira kw'īzosi yarîgīshijwe
- Inká ikamwa icó yarīyé
- Inká irāra ahó iyĭndi yarāyé
- Inká irasâza ikīcwa n'úmwŭzukuru
- Inkêká ntíbēshá
- Inkēnde (ishājé) inyāgirirwa mūsí y'igíti (yahόra) yŭriye (yûrira)
- Inkezi ikera urwó birēhá
- Inkĭngi imwé ntígirá inzu
- Inkíre ntíkirá kabiri
- Inkóko irāra mw'īshāmba igacīka inkwăre
- Inkóko yērá itāha kare
- Inkokókazi irapfá amagí akabora
- Inkoni ikubíse mukēbá uyirēnza urugό
- Inkoni ishikīra igúfa ntíshikîra ingeso
- Inkoni nzīzá imerera ahăga
- Inkόno ihīra igihe ntíhīrá inzara
- Inkóno isha ukó ishāká
- Inkόno mu kwănka irava
- Imfyisi y'iwanyu ikurya ikurundarunda
- Imigere ibiri ntitereka
- Iminwe iryoha inyurana
- Imirazi isumba guhuma
- Imisega ibiri ntinanirwa igufa
- Imisi irasa ntingana
- Imisibo ntirera
- Imisozi iyo ikumburanye abato barahagwa
- Imiswi itazi agaheza yugamika agaca
- Imitambire y'impongo ni yo migirire
- Imiti ikora ikoranye
- Impararo ijana n'umwaka
- Impembo y'umwana ipfa mu magodoka
- Impene irisha aho iziritse
- Impfizi aho ishitse irivuga
- Impfizi ivyara uko ivyagiye
- Impfizi y'indwanyi iterekerwa mwene se
- Impfizi y'intama itendera nka se
- Impfuvyi ibaga yotsa
- Impfuvyi iragoka
- Impfuvyi irira kw'ishano
- Impfuvyi iseka rimwe
- Impinga imarwa n'ukuyaga
- Impongo ihigwa yubutse
- Impongo isubira ku rwubuko
- Impundu ntibungwa
- Imvugirakuyamara y'umugabo ikundwa na bake
- Imvura inyagira ico isanze
- Imvuzi ya menshi ivuga urwishe nyina
- Imyenge y'inzu imenywa na nyene yo
- Inankundakurya yariye ubuki bw'ifunderi
- Inanyi ikamwa menshi
- Inanzobirya mvyikoreye yapfuye atikora inyuma
- Incuti iraguherekeza
- Inda iremera iri gusa
- Inda ndende ihumira indya
- Inda ndende irongwa icumu
- Inda ni akamenesha banga
- Inda ni akaruta umwana
- Inda ni amahanga
- Inda ni Bahomora
- Inda ni Baritoraguza
- Inda ni seha uzana
- Inda ni umwansi
- Inda ntiba impamba
- Inda uyibarira ico wayirarije ntuyibarira ico wayihaye
- Inda y'umworo ibonekesha agasamo
- Indahiro mbi ntigwaza mu nda
- Indakuzi ntimutahana ubukwe
- Indarandiye ni yo mugabo
- Induru ntiganza ingoma
- Indya y'umugayo irya umugabo
- Inera ibegerwa ku bwayo igakura ubwatsi
- Inera ikunera ku mukobwa igacika umukwe
- Ingayi ya cane uyitega Uburundi
- Ingendo y'uwundi iravuna
- Ingenzi irabona
- Ingenzi ntigira ihembe
- Ingenzi ntimenya aho igwa
- Ingenzi y'imihana ni yo nzanyi y'amazimwe
- Ingeso iraraba ntihwera
- Ingeso ntiryamirwa
- Ingeso ntizinduka
- Ingeso y'urugo ntiyubaka urundi
- Ingingo si ibigingo
- Ingingo y'ijambo iva mw'ijigo (mu matama)
- Ingiri igira nk'iyindi ikavuna ibano nk'iy'ejo
- Ingo tubane ni we ingo twankane
- Ingoma iganzwa n'amashi
- Ingoma iruta irobe
- Ingoma ni kimwe na nyene yo
- Ingoma nto yica nka nini
- Ingoma nziza ni iyigukijije
- Ingoma yagukanze irahuhuma ugahunga
- Ingoma yimana ivyayo
- Ingoma yoguha amata ntiyoguha amazi
- Ingona iva mu ruzi ikarigata urume
- Ingoro ntisenyera iyindi
- Ingoro y'umwami iraguma itugaye
- Ingumba irira ku mvyeyi
- Ingumba itazi ikibi irigata ishenyo
- Ingwe igutwara igitungwa ikagutanga kuraka
- Ingwe ntiyari izi gufatira kw'izosi yarigishijwe
- Inka ikamwa ico yariye
- Inka irara aho iyindi yaraye
- Inka irasaza ikicwa n'umwuzukuru
- Inkeka ntibesha
- Inkende (ishaje) inyagirirwa musi y'igiti (yahora) yuriye (yurira)
- Inkezi ikera urwo bireha
- Inkingi imwe ntigira inzu
- Inkire ntikira kabiri
- Inkoko irara mw'ishamba igacika inkware
- Inkoko yera itaha kare
- Inkokokazi irapfa amagi akabora
- Inkoni ikubise mukeba uyirenza urugo
- Inkoni ishikira igufa ntishikira ingeso
- Inkoni nziza imerera ahaga
- Inkono ihira igihe ntihira inzara
- Inkono isha uko ishaka
- Inkono mu kwanka irava
- Inkόno mu kwănka irava
- Inkόrakozi ntíburá gushá
- Inkúmi ikura iyĭndi igîye
- Inkūnda nkúbōnye irutwa n'ínkūnda nkúzirikanye
- Inkúru mbárirano irutwa n'îyό wībόneye
- Inkúru y'ûmwâna isubira inyuma
- Inkwăre irāmvyé itōra mw'ītōngo ry'úwayíhīga
- Inkwăre itōra mw'ītōngo agatíma kári mw'īshāmba
- Inkwăre ivunítse ihūra n'ûmwâna
- Inkwăre yīcwa n'índeretsi
- Inkwăre zisēzerana mu masesa
- Inshiramazīnda ntírerá impfûvyi
- Intábarírwa (Intábwīrwá) ibarirwa (ibwīrwa) n'ûkό amâso atukúye
- Intábazá irya imiziro
- Intábiríma ntíyabírīye
- Intábisíga ni yó ntábisânga
- Intângo y'úbuhănza ní amasόso
- Intárābóna isēra iháha
- Intárimá ntímirá
- Intébe irutwa n'íntemére
- Intěre igwa kure
- Intîbágira ntíbāná
- Intîbágira ntírerá impfûvyi
- Intŏre ihūmba itwênga
- Intŏre ipfīra ibānga
- Intŏre mwōhūrira kū nzira ntíwōyirārira
- Intŏre ntírāmbá
- Intúmwa irarābirwa ntíyīcwá
- Intwâri iboneka rúkāmvye
- Inyákamwe inyaga imwé
- Inyama y'ámarêré yatânze umuziha gusohoka
- Inyama y'úmugóre isha yîhina
- Inyána imenya nyina mu mwîjimá
- Inyána iranúra ntíshirá irēnda
- Inyănge ntíharánira kwěra
- Inyo y'înkóko uyērekwa n'úmuyaga
- Inyoni iguruka yîsūnga igíti
- Inyósha mbí ingana umurozi
- Inyuma y'ínyungú hāza akanyărire
- Inyūndo irakúra (iracúra) ntísūmbá iyayûjuje
- Inyūndo isigáranye abâna ihōnda imisé
- Inzara irahéra aríko igihému kibí ntígiherá
- Inzara itēranya abaséka
- Inzara ní inzerágiza
- Inzara ntíyīcá batānu yīca abatânye
- Inzara y'ûmwâna imenywa na nyina
- Inzérerezi ntíhāmbá sé
- Inzigo izigira mu gahĭnga
- Inzigo ntízigáma irêmbo
- Inzira ntíbará inkúru
- Inzira y'íshāmba igēndwa n'ábayîzi
- Inzira ya hâfi yamáze abatwá
- Inzόga imara ubwôba ntímará ubwôro
- Inzόga y'í bwămi mu kuyisoma urasûngarara
- Inzóka ntíyīgórōra iba igîye
- Inzóka yōróshe imira iyigúmye
- Inzu ntísēnyéra iyĭndi
- Inzu ntíyīnjíra mu yĭndi
- Inzu yantíyahîye
- Irakeregeza ikaba inkěcuru
- Iríba riba kare
- Irirênze umunwa riba rírēnze impĭnga
- Iryěze kare ntírigerá ku murara
- Isáka rimwé ntíryūzúra ikigega
- Isáka rirakúra ntírisūmbá umugéshi
- Isári ntírēngá intŏre
- Isáse riva ku cûma
- Isāzi irí ubuté ntîryá ku gisebe
- Iséma isema básemerera
- Iséma y'úmugabo yīrukana ishíshīro
- Iséma y'úmukěcuru yīsīga umusoma
- Ishāmba ryăbāye indahiro ntíribá indagiro
- Ishávu ry'úmuvyêyi rirîrirwa ntírirārá
- Ishíga rimwé ntíryāríka
- Ishirásoní sí iyiróga ní iyírya abăndi bábona
- Ishûrwé rirêra kăndi rírura
- Isóni zirīsha ishano
- Isórōsóro igwīrira iyó iroyé (i bwĭnshi, i bwămi)
- Isúka yāmá iríma ntîgwá ingése
- Itáma ridatamíye ntíritamúra
- Itêká urihābwa n'úmugóre
- Itōngo ní amagára y'úmūntu
- Itōngo ní ubuzima
- Itōngo ry'úmuryāngo ní wo urizigáma
- Ivoka ry'îmbwá rikoroka (ijoro kăndi) ríhīye
- Ivú rihozé ní ryo ryōtsá inzu
- Ivy'ábăndi bishīnga amâso ntíbishīngá amênyo
- Ivy'ábapfú birya abapfúmu
- Ivy'ějo bibara ab'ějo
- Ivy'ějo bibonwa n'Îmâna
- Ivy'îsí ní amabānga
- Ivyā gusa biri ku mutégo
- Ivyā gusa bitēra ubwênge buké
- Ivyănse mu mashí bija mu migére
- Ivyâra ntírigōrá nk'írera
- Iyā nyuma ihāga inkoni
- Iyakáremye ní yo ikaména
- Iyakúrīye ntúyigéra inkoni
- Iyănka kuzímira irâbira
- Iyarâye ubúsa ntívugá
- Inkono mu kwanka irava
- Inkorakozi ntibura gusha
- Inkumi ikura iyindi igiye
- Inkunda nkubonye irutwa n'inkunda nkuzirikanye
- Inkuru mbarirano irutwa n'iyo wiboneye
- Inkuru y'umwana isubira inyuma
- Inkware iramvye itora mw'itongo ry'uwayihiga
- Inkware itora mw'itongo agatima kari mw'ishamba
- Inkware ivunitse ihura n'umwana
- Inkware yicwa n'inderetsi
- Inkware zisezerana mu masesa
- Inshiramazinda ntirera impfuvyi
- Intabarirwa (Intabwirwa) ibarirwa (ibwirwa) n'uko amaso atukuye
- Intabaza irya imiziro
- Intabirima ntiyabiriye
- Intabisiga ni yo ntabisanga
- Intango y'ubuhanza ni amasoso
- Intarabona isera ihaha
- Intarima ntimira
- Intebe irutwa n'intemere
- Intere igwa kure
- Intibagira ntibana
- Intibagira ntirera impfuvyi
- Intore ihumba itwenga
- Intore ipfira ibanga
- Intore mwohurira ku nzira ntiwoyirarira
- Intore ntiramba
- Intumwa irarabirwa ntiyicwa
- Intwari iboneka rukamvye
- Inyakamwe inyaga imwe
- Inyama y'amarere yatanze umuziha gusohoka
- Inyama y'umugore isha yihina
- Inyana imenya nyina mu mwijima
- Inyana iranura ntishira irenda
- Inyange ntiharanira kwera
- Inyo y'inkoko uyerekwa n'umuyaga
- Inyoni iguruka yisunga igiti
- Inyosha mbi ingana umurozi
- Inyuma y'inyungu haza akanyarire
- Inyundo irakura (iracura) ntisumba iyayujuje
- Inyundo isigaranye abana ihonda imise
- Inzara irahera ariko igihemu kibi ntigihera
- Inzara iteranya abaseka
- Inzara ni inzeragiza
- Inzara ntiyica batanu yica abatanye
- Inzara y'umwana imenywa na nyina
- Inzererezi ntihamba se
- Inzigo izigira mu gahinga
- Inzigo ntizigama irembo
- Inzira ntibara inkuru
- Inzira y'ishamba igendwa n'abayizi
- Inzira ya hafi yamaze abatwa
- Inzoga imara ubwoba ntimara ubworo
- Inzoga y'i bwami mu kuyisoma urasungarara
- Inzoka ntiyigorora iba igiye
- Inzoka yoroshe imira iyigumye
- Inzu ntisenyera iyindi
- Inzu ntiyinjira mu yindi
- Inzu ya Musavyi ntiyahiye
- Irakeregeza ikaba inkecuru
- Iriba riba kare
- Irirenze umunwa riba rirenze impinga
- Iryeze kare ntirigera ku murara
- Isaka rimwe ntiryuzura ikigega
- Isaka rirakura ntirisumba umugeshi
- Isari ntirenga intore
- Isase riva ku cuma
- Isazi iri ubute ntirya ku gisebe
- Isema isema basemerera
- Isema y'umugabo yirukana ishishiro
- Isema y'umukecuru yisiga umusoma
- Ishamba ryabaye indahiro ntiriba indagiro
- Ishavu ry'umuvyeyi riririrwa ntirirara
- Ishiga rimwe ntiryarika
- Ishirasoni si iyiroga ni iyirya abandi babona
- Ishurwe rirera kandi rirura
- Isoni zirisha ishano
- Isorosoro igwirira iyo iroye (i bwinshi, i bwami)
- Isuka yama irima ntigwa ingese
- Itama ridatamiye ntiritamura
- Iteka urihabwa n'umugore
- Itongo ni amagara y'umuntu
- Itongo ni ubuzima
- Itongo ry'umuryango ni wo urizigama
- Ivoka ry'imbwa rikoroka (ijoro kandi) rihiye
- Ivu rihoze ni ryo ryotsa inzu
- Ivy'abandi bishinga amaso ntibishinga amenyo
- Ivy'abapfu birya abapfumu
- Ivy'ejo bibara ab'ejo
- Ivy'ejo bibonwa n'Imana
- Ivy'isi ni amabanga
- Ivya gusa biri ku mutego
- Ivya gusa bitera ubwenge buke
- Ivyanse mu mashi bija mu migere
- Ivyara ntirigora nk'irera
- Iya nyuma ihaga inkoni
- Iyakaremye ni yo ikamena
- Iyakuriye ntuyigera inkoni
- Iyanka kuzimira irabira
- Iyaraye ubusa ntivuga
- Iyibíze nâbí uyīma ifu
- Iyĭgānje yīma izĭndi zíbona
- Iyigéze kure ntâ yitáyigéra ihěmbe
- Iyihôngotse arí imwé ntíbuzá izĭndi kurîsha
- Iyijá kurîsha ihēra kū nâma
- Iyikîtse ntâ wutáyikóra mū nda
- Iyikúbūriye ntíkuryá
- Iyinízwe n'amáta ntâ wŭndi mwērēra
- Iyirí ubwôba irahwêza
- Iyisîzwe umûnyu n'Îmâna irigatwa ná zöse
- Iyítăkōye nyoko uyihonyora mu mayêzi
- Iyivúnitse yīga gucûmbagira
- Iyivyâgiye kěra ivyāgurukana irāgo
- Iyivyâriye ku macúniro ntîbá ikíbāzwe
- Iyivyâye amashūri iyīcūnguza amarāgo
- Iyivyâye ikibóze irakírigata
- Iyό butárĭra mukâsό aba nyoko
- Iyó indûrú ivuzé umushūmba atānga shêbuja gupfá
- Iyó indûrú ivuzé umushūmba atānga shêbuja gupfá
- Iyó utēyé ibuye mū mbwá nyĭnshi iyimótse ní yo ubá ugémye
- Iyó uvá ntíhakuvá inyuma
- Iyŭbutse ntíhishwá indûrú
- Iyŭbutse ntíhishwá Indûrú
- Izā nyabutīndi zămazwe n'úmugére w'ísāzi
- Izijá guhóna zihēra mu ruhŏngore
- Izikénye ziruta izinyázwe
- Izína ní ryo mūntu
- Izo zābíra zări imitavu
- Izo zibiká zări amági
- Kabiri karazirwa
- Kamwé ní ubúsa
- Kananira abagabo ntíyĭmye
- Karahára mu rugănda ntíbacurá
- Karimanzigo ntíyīmbúra
- Kibúrabwênge c'úmugabo yakwîkiye ishênyo mu gisomasoma
- Kubá imbwá sí ukumoka
- Kubá murēmure sí ko kumanura imvúra
- Kubáho ní ukubâna
- Kugera kure sí ko gupfá
- Kugōrwa sí ko kugōka
- Kuraguza kurutwa nó kugēndereza
- Kure ní mū nda
- Kuryá ní kare
- Kuvúga měnshi sí ko kuyamara
- Maguru ya Nyárwări yasíze imvúra n'úmuguha
- Mpa nūmvé yĭshwe n'úmuráhu
- Mpūngé urw'ăha yakímajije amaguru
- Mū nda haba umutíma ntíhabá umutsíma
- Mū nda harāra inzara hakavyūka inzigo
- Mukâsó sí nyoko
- Mukúru w'íjāmbo ní irĭndi
- Mwāramutse ntákūrá akăramutse ku mutíma
- Mwěne nāká yōkuzirika ku cătsi
- Mwěne nyoko aravyâra ntŭtume
- N'úburí ku munwa burakoroka
- N'ubúsa burazirwa
- N'úwuhígimye aba avúze
- N'úwutáco avuzé aba avúze
- Na Bucangênda yapfûye atágīyé
- Na gáto kava ku yigûye
- Nári ntíhābwá intébe
- Ncīshé maké yacîye igihonyi
- Ndabirīnze yagûye mu mirīnzi
- Ndabirŭnguruke yagûye mu myūgariro
- Ndacâri mutó ní bwo butīndi
- Ndakwânse ntîvámwo ndagúkūnze
- Ndânse ibēra umusazi
- Ndaryĭmare ní we ndaryĭtēre
- Ndi umugabo ní ko gupfá
- Ndimé nshīmwé yagûye mw'īsemo
- Ndīndé yarápfūye Mpūngé arakíra
- Ngira ukó nakúgize ní we agōrá
- Ntā barônkera rimwé nk'abáca imisígāti
- Ntā buja bukizá
- Ntā bwênge bw'ŭmwe
- Ntā bwôro buramá nk'ûbw'íkirēnge
- Ntā cĭca umukŏndo ngo gisigé amara
- Ntā cĭca umukŏndo ngo gisigé amara
- Ntā gahéra iyό kăgīye
- Ntā joro ridacá
- Ntā kabúra imvo
- Ntā kěra kā gusa
- Ntā mbwá ikugána igúfa mu kanwa
- Ntā mpōngano y'ûmwânsi
- Ntā mucūmvyi yabwîyimye
- Ntā mugabo umwé
- Ntā mukúru aburá mukúruwé
- Ntā mukúru mu cōbo
- Ntā muryāngo usūmbá inda
- Ntā muzīndutsi wa kare ku mutíma w'úwŭndi
- Ntā mvúra idahitá
- Ntā mwâna n'íkinōno
- Ntā mwîzá w'ínzara
- Ntā mwônga uburá isáto iba idáhīzwé
- Ntā nda iburá intŭntu
- Ntā ndagúkūnda nkakwānkira umwâna
- Ntā ngoma itavugá
- Ntā nkokókazi ibíka isăke irího
- Ntā ntāmbara iburá inkomére
- Ntā nyama itaryá umutsíma
- Iyibize nabi uyima ifu
- Iyiganje yima izindi zibona
- Iyigeze kure nta yitayigera ihembe
- Iyihongotse ari imwe ntibuza izindi kurisha
- Iyija kurisha ihera ku nama
- Iyikitse nta wutayikora mu nda
- Iyikuburiye ntikurya
- Iyinizwe n'amata nta wundi mwerera
- Iyiri ubwoba irahweza
- Iyisizwe umunyu n'Imana irigatwa na zöse
- Iyitakoye nyoko uyihonyora mu mayezi
- Iyivunitse yiga gucumbagira
- Iyivyagiye kera ivyagurukana irago
- Iyivyariye ku macuniro ntiba ikibazwe
- Iyivyaye amashuri iyicunguza amarago
- Iyivyaye ikiboze irakirigata
- Iyo butarira mukaso aba nyoko
- Iyo induru ivuze umushumba atanga shebuja gupfa
- Iyo induru ivuze umushumba atanga shebuja gupfa
- Iyo uteye ibuye mu mbwa nyinshi iyimotse ni yo uba ugemye
- Iyo uva ntihakuva inyuma
- Iyubutse ntihishwa induru
- Iyubutse ntihishwa Induru
- Iza nyabutindi zamazwe n'umugere w'isazi
- Izija guhona zihera mu ruhongore
- Izikenye ziruta izinyazwe
- Izina ni ryo muntu
- Izo zabira zari imitavu
- Izo zibika zari amagi
- Kabiri karazirwa
- Kamwe ni ubusa
- Kananira abagabo ntiyimye
- Karahara mu ruganda ntibacura
- Karimanzigo ntiyimbura
- Kiburabwenge c'umugabo yakwikiye ishenyo mu gisomasoma
- Kuba imbwa si ukumoka
- Kuba muremure si ko kumanura imvura
- Kubaho ni ukubana
- Kugera kure si ko gupfa
- Kugorwa si ko kugoka
- Kuraguza kurutwa no kugendereza
- Kure ni mu nda
- Kurya ni kare
- Kuvuga menshi si ko kuyamara
- Maguru ya Nyarwari yasize imvura n'umuguha
- Mpa numve yishwe n'umurahu
- Mpunge urw'aha yakimajije amaguru
- Mu nda haba umutima ntihaba umutsima
- Mu nda harara inzara hakavyuka inzigo
- Mukaso si nyoko
- Mukuru w'ijambo ni irindi
- Mwaramutse ntakura akaramutse ku mutima
- Mwene naka yokuzirika ku catsi
- Mwene nyoko aravyara ntutume
- N'uburi ku munwa burakoroka
- N'ubusa burazirwa
- N'uwuhigimye aba avuze
- N'uwutaco avuze aba avuze
- Na Bucangenda yapfuye atagiye
- Na gato kava ku yiguye
- Nari ntihabwa intebe
- Ncishe make yaciye igihonyi
- Ndabirinze yaguye mu mirinzi
- Ndabirunguruke yaguye mu myugariro
- Ndacari muto ni bwo butindi
- Ndakwanse ntivamwo ndagukunze
- Ndanse ibera umusazi
- Ndaryimare ni we ndaryitere
- Ndi umugabo ni ko gupfa
- Ndime nshimwe yaguye mw'isemo
- Ndinde yarapfuye Mpunge arakira
- Ngira uko nakugize ni we agora
- Nta baronkera rimwe nk'abaca imisigati
- Nta buja bukiza
- Nta bwenge bw'umwe
- Nta bworo burama nk'ubw'ikirenge
- Nta cica umukondo ngo gisige amara
- Nta cica umukondo ngo gisige amara
- Nta gahera iyo kagiye
- Nta joro ridaca
- Nta kabura imvo
- Nta kera ka gusa
- Nta mbwa ikugana igufa mu kanwa
- Nta mpongano y'umwansi
- Nta mucumvyi yabwiyimye
- Nta mugabo umwe
- Nta mukuru abura mukuruwe
- Nta mukuru mu cobo
- Nta muryango usumba inda
- Nta muzindutsi wa kare ku mutima w'uwundi
- Nta mvura idahita
- Nta mwana n'ikinono
- Nta mwiza w'inzara
- Nta mwonga ubura isato iba idahizwe
- Nta nda ibura intuntu
- Nta ndagukunda nkakwankira umwana
- Nta ngoma itavuga
- Nta nkokokazi ibika isake iriho
- Nta ntambara ibura inkomere
- Nta nyama itarya umutsima
- Ntā nzόga itagirá ijāmbo
- Ntā rirênga rícāka
- Ntā rubănza ruburá ijāmbo
- Ntā rupfú ruburá umurīzo
- Ntā rutôha rútūhíwe
- Ntā shāmba risūmbá ijoro
- Ntā vyěra ngo de
- Ntā wakóreye Imâna yĭkoreye amabóko
- Ntā wăma ahîriwe
- Ntā wămbara yárahénye
- Ntā wĭcīra rubí
- Ntā wĭcīra urubănza
- Ntā wĭhanira abakúru bárihó
- Ntā wĭkūra kurí nyina ngo yaráshāje
- Ntā wĭnyagira abagabo bárihó
- Ntā wĭyerekera kū mānga
- Ntā wubâgira ahatágirá isāzi
- Ntā wŭbaka zibiri
- Ntā wubândwa abângikanije
- Ntā wubûrana n'úwumúgaba
- Ntā wubûrana n'úwumúhāmba
- Ntā wúca umugáni umwâna asînziriye
- Ntā wúca urubănza atūmvīse
- Ntā wúca uwó sé atăcīye
- Ntā wúgwa mu bânsi ngo agēndé amahóro
- Ntā wuhêka uwutîsîmbiza
- Ntā wuhérekeza uwĭcaye
- Ntā wuhísha umwôtsi inzu iríko irashá
- Ntā wuhόra ahîriwe
- Ntā wuhόra ahό yabâye (Imâna iba yáramuhâye)
- Ntā wuménya umŭsi
- Ntā wunyága uwó atăgabiye
- Ntā wurágira mū nzu
- Ntā wurímira amasáka ahó atagirá amasabo
- Ntā wurîra ibigôri ahó yagôrewe
- Ntā wurônderera ubwîzá mw'īkazānga
- Ntā wúrya inzóka ngo ananírwe n'úmurīzo
- Ntā wúrya vyöse nk'úwurága
- Ntā wúrya wênyéne nk'ígisebe
- Ntā wusába amáta ahó akōmbwá
- Ntā wusábana iminwe misa
- Ntā wusângira n'ûmwôro umwērēra
- Ntā wusângira n'úwutábegá
- Ntā wusênga iyĭruka
- Ntā wusíga inká mw'īgabiro
- Ntā wusîmba agasîndé
- Ntā wutânga icό adafisé
- Ntā wutânga Imâna kwĭhebūra
- Ntā wutêra atêngase
- Ntā wutêra ibuye ahó yatéretse igisābo
- Ntā wutêra icúmu mw'īcúmi
- Ntā wutîza
- Ntā wutîza urūgi imfyísi zâtêye
- Ntā wutôngana ahó atabá
- Ntā wutûnga izó adashītúra
- Ntā wutûra ngo atūrwé hāsí
- Ntā wuvûka rimwé ngo yūzúre ingovyi
- Ntā wuzíbira inzira y'Úburŭndi
- Ntā wuzíbira umurômbero inká zígitāha
- Ntā yígwa mu zîko ikūráyo inkóba zöse
- Ntā yĭruka itábūndá
- Ntā zibâna zítagerána amahěmbe
- Ntaramúka arutwa na yό (arutwa n'Imâna)
- Ntarátaze aruta mbūndâre
- Ntihāgá ibihúgu hāga imitíma
- Ntizicībwá amahěmbe zíhōwe ubúsa
- Nyamwānka iyó bivá yatútse umwămi w'înká
- Nyamwīgēndáko ntárimíra impěshi
- Nyené amaguru yĭrukiye nyené umugisha
- Nyené amâso yērekwa biké ibĭndi akîrābira
- Nyené ibīntu ní we nyené ubúsa
- Nyené Imâna avūmbikīsha irěnga
- Nyené Imâna yōkwăsamura hējuru y'ícōbo
- Nyené imbúgitá ní uwuyífashe ikirĭndi
- Nyené imbúgitá ní we nyené inyama
- Nyené umupfú ní we amujá ahanûka
- Nyina w'úmukŭngu ntávyiná nâbí
- Nyina w'úmūntu ní gasâto gahishá amahere
- Nyokórome akuruma akúbona
- Nzi aka arakábazwa
- Nzōbirya ngárutse yagûye inyuma y'íkibira
- Nzōja i bwămi yarîye ivyā Nzīrimira
- Sakírimi kibí yatânze umurozi gupfá
- Sinabíkoze yakóze umugabo mw'īrúgu
- Sīndyá aka aba yárīye akăndi
- Sīndyá aka ahinyuzwa n'úmusáse
- Só akwănka akuraga ivyămunaniye
- Só ntákwănka akwīta nâbí
- Sōkwé Sōkwé irutwa na só araroga
- Tubiri tuvūrana ubúpfu
- Uba ahabóna ukahábonera
- Ubāna na Súnēbá ugasunēba nka wé
- Ubēshera uwapfûye ugapfa nka wé
- Ubîka inzigo ntúzigáma irêmbo
- Ubītsa sōbukwé ukaba ukôye
- Ubugâbá bw'úmugabo ní bwo búryo bwîwé
- Ubugabo burîhābwa
- Ubugabo sí urucúmu
- Ubugírigíri bugira babiri
- Ubugúfi sí indwâra
- Nta nzoga itagira ijambo
- Nta rirenga ricaka
- Nta rubanza rubura ijambo
- Nta rupfu rubura umurizo
- Nta rutoha rutuhiwe
- Nta shamba risumba ijoro
- Nta vyera ngo de
- Nta wakoreye Imana yikoreye amaboko
- Nta wama ahiriwe
- Nta wambara yarahenye
- Nta wicira rubi
- Nta wicira urubanza
- Nta wihanira abakuru bariho
- Nta wikura kuri nyina ngo yarashaje
- Nta winyagira abagabo bariho
- Nta wiyerekera ku manga
- Nta wubagira ahatagira isazi
- Nta wubaka zibiri
- Nta wubandwa abangikanije
- Nta wuburana n'uwumugaba
- Nta wuburana n'uwumuhamba
- Nta wuca umugani umwana asinziriye
- Nta wuca urubanza atumvise
- Nta wuca uwo se ataciye
- Nta wugwa mu bansi ngo agende amahoro
- Nta wuheka uwutisimbiza
- Nta wuherekeza uwicaye
- Nta wuhisha umwotsi inzu iriko irasha
- Nta wuhora ahiriwe
- Nta wuhora aho yabaye (Imana iba yaramuhaye)
- Nta wumenya umusi
- Nta wunyaga uwo atagabiye
- Nta wuragira mu nzu
- Nta wurimira amasaka aho atagira amasabo
- Nta wurira ibigori aho yagorewe
- Nta wuronderera ubwiza mw'ikazanga
- Nta wurya inzoka ngo ananirwe n'umurizo
- Nta wurya vyöse nk'uwuraga
- Nta wurya wenyene nk'igisebe
- Nta wusaba amata aho akombwa
- Nta wusabana iminwe misa
- Nta wusangira n'umworo umwerera
- Nta wusangira n'uwutabega
- Nta wusenga iyiruka
- Nta wusiga inka mw'igabiro
- Nta wusimba agasinde
- Nta wutanga ico adafise
- Nta wutanga Imana kwihebura
- Nta wutera atengase
- Nta wutera ibuye aho yateretse igisabo
- Nta wutera icumu mw'icumi
- Nta wutiza umuhoro itema rigeze
- Nta wutiza urugi imfyisi zateye
- Nta wutongana aho ataba
- Nta wutunga izo adashitura
- Nta wutura ngo aturwe hasi
- Nta wuvuka rimwe ngo yuzure ingovyi
- Nta wuzibira inzira y'uburundi
- Nta wuzibira umurombero inka zigitaha
- Nta yigwa mu ziko ikurayo inkoba zöse
- Nta yiruka itabunda
- Nta zibana zitagerana amahembe
- Ntaramuka arutwa na yo (arutwa n'Imana)
- Ntarataze aruta mbundare
- Ntihaga ibihugu haga imitima
- Ntizicibwa amahembe zihowe ubusa
- Nyamwanka iyo biva yatutse umwami w'inka
- Nyamwigendako ntarimira impeshi
- Nyene amaguru yirukiye nyene umugisha
- Nyene amaso yerekwa bike ibindi akirabira
- Nyene ibintu ni we nyene ubusa
- Nyene Imana avumbikisha irenga
- Nyene Imana yokwasamura hejuru y'icobo
- Nyene imbugita ni uwuyifashe ikirindi
- Nyene imbugita ni we nyene inyama
- Nyene umupfu ni we amuja ahanuka
- Nyina w'umukungu ntavyina nabi
- Nyina w'umuntu ni gasato gahisha amahere
- Nyokorome akuruma akubona
- Nzi aka arakabazwa
- Nzobirya ngarutse yaguye inyuma y'ikibira
- Nzoja i bwami yariye ivya Nzirimira
- Sakirimi kibi yatanze umurozi gupfa
- Sinabikoze yakoze umugabo mw'irugu
- Sindya aka aba yariye akandi
- Sindya aka ahinyuzwa n'umusase
- So akwanka akuraga ivyamunaniye
- So ntakwanka akwita nabi
- Sokwe Sokwe irutwa na so araroga
- Tubiri tuvurana ubupfu
- Uba ahabona ukahabonera
- Ubana na Suneba ugasuneba nka we
- Ubeshera uwapfuye ugapfa nka we
- Ubika inzigo ntuzigama irembo
- Ubitsa sobukwe ukaba ukoye
- Ubugaba bw'umugabo ni bwo buryo bwiwe
- Ubugabo burihabwa
- Ubugabo si urucumu
- Ubugirigiri bugira babiri
- Ubugufi si indwara
- Ubujá gushá buratagata
- Ubukéne ní indwâra (ivūrwá igakíra)
- Ubukêye bucāna ayăndi
- Ubukúru sí bwo bwênge
- Ubuméra ku mugina buhābwa umwămi
- Ubúmwe buramōta
- Ubúmwe butarího butēranywa n'ínyama
- Ubūntu burîhābwa
- Ubūntu ní umūntu
- Ubunyegeri buyāgira kw'īgúfa
- Ubunyegeri bwĭnshi ntíbwīmbá
- Uburiri ntíbuvuná
- Uburîye umugabo ntíbubēshérwa umwâna
- Ubúro bwĭnshi ntíbuvá umusurúru
- Uburŭndi bugona búri mâso
- Ubúsa busūmba akamăramāza
- Ubúsābúsa buruta ubúsa
- Ubusâza bunyaga ubugabo
- Ubusígo buhūmá ntíbubá buníni
- Ubusĭmbi busāngíye amajānja ntíbuhishánya amajāmbo
- Ubusúma ntáwe bwěreye
- Ubusumano buhāza umutwé
- Ubúsya uwŭndi burôroha
- Ubuté buta mu zîko
- Ubutό buryāna nk'înzúki
- Ubutûnzi bwūbaka urugó bwîbīkiye umuhoro
- Ubwâto bwītângiye bukira umuyaga
- Ubwătsi burashá bukabisa ubŭndi
- Ubwênge bukwănse buseruka ushâje
- Ubwênge bukwănse būza mū nyuma
- Ubwênge burarahurwa
- Ubwênge buva i muhana
- Ubwênge bw'índa ní ukuryá ukîhorera
- Ubwênge bw'ŭmwe ní isáho itobótse
- Ubwĭra bugacá ntíbugutĕranya n'încúti
- Ubwīriza uwuryá ngo urānsaba
- Ubwîzá buca mu kanwa
- Ubwîzá bugukŭnze buja ku mutíma
- Ubwîzá bukwănse buja ahó batabubóna
- Ubwîzá bw'înká ní kubá imwé
- Ubwîzá ntíburībwá
- Ubwôro bucīsha ubwênge
- Uca bugúfi ugaca igitōke
- Uca mw'īshāmba utāzí ugaca inkoni utāzí
- Ucāna ubúsa ukēnyegeza intoke
- Ufōra cāne ukavuna umuheto
- Ugaya ahó ubá rikarēnga arího urí
- Ugaya ubw'îfûni ukarâra umwâka
- Ugēnda utábazá ugasāza utámenyé
- Ugēndera mu makānda y'ínzovu ugakira urume
- Ugona mw'īrima ikivi kikaba kírāye
- Uguhūnga ní uguhumāna
- Ugutâmbuka ní ko kugēnda
- Ugutânga ní ugutânguza
- Ugutsîtāra ní kwo kwīgirwa imbere
- Uhēra umurozi akaguhēkūra
- Uheza guhemuka ibigôri bikêra
- Uhisha ubwări nyoko ntíwāráma
- Uhishīra umurozi akakumarira abâna
- Ukira umukêbá ntúkirá icó avyāyé
- Ukó imvúra ikuvyé sí ko itwārá
- Ukó so aguhăye umwâka ní ko uwuryá
- Ukó yēzé ní ko atemwá
- Ukó yēzé sí ko atemwá
- Ukó zivugíjwe ní ko zitāmbwá
- Ukora icîzá ukagisānga imbere
- Ukora inâbí ikagúherekeza
- Ukubáza gutēra ukumenya
- Ukubóko kumwé kurîyaga ntíkwīmára ubúryi
- Ukurāmba ní ukubόna
- Ukúri guca mu zîko ntígushá
- Ukúri gushirira mu kuyāga
- Ukúri kurazirwa
- Ukúri ntíkubuzá ukuvûmba
- Ukúri ntíkuvugá uwukúze kuvuga uwukûzi
- Ukurima ntíkubuzá ukurimārima
- Ukurimira mū ndâré ní ukuzīnduka
- Ukuvúga ntígukūrá akănka
- Ukwĭbarira ní kwo kubêsha
- Ukwĭga ntíkubuzá ukwĭganyira
- Ukwîruka sí ko gushika amahóro
- Umanika agatu wîcaye mu kukamanura ugaháguruka
- Umena ibānga rikakumena inda
- Umubânyi ní we muryāngo
- Umubĭndi ushira uvyîmvye
- Umubiri ubira akábi
- Umubiri uvyāra udáhatsé
- Umubûranyi arahava icăbona kikahagwa
- Umucúzi w'ímitíma ntíyayírīnganije
- Umúfa w'ímbwěbwe unyōbwa ugíshūshe
- Umugabo ahāga amâzi ayîvōmeye
- Umugabo aharítse ahorana Indûrú
- Umugabo aheza kwŭbaka bámwūbakiyéko
- Umugabo ahūra n'úwŭndi
- Umugabo akira iryó atēwé ntákirá iryó agēndána
- Umugabo akwănse ntákwĭtēza ibibázo
- Umugabo amira intóre ntámirá ijāmbo
- Umugabo ananira abagabo ntánaníra akōbo
- Umugabo anyāgirwa umubiri ntányāgírwa umutíma
- Umugabo apfāna imigămbi
- Ubuja gusha buratagata
- Ubukene ni indwara (ivurwa igakira)
- Ubukeye bucana ayandi
- Ubukuru si bwo bwenge
- Ubumera ku mugina buhabwa umwami
- Ubumwe buramota
- Ubumwe butariho buteranywa n'inyama
- Ubuntu burihabwa
- Ubuntu ni umuntu
- Ubunyegeri buyagira kw'igufa
- Ubunyegeri bwinshi ntibwimba
- Uburiri ntibuvuna
- Uburiye umugabo ntibubesherwa umwana
- Uburo bwinshi ntibuva umusururu
- Uburundi bugona buri maso
- Ubusa busumba akamaramaza
- Ubusabusa buruta ubusa
- Ubusaza bunyaga ubugabo
- Ubusigo buhuma ntibuba bunini
- Ubusimbi busangiye amajanja ntibuhishanya amajambo
- Ubusuma ntawe bwereye
- Ubusumano buhaza umutwe
- Ubusya uwundi buroroha
- Ubute buta mu ziko
- Ubuto buryana nk'inzuki
- Ubutunzi bwubaka urugo bwibikiye umuhoro
- Ubwato bwitangiye bukira umuyaga
- Ubwatsi burasha bukabisa ubundi
- Ubwenge bukwanse buseruka ushaje
- Ubwenge bukwanse buza mu nyuma
- Ubwenge burarahurwa
- Ubwenge buva i muhana
- Ubwenge bw'inda ni ukurya ukihorera
- Ubwenge bw'umwe ni isaho itobotse
- Ubwira bugaca ntibuguteranya n'incuti
- Ubwiriza uwurya ngo uransaba
- Ubwiza buca mu kanwa
- Ubwiza bugukunze buja ku mutima
- Ubwiza bukwanse buja aho batabubona
- Ubwiza bw'inka ni kuba imwe
- Ubwiza ntiburibwa
- Ubworo bucisha ubwenge
- Uca bugufi ugaca igitoke
- Uca mw'ishamba utazi ugaca inkoni utazi
- Ucana ubusa ukenyegeza intoke
- Ufora cane ukavuna umuheto
- Ugaya aho uba rikarenga ariho uri
- Ugaya ubw'ifuni ukarara umwaka
- Ugenda utabaza ugasaza utamenye
- Ugendera mu makanda y'inzovu ugakira urume
- Ugona mw'irima ikivi kikaba kiraye
- Uguhunga ni uguhumana
- Ugutambuka ni ko kugenda
- Ugutanga ni ugutanguza
- Ugutsitara ni kwo kwigirwa imbere
- Uhera umurozi akaguhekura
- Uheza guhemuka ibigori bikera
- Uhisha ubwari nyoko ntiwarama
- Uhishira umurozi akakumarira abana
- Ukira umukeba ntukira ico avyaye
- Uko imvura ikuvye si ko itwara
- Uko so aguhaye umwaka ni ko uwurya
- Uko yeze ni ko atemwa
- Uko yeze si ko atemwa
- Uko zivugijwe ni ko zitambwa
- Ukora iciza ukagisanga imbere
- Ukora inabi ikaguherekeza
- Ukubaza gutera ukumenya
- Ukuboko kumwe kuriyaga ntikwimara uburyi
- Ukuramba ni ukubona
- Ukuri guca mu ziko ntigusha
- Ukuri gushirira mu kuyaga
- Ukuri kurazirwa
- Ukuri ntikubuza ukuvumba
- Ukuri ntikuvuga uwukuze kuvuga uwukuzi
- Ukurima ntikubuza ukurimarima
- Ukurimira mu ndare ni ukuzinduka
- Ukuvuga ntigukura akanka
- Ukwibarira ni kwo kubesha
- Ukwiga ntikubuza ukwiganyira
- Ukwiruka si ko gushika amahoro
- Umanika agatu wicaye mu kukamanura ugahaguruka
- Umena ibanga rikakumena inda
- Umubanyi ni we muryango
- Umubindi ushira uvyimvye
- Umubiri ubira akabi
- Umubiri uvyara udahatse
- Umuburanyi arahava icabona kikahagwa
- Umucuzi w'imitima ntiyayiringanije
- Umufa w'imbwebwe unyobwa ugishushe
- Umugabo ahaga amazi ayivomeye
- Umugabo aharitse ahorana Induru
- Umugabo aheza kwubaka bamwubakiyeko
- Umugabo ahura n'uwundi
- Umugabo akira iryo atewe ntakira iryo agendana
- Umugabo akwanse ntakwiteza ibibazo
- Umugabo amira intore ntamira ijambo
- Umugabo ananira abagabo ntananira akobo
- Umugabo anyagirwa umubiri ntanyagirwa umutima
- Umugabo apfana imigambi
- Umugabo aravúga umugóre yavugá rukaba rúcītse itōngo
- Umugabo arīnda akăje
- Umugabo ashikwa na rímwe
- Umugabo asiga imbwá ntásigá umugayo
- Umugabo asīmba akaziba ntásīmbá akaziri
- Umugabo ata umugόre ntâtá umwâna
- Umugabo atabwīrwá yĭkebeye inyama itarībwá
- Umugabo atarí so akwībuka ahéjeje kuryá
- Umugabo atēmba kw'īcúmu ntátēmbá kw'ījāmbo
- Umugabo atīnya ingwe ntátīnyá iyamwînjiranye
- Umugabo atūnga uwŭndi apfûye
- Umugabo gitó akubita umugóre wîwé
- Umugabo mubí ní ubwâgiro
- Umugabo ní umwâna w'úwŭndi
- Umugabo ní umwūgariro
- Umugabo ní uwŏrya akīshura
- Umugabo ní uwúrya akarâza
- Umugabo ntáhorá ararwāna aba akûmbuye gutêka
- Umugabo ntákubûra
- Umugabo ntápfīrá izûba rimwé
- Umugaboijoro (ishāmba) atīnya icό vyărihūriyémwo
- Umugabo ntátīnyá urukâmvye
- Umugabo ntávūmbá inzóga avūmba ijāmbo
- Umugabo ntāwé a(ra)gaya imbόga mu mapfá
- Umugabo ntíyīcwá n'ínzara yīcwa n'ínzigo
- Umugabo umwé agerwa kurí nyina ntágerwá ku mwămi
- Umugabo umwé ntâcá urubănza
- Umugabo w'îséma akubūra mu rutára
- Umugabo w'îséma yōngeza umutsíma
- Umugabo yīhīndukiza mu kirago ntíyīhîndukiza mw'ījāmbo
- Umugáni ntûvá ku gíti uva ku mūntu
- Umugáni ugana akarího
- Umugáni ugānīra abarí kumwé
- Umugáni ungana ingoma
- Umugēnzi arakurutira incúti
- Umugēnzi ararírēnza
- Umugére uva kū nyo
- Umugére w'úmugóre uhīnda uhéra
- Umugisha ntíwībwá
- Umugizi sí we mugirírwa
- Umugóre arakáma intáre
- Umugóre asa n'ûmwâna
- Umugóre atānwa abâna ntátānwá ibigega
- Umugóre gitó agutātira agúseguye
- Umugόre musāngira amáta ntímusāngíra amaté (amâzi)
- Umugóre ní inkĭngi y'úrugó
- Umugóre ní ndyāna n'úwějeje
- Umugóre ní uwó ukōyé
- Umugóre ntárirîmba aba aríko aracúra intîmba
- Umugóre ntâryá incîrá ní ko gucîra umugabo
- Umugóre ntásīmbá urugó aba agômba kurugwa inyuma
- Umugóre ntátwārá icúmu
- Umugόre ntíyūríra inzu
- Umugóre sí akazûru
- Umugóre w'întárimá yōnsa isúka
- Umugόre w'îséma abika umugabo
- Umuhĭgi arí kure ntávuná imbwá
- Umuhĭnga wό kuryá arāra akáravye
- Umuhíni mushăsha utēra amabávu
- Umuhόgo ntúmenyá ubwôro usara ibisára abagabo
- Umuhúshatûnga w'úmugabo ahusha umugóre
- Umukéne na nyina aramwânka
- Umukéne ní ntā jāmbo
- Umukěngesha w'ímpōngo ayihīgīsha iróbe
- Umukényezi ní inkĭngi y'ítērambere
- Umukŏbwa akura kwā sêbukwé ntákurá kwā sé
- Umukózi abērwa n'împêmbo
- Umukúru yōva iyό ubá
- Umukwé w'îsόni ahāmbwa abόna
- Umūntu agirwa n'úwŭndi
- Umūntu ahūnga urwîmo ntáhūngá urupfú
- Umūntu akira icó abēshéwe ntákirá icó yībêsheye
- Umūntu arasōnza akībuka n'ûbwó yahâye imbwá
- Umūntu aruhūka apfûye
- Umūntu arya itōngo ryîwé
- Umūntu yīkora ku có afisé
- Umupfú ntáburá uwumúpfunya
- Umupfú ntíyīnûkira
- Umuryâmbwá aba umwé agatukīsha umuryāngo
- Umuryāngo ntúbuzá umuryângo w'ínzu kuva
- Umuryāngo uba ku muryângo
- Umuryāngo ujá guhóna ubāndwa wöse
- Umuryāngo umwé ntíwūríza umwămi umugwa
- Umuryāngo uryānyé urarîka
- Umuryāngo uryōha uryâna
- Umuryāngo utaziríriza urazíma
- Umuryí wa cāne ahasha umusyi
- Umusavyi ntárutá shêbuja
- Umusavyi w'ûrwânko agabana n'íngoga
- Umusazi arasara akagwa kw'ījāmbo
- Umusega (w'îmbwá) uryāna ugáramye
- Umuségo utagoná nyoko ntíwīshîmirwa
- Umushēzi yānka uwŭndi
- Umushikíriza w'ígitútsi ní we mutúkanyi
- Umushitsi mwīzá arîzimāna
- Umŭsi wa rwό (Rusăke) ntíbiká
- Umusóre umuhana aváyo ntúmuhána ajáyo
- Umusóre yōkurásira ntíyōgusabira
- Umúswa urya umuhíni usótera isúka
- Umutâga wīmukira ijoro
- Umugabo aravuga umugore yavuga rukaba rucitse itongo
- Umugabo arinda akaje
- Umugabo ashikwa na rimwe
- Umugabo asiga imbwa ntasiga umugayo
- Umugabo asimba akaziba ntasimba akaziri
- Umugabo ata umugore ntata umwana
- Umugabo atabwirwa yikebeye inyama itaribwa
- Umugabo atari so akwibuka ahejeje kurya
- Umugabo atemba kw'icumu ntatemba kw'ijambo
- Umugabo atinya ingwe ntatinya iyamwinjiranye
- Umugabo atunga uwundi apfuye
- Umugabo gito akubita umugore wiwe
- Umugabo mubi ni ubwagiro
- Umugabo ni umwana w'uwundi
- Umugabo ni umwugariro
- Umugabo ni uworya akishura
- Umugabo ni uwurya akaraza
- Umugabo ntahora ararwana aba akumbuye guteka
- Umugabo ntakubura
- Umugabo ntapfira izuba rimwe
- Umugabo ntatinya ijoro (ishamba) atinya ico vyarihuriyemwo
- Umugabo ntatinya urukamvye
- Umugabo ntavumba inzoga avumba ijambo
- Umugabo ntawe a(ra)gaya imboga mu mapfa
- Umugabo ntiyicwa n'inzara yicwa n'inzigo
- Umugabo umwe agerwa kuri nyina ntagerwa ku mwami
- Umugabo umwe ntaca urubanza
- Umugabo w'isema akubura mu rutara
- Umugabo w'isema yongeza umutsima
- Umugabo yihindukiza mu kirago ntiyihindukiza mw'ijambo
- Umugani ntuva ku giti uva ku muntu
- Umugani ugana akariho
- Umugani uganira abari kumwe
- Umugani ungana ingoma
- Umugenzi arakurutira incuti
- Umugenzi ararirenza
- Umugere uva ku nyo
- Umugere w'umugore uhinda uhera
- Umugisha ntiwibwa
- Umugizi si we mugirirwa
- Umugore arakama intare
- Umugore asa n'umwana
- Umugore atanwa abana ntatanwa ibigega
- Umugore gito agutatira aguseguye
- Umugore musangira amata ntimusangira amate (amazi)
- Umugore ni inkingi y'urugo
- Umugore ni ndyana n'uwejeje
- Umugore ni uwo ukoye
- Umugore ntaririmba aba ariko aracura intimba
- Umugore ntarya incira ni ko gucira umugabo
- Umugore ntasimba urugo aba agomba kurugwa inyuma
- Umugore ntatwara icumu
- Umugore ntiyurira inzu
- Umugore si akazuru
- Umugore w'intarima yonsa isuka
- Umugore w'isema abika umugabo
- Umuhigi ari kure ntavuna imbwa
- Umuhinga wo kurya arara akaravye
- Umuhini mushasha utera amabavu
- Umuhogo ntumenya ubworo usara ibisara abagabo
- Umuhushatunga w'umugabo ahusha umugore
- Umukene na nyina aramwanka
- Umukene ni nta jambo
- Umukengesha w'impongo ayihigisha irobe
- Umukenyezi ni inkingi y'iterambere
- Umukobwa akura kwa sebukwe ntakura kwa se
- Umukozi aberwa n'impembo
- Umukuru yova iyo uba
- Umukwe w'isoni ahambwa abona
- Umuntu agirwa n'uwundi
- Umuntu ahunga urwimo ntahunga urupfu
- Umuntu akira ico abeshewe ntakira ico yibesheye
- Umuntu arasonza akibuka n'ubwo yahaye imbwa
- Umuntu aruhuka apfuye
- Umuntu arya itongo ryiwe
- Umuntu yikora ku co afise
- Umupfu ntabura uwumupfunya
- Umupfu ntiyinukira
- Umuryambwa aba umwe agatukisha umuryango
- Umuryango ntubuza umuryango w'inzu kuva
- Umuryango uba ku muryango
- Umuryango uja guhona ubandwa wöse
- Umuryango umwe ntiwuriza umwami umugwa
- Umuryango uryanye urarika
- Umuryango uryoha uryana
- Umuryango utaziririza urazima
- Umuryi wa cane ahasha umusyi
- Umusavyi ntaruta shebuja
- Umusavyi w'urwanko agabana n'ingoga
- Umusazi arasara akagwa kw'ijambo
- Umusega (w'imbwa) uryana ugaramye
- Umusego utagona nyoko ntiwishimirwa
- Umushezi yanka uwundi
- Umushikiriza w'igitutsi ni we mutukanyi
- Umushitsi mwiza arizimana akazimana n'abo ahasanze
- Umusi wa rwo (Rusake) ntibika
- Umusore umuhana avayo ntumuhana ajayo
- Umusore yokurasira ntiyogusabira
- Umuswa urya umuhini usotera isuka
- Umutaga wimukira ijoro
- Umutāma ní ubúsa (asúze aba anêye)
- Umutámiro w'ífūndi uhāza umuryāngo
- Umutavu wó mu kanwa uracá ntíbagarúra
- Umúti w'îmbwá wāhwa ku rugó
- Umutíma ntûbá mwôro
- Umutíma ntúgirá igúfa
- Umutíma usobétse amagánya ntúsobânura ijāmbo
- Umutíma uva ku mutsíma
- Umutīndi atīnda ku mwônga abăndi bávōma
- Umutīndi ntákizá uwŭndi
- Umutīndi w'înká atuka uwayímutīje
- Umutsíma w'Îmâna urya abarâmbije abarâmbiwe bátāshe
- Umutwăre atwārira böse agatūngāniriza böse
- Umutwăre ntâbá umwâna
- Umutwé umwé ntíwīgîra inâma
- Umutwé umwé wīfasha gusara ntíwīfásha gusaba
- Umúvo ntûcá ku mwōbo
- Umuvyêyi agaba ukó ashāká
- Umuvyêyi ahakurira ku rutaro akarīra ku rutoke
- Umuvyêyi atarí nyoko agushīmira inda yā mbere
- Umuzímu urīra ku muzima
- Umwâka w'ákănka ubúro burabûngwa
- Umwămi acumura yîcaye
- Umwămi ntíyīcá hīca Uburŭndi
- Umwâna ahētswé nêzá asohora ukubόko
- Umwâna ahora atînya ikára arítōye
- Umwâna akura i bŭse ntákurá i bŭnyina
- Umwâna ananira sé ntánaníra sêntáre
- Umwâna arahôngoka nyina akâsama
- Umwâna arakunanira arí uwâwé
- Umwâna arya inkóko nyina akayiruka amŏya
- Umwâna asa na nyina
- Umwâna iyó umuhăye umugóre umuhāna n'ítōngo arimámwo
- Umwâna murizi ntátōrwá urutózi
- Umwâna ní umutwăre
- Umwâna ní uw'Úburŭndi
- Umwâna ntáhābwá ubugabo arabwîhá
- Umwâna ntíyānká kwŏnka nyina ngo arwāye amahere
- Umwâna sí se
- Umwâna sí uw'ŭmwe
- Umwâna umumwa imvānda akazōkumwa imví
- Umwâna umurya imvānda akazōkurya imví
- Umwâna umwé ntâ mwâna
- Umwâna umwé sí umuryāngo
- Umwâna uramúkūnda akarubīkira uwîwé
- Umwâna urí buhēké ntúmwĭsha urume
- Umwâna uzôhêka ntúmwĭcīsha urume
- Umwâna w'íngwe ní yo ngwe
- Umwâna w'ínkēnde apfa yûrira igíti
- Umwâna w'îséma arirana umutsíma mū ntoke
- Umwâna w'îséma
- Umwâna w'îsúre avūkana isūnzu
- Umwâna w'úwŭndi akurya múyāga
- Umwâna w'úwŭndi ugira ngo ingo turwāné ntúgirá ngo ingo ndagukubíte
- Umwâna w'úwŭndi yīmba agúhisha ivú
- Umwâna yānāna kurí nyina
- Umwâna yānkwá ní we akurá
- Umwānda uhera iyó wagîye ntúherá iyó wavûye
- Umwânsi agucīra icōbo Imâna ikagucīra icānzo
- Umwânsi murabâna
- Umwânsi ntâbá kure
- Umwânsi ntâbá umwâna
- Umwânsi ntánūká
- Umwêrá uva i bukúru ugakwīra höse
- Umwĭgeme akura iyό yagîye ntákurá iyό yavûye
- Umwônga umwé wōnza inyoni
- Umwôro ní nyagupfa
- Umwūko ní ikiríko
- Umwŭngere w'índa ntácūrá amahóro imĭsi yöse
- Urahora útyo ntâbá mu rugó rw'úwŭndi
- Urāmba cāne ukarīnda uruvyíno rw'îmbwá
- Urazīnduka ntútāngá Rwūbá
- Ureka kugarura impéne ikíri hăfi yamará kurênga imirămbi ukābira nka yό
- Ureka kurimira umwâna w'ínyoni uwâwé agasōnza
- Urera nâbí ugatukwa n'ábakwé
- Urima biké ukīmburira mu gipfŭnsi
- Urima itíro ukīmbura ingonera
- Urímye ikibára hakamera inzúzi ntízibá arí izâwé
- Urubănza rugirwa n'ívyăbona
- Urubănza rumwé rumara zibiri
- Urubănza rw'íjoro ruca inkíma
- Urubănza rwōnka umugabo ntírwōnká umugόre
- Urubúze inkwăre ruvūmbukana igihuna
- Urugămba rugīyé kěra ruhinyuza intwâri
- Urugó rubuzé umugabo rubura umuhoro
- Urugó rugira babiri
- Urugó rurímwo umugabo runywa amáta
- Urugó rutagirá umugabo
- Urugó rutagirá umugabo rutāha umugayo
- Urugó rutagirá umugabo ruvuga umwâna
- Uruhănga rw'úmugabo rurarârīra rúsīnziriye
- Urujá kuja i bwămi rubānza mu bagabo
- Urujá kwăma rwāma kare
- Urukâmvye rumara umugabo
- Urukûndo rutarímwo umukûnzi ntírurāmbá
- Urukûndo rwītūzwa urŭndi
- Urukwâvu rurakúra rukōnka umwâna
- Urupfú rw'îmbwá ní inyama
- Ururími ntírwōnzá umukŏbwa
- Ururími rw'ŭmwe rukamwa ayěra
- Umutama ni ubusa (asuze aba aneye)
- Umutamiro w'ifundi uhaza umuryango
- Umutavu wo mu kanwa uraca ntibagarura
- Umuti w'imbwa wahwa ku rugo
- Umutima ntuba mworo
- Umutima ntugira igufa
- Umutima usobetse amaganya ntusobanura ijambo
- Umutima uva ku mutsima
- Umutindi atinda ku mwonga abandi bavoma
- Umutindi ntakiza uwundi
- Umutindi w'inka atuka uwayimutije
- Umutsima w'imana urya abarambije abarambiwe batashe
- Umutware atwarira bose agatunganiriza bose
- Umutware ntaba umwana
- Umutwe umwe ntiwigira inama
- Umutwe umwe wifasha gusara ntiwifasha gusaba
- Umuvo ntuca ku mwobo
- Umuvyeyi agaba uko ashaka
- Umuvyeyi ahakurira ku rutaro akarira ku rutoke
- Umuvyeyi atari nyoko agushimira inda ya mbere
- Umuzimu urira ku muzima
- Umwaka w'akanka uburo burabungwa
- Umwami acumura yicaye
- Umwami ntiyica hica Uburundi
- Umwana ahetswe neza asohora ukuboko
- Umwana ahora atinya ikara aritoye
- Umwana akura i buse ntakura i bunyina
- Umwana ananira se ntananira sentare
- Umwana arahongoka nyina akasama
- Umwana arakunanira ari uwawe
- Umwana arya inkoko nyina akayiruka amoya
- Umwana asa na nyina
- Umwana iyo umuhaye umugore umuhana n'itongo arimamwo
- Umwana murizi ntatorwa urutozi
- Umwana ni umutware
- Umwana ni uw'uburundi
- Umwana ntahabwa ubugabo arabwiha
- Umwana ntiyanka kwonka nyina ngo arwaye amahere
- Umwana si se
- Umwana si uw'umwe
- Umwana umumwa imvanda akazokumwa imvi
- Umwana umurya imvanda akazokurya imvi
- Umwana umwe nta mwana
- Umwana umwe si umuryango
- Umwana uramukunda akarubikira uwiwe
- Umwana uri buheke ntumwisha urume
- Umwana uzoheka ntumwicisha urume
- Umwana w'ingwe ni yo ngwe
- Umwana w'inkende apfa yurira igiti
- Umwana w'isema arirana umutsima mu ntoke
- Umwana w'isema avuma ibere ryamwonkeje
- Umwana w'isure avukana isunzu
- Umwana w'uwundi akurya muyaga
- Umwana w'uwundi ugira ngo ingo turwane ntugira ngo ingo ndagukubite
- Umwana w'uwundi yimba aguhisha ivu
- Umwana yanana kuri nyina
- Umwana yankwa ni we akura
- Umwanda uhera iyo wagiye ntuhera iyo wavuye
- Umwansi agucira icobo Imana ikagucira icanzo
- Umwansi murabana
- Umwansi ntaba kure
- Umwansi ntaba umwana
- Umwansi ntanuka
- Umwera uva i bukuru ugakwira höse
- Umwigeme akura iyo yagiye ntakura iyo yavuye
- Umwonga umwe wonza inyoni
- Umworo ni nyagupfa
- Umwuko ni ikiriko
- Umwungere w'inda ntacura amahoro imisi yöse
- Urahora utyo ntaba mu rugo rw'uwundi
- Uramba cane ukarinda uruvyino rw'imbwa
- Urazinduka ntutanga Rwuba
- Ureka kugarura impene ikiri hafi yamara kurenga imirambi ukabira nka yo
- Ureka kurimira umwana w'inyoni uwawe agasonza
- Urera nabi ugatukwa n'abakwe
- Urima bike ukimburira mu gipfunsi
- Urima itiro ukimbura ingonera
- Urimye ikibara hakamera inzuzi ntiziba ari izawe
- Urubanza rugirwa n'ivyabona
- Urubanza rumwe rumara zibiri
- Urubanza rw'ijoro ruca inkima
- Urubanza rwonka umugabo ntirwonka umugore
- Urubuze inkware ruvumbukana igihuna
- Urugamba rugiye kera ruhinyuza intwari
- Urugo rubuze umugabo rubura umuhoro
- Urugo rugira babiri
- Urugo rurimwo umugabo runywa amata
- Urugo rutagira umugabo nta kitarukengera
- Urugo rutagira umugabo rutaha umugayo
- Urugo rutagira umugabo ruvuga umwana
- Uruhanga rw'umugabo rurararira rusinziriye
- Uruja kuja i bwami rubanza mu bagabo
- Uruja kwama rwama kare
- Urukamvye rumara umugabo
- Urukundo rutarimwo umukunzi ntiruramba
- Urukundo rwituzwa urundi
- Urukwavu rurakura rukonka umwana
- Urupfu rw'imbwa ni inyama
- Ururimi ntirwonza umukobwa
- Ururimi rw'umwe rukamwa ayera
- Uruturūmbwe ruca ku ruhîye
- Uruvúze umugóre ruvuga umuhoro
- Urw'ûmwôro rumara zöse
- Urwânko rutēsha urwârwá
- Urwĭba rwība umugabo
- Urya cāne ukīroga inzara
- Urya incúti ukīnovōra intŭntu
- Urya nk'úmugabo ukanigwa
- Usaba Imâna y'úwŭndi ikaguha amahere
- Usaba inēra ukaba inēra
- Usaba umwîzá mugasa
- Usāngira ibānga n'îmbwá ikarikwīza ibisáka
- Useka umubânyi ukavyūka músa
- Uta agatōngo ataco kakugíze kagatuma ku kăndi ngo urāmpōra
- Uta akarānga ukaba utâye ibānga
- Uta umwūga ukaba utâye umwâna
- Utāmbira umwămi atagushăka akakwīta umusazi
- Utamira umugēnzi arí kū nâma ukaba utámira umutānga
- Utēka ubúsa ukamira ubŭndi
- Uturuka buká ugatāha bunyama
- Utûzi wīvômeye turaryôha
- Utw'ûmwôro twōmwēgēra
- Utwâwé ní utwó urāyé urîye
- Uwabâye mwīzá aba muzima
- Uwabírimye sí we yabírīye
- Uwagôwe aherekeza uwagôtse
- Uwămbaye ikirézi ntáboná kό cērá
- Uwămbaye ntâbá mubí
- Uwămbuwe n'ûwâzí ntâtá ingáta
- Uwămye akúruta akurusha n'îmvá
- Uwănka (Uwutâzí) agakúra abāga (aniga) umutavu
- Uwănka abagabo asiga bágabura
- Uwănka amazímwe abāndwa hábona
- Uwănka isāzi ata akanûka
- Uwănka kugâmbararirwa atuma uwukúze
- Uwănse kwŭmva ntíyănse kubóna
- Uwapfûye yarîhūse
- Uwarâye nêzá aseka uwarâye nâbí
- Uwatînye gupfá ntíyavûtse
- Uwěnyegeza ntávuná zöse
- Uwěrekeye iryá aba ahénye
- Uwĭcaye nêzá yōta nêzá
- Uwĭgize igikútso bamuyōza amasé
- Uwĭherēreye amwa inákuru
- Uwĭhoreye ahōnga biké
- Uwĭkīngirije umwămi arasa uwó ashāká
- Uwĭshwe n'ûwîwé ntárirírwa
- Uwĭtara kubá igihuna ahunikira búkēye
- Uwĭtēra umwôro amwēreka mu kigega
- Uwĭtōnze akama ishâshi
- Uwĭtōnze amira ibinóze
- Uwĭtumiye yītwāza intébe
- Uwĭyimye asa n'úwĭyahuye
- Uwó bukubíye akubira umukúbi
- Uwó bwăhamye ahamiriza arí umwé (wênyéne)
- Uwó ivyâgo vyāgíye n'ívyătsi ntíbimubísa inzira
- Uwó izá guhá iramusahurira
- Uwó izá guhá
- Uwó izá guhá ntímugeréraniriza
- Uwó utabōnyé ku rupfú rwā só ntúmubóna ibigôri vyêze
- Uwó wakíjije ní we akwĭca
- Uwŏhōra imbwá gusútama yōzimara zöse
- Uwŏsha umukéne aramusaba
- Uwubândwa ní we abāndá urūgi
- Uwubûndabūnda abonwa n'úwuhágaze
- Uwubûranye ikinyóma aragítsīndanwa
- Uwubwîra uwŭmva ntávuníka
- Uwúca umugáni ntátarámura umwâna
- Uwúca urubănza rw'ábavândímwe ararárama
- Uwudásavyé ntákirá
- Uwudáshōnjé ntáshērá
- Uwudásizé umwâna asiga umugáni
- Uwudátēyé ntásorόma
- Uwufíse amâso ahēndwa biké
- Uwufíse ikimuri ntáhakúrira hāsí
- Uwufíse imbwá ntâtá igúfa
- Uwugômba isīmbo asīmba urugó
- Uwugômba kugabana arazīnduka
- Uwugôwe agōra Imâna
- Uwugôwe aragōka
- Uwugôwe umuryāngo uramwākīra
- Uwugúhanūra kurēndegera aba agúteze umushíbuká
- Uwugúsavye umwūhīro aba agútaze umusêsekará
- Uwugúsūmba arakumanurira
- Uwugútānze gukáraba agutānga kubega
- Uwuhágarikiwe n'íngwe aravōma
- Uwuhána inzara arayirimira
- Uwuhána umurozi amubītsa umwâna
- Uwuhânzwe n'îsînzí ntásīnzîra
- Uwuhâwe n'Îmâna atēkera bárorēra
- Uwuhâwe n'Îmâna ntíyāmbúrwa n'úmuyaga
- Uwuhâwe n'úmwămi acānira Uburŭndi búbona
- Uwuhâwe n'úmwămi atēkera Uburŭndi búbona
- Uwuhênzwe n'ágahêngwé acāna inkīnzo
- Uwuhêtswe n'úmukêbá atēra agahînda insīmbizo
- Uwuhôngera umwânsi amara inká
- Uwujá gukíra icí aracûmbagira
- Uwujá gukíra indwâra arayirāta
- Uwujá gukíra urwîmo arwīma ururími
- Uwujá gusíga imvúra arayirorēra
- Uruturumbwe ruca ku ruhiye
- Uruvuze umugore ruvuga umuhoro
- Urw'umworo rumara zöse
- Urwanko rutesha urwarwa
- Urwiba rwiba umugabo
- Urya cane ukiroga inzara
- Urya incuti ukinovora intuntu
- Urya nk'umugabo ukanigwa
- Usaba Imana y'uwundi ikaguha amahere
- Usaba inera ukaba inera
- Usaba umwiza mugasa
- Usangira ibanga n'imbwa ikarikwiza ibisaka
- Useka umubanyi ukavyuka musa
- Uta agatongo ataco kakugize kagatuma ku kandi ngo urampora
- Uta akaranga ukaba utaye ibanga
- Uta umwuga ukaba utaye umwana
- Utambira umwami atagushaka akakwita umusazi
- Utamira umugenzi ari ku nama ukaba utamira umutanga
- Uteka ubusa ukamira ubundi
- Uturuka buka ugataha bunyama
- Utuzi wivomeye turaryoha
- Utw'umworo twomwegera
- Utwawe ni utwo uraye uriye
- Uwabaye mwiza aba muzima
- Uwabirimye si we yabiriye
- Uwagowe aherekeza uwagotse
- Uwambaye ikirezi ntabona ko cera
- Uwambaye ntaba mubi
- Uwambuwe n'uwazi ntata ingata
- Uwamye akuruta akurusha n'imva
- Uwanka (Uwutazi) agakura abaga (aniga) umutavu
- Uwanka abagabo asiga bagabura
- Uwanka amazimwe abandwa habona
- Uwanka isazi ata akanuka
- Uwanka kugambararirwa atuma uwukuze
- Uwanse kwumva ntiyanse kubona
- Uwapfuye yarihuse
- Uwaraye neza aseka uwaraye nabi
- Uwatinye gupfa ntiyavutse
- Uwenyegeza ntavuna zöse
- Uwerekeye irya aba ahenye
- Uwicaye neza yota neza
- Uwigize igikutso bamuyoza amase
- Uwiherereye amwa inakuru
- Uwihoreye ahonga bike
- Uwikingirije umwami arasa uwo ashaka
- Uwishwe n'uwiwe ntaririrwa
- Uwitara kuba igihuna ahunikira bukeye
- Uwitera umworo amwereka mu kigega
- Uwitonze akama ishashi
- Uwitonze amira ibinoze
- Uwitumiye yitwaza intebe
- Uwiyimye asa n'uwiyahuye
- Uwo bukubiye akubira umukubi
- Uwo bwahamye ahamiriza ari umwe (wenyene)
- Uwo ivyago vyagiye n'ivyatsi ntibimubisa inzira
- Uwo iza guha iramusahurira
- Uwo iza guha ntimugera
- Uwo iza guha ntimugereraniriza
- Uwo utabonye ku rupfu rwa so ntumubona ibigori vyeze
- Uwo wakijije ni we akwica
- Uwohora imbwa gusutama yozimara zöse
- Uwosha umukene aramusaba
- Uwubandwa ni we abanda urugi
- Uwubundabunda abonwa n'uwuhagaze
- Uwuburanye ikinyoma aragitsindanwa
- Uwubwira uwumva ntavunika
- Uwuca umugani ntataramura umwana
- Uwuca urubanza rw'abavandimwe arararama
- Uwudasavye ntakira
- Uwudashonje ntashera
- Uwudasize umwana asiga umugani
- Uwudateye ntasoroma
- Uwufise amaso ahendwa bike
- Uwufise ikimuri ntahakurira hasi
- Uwufise imbwa ntata igufa
- Uwugomba isimbo asimba urugo
- Uwugomba kugabana arazinduka
- Uwugowe agora Imana
- Uwugowe aragoka
- Uwugowe umuryango uramwakira
- Uwuguhanura kurendegera aba aguteze umushibuka
- Uwugusavye umwuhiro aba agutaze umusesekara
- Uwugusumba arakumanurira
- Uwugutanze gukaraba agutanga kubega
- Uwuhagarikiwe n'ingwe aravoma
- Uwuhana inzara arayirimira
- Uwuhana umurozi amubitsa umwana
- Uwuhanzwe n'isinzi ntasinzira
- Uwuhawe n'Imana atekera barorera
- Uwuhawe n'Imana ntiyamburwa n'umuyaga
- Uwuhawe n'umwami acanira Uburundi bubona
- Uwuhawe n'umwami atekera Uburundi bubona
- Uwuhenzwe n'agahengwe acana inkinzo
- Uwuhetswe n'umukeba atera agahinda insimbizo
- Uwuhongera umwansi amara inka
- Uwuja gukira ici aracumbagira
- Uwuja gukira indwara arayirata
- Uwuja gukira urwimo arwima ururimi
- Uwuja gusiga imvura arayirorera
- Uwujá gutûnga arima abagēnzi
- Uwujá kubá mu Burŭndi agira amâso ntágirá amatwí
- Uwujá kugaya ijāmbo arāba umunwa urivúze
- Uwujá kwŭmva arûmviriza
- Uwujá mu rugό rw'úwŭndi asiga ingeso kw'īrêmbo
- Uwukêngurutse aba yôngeje
- Uwukíze akira isúka
- Uwukíze akira iwăbo
- Uwukíze inkúba arayígānīra
- Uwukíze isěmu yībagira icămwīrukana
- Uwukíze ubusóre arabuganira
- Uwukóma amashí ntákubítwa kū ntoke
- Uwukúbita igishěgu arakijāniranya (arakirīndira)
- Uwukúbita inkēnde ntárābíra iyiháka
- Uwukûnda amasabo arayaraga
- Uwukúrāvye cāne agutēra kwāmbara
- Uwukúrusha umugóre akurusha urugó
- Uwumáze umwâka aba arâmvye
- Uwunyázwe n'ámagára ntákomôrerwa n'ábagabo
- Uwupfûye aba arúhūtse
- Uwurâmvye arabόna
- Uwurérewe n'Îmâna agira ngo arusha abăndi guhana
- Uwurí hăfi y'úmuvyêyi ní we agabíra
- Uwurí mū ntăhe arêzwa ntíyīyéza
- Uwurí mūsí y'íjuru ntátīnyá imitúragaro
- Uwurívuze mu gushēngera ntâbá agîye
- Uwurúcīye mūsí (urugó) ntámenyá ikirúrimwó
- Uwurûmbije umugόre ntásārûra umwâna
- Uwusába agasákanyíka aranūkirwa akîhorera
- Uwusába Imâna ntásarágara
- Uwushâje asigáho
- Uwushâka akêzá aragáhebera
- Uwushâka inká aryāma nka zό
- Uwushâka kukúrya ntáburá imbóga agukóza
- Uwushâka umubíra abira akŭya
- Uwushâka umucé acīka ijoro
- Uwushâka urwâmo yēnga urwârwá
- Uwushônje ntíyūmvá
- Uwutábōnyé agasóhoka ntáboná akĭnjira
- Uwutábusyá abwīta ubumera
- Uwutáco agirá ntáco agayá
- Uwutágerá aragereranya
- Uwutágirá ubwôba aba atágirá ubwênge
- Uwutágiríwe n'Îmâna ntíyīgírira
- Uwutáharí asa n'úwapfûye
- Uwutăkurīye imvānda ntŭkamurye imví
- Uwutânga nêzá atānga kabiri
- Uwutárābóna ntávugá
- Uwutárāgēnda yīta umwâna Nzirakugēnda
- Uwutárahéra aba arahékenya
- Uwutárāpfá aba akírihό
- Uwutári bukuvúne yōkuva inyuma
- Uwutárĭbwa ntárīndá
- Uwutárihό azigamirwa n'úmuryāngo
- Uwútăvyāye akoma urume
- Uwutáyāzé na sé ntámenyá umugáni wa sěkuru
- Uwutâzí akarâye arāza ifu
- Uwutâzí imĭsi arāta urugó
- Uwutâzí inzira yazanánye ahanwa n'ámayirábiri
- Uwutâzí Uburŭndi aburūndwámwo
- Uwutâzí ubwênge ashīma ubwîwé
- Uwutâzí umukŭngu yīma umwâna
- Uwutâzí umwânsi ashīma inda
- Uwutâzí umwânsi asīga umubiri
- Uwutéma urwîwé umutīza umuhoro
- Uwutîcâniye ntárahúrira uwŭndi
- Uwutîgába ntíyīgáburira
- Uwutônganye n'úmuriro arya bibísi
- Uwutôsōra ifúku yāmiza agáti (akătsi) mu jîsho
- Uwutsînzwe ntíbatsīndáho
- Uwuvôma yânka avōma ibiróhe
- Uyāgira urupfú uwutărubōnye ukaba uménye ibānga
- Vyĭnshi bibí birutwa na bíke vyīzá
- Vyōbîha ntívyōbura
- Wānka bāngwé ntíwānká zana ndābé
- Wānka gutâmbana imví ukazívūmbana
- Wānka kugaburira umushitsi ukaba ugôtse
- Wānka kurimana imví ukazisēgana
- Wānka kurimira kure ukahasumira
- Wība uhêtse ukabwīriza uwúri mu mugôngo
- Wīrukana umugóre ngo aguguna igúfa ukāzana uwurímira miyônzwá
- Wītaba kare ugatumwa kure
- Zikamwa ayό zitāhánye
- Uwuja gutunga arima abagenzi
- Uwuja kuba mu Burundi agira amaso ntagira amatwi
- Uwuja kugaya ijambo araba umunwa urivuze
- Uwuja kwumva arumviriza
- Uwuja mu rugo rw'uwundi asiga ingeso kw'irembo
- Uwukengurutse aba yongeje
- Uwukize akira isuka
- Uwukize akira iwabo
- Uwukize inkuba arayiganira
- Uwukize isemu yibagira icamwirukana
- Uwukize ubusore arabuganira
- Uwukoma amashi ntakubitwa ku ntoke
- Uwukubita igishegu arakijaniranya (arakirindira)
- Uwukubita inkende ntarabira iyihaka
- Uwukunda amasabo arayaraga
- Uwukuravye cane agutera kwambara
- Uwukurusha umugore akurusha urugo
- Uwumaze umwaka aba aramvye
- Uwunyazwe n'amagara ntakomorerwa n'abagabo
- Uwupfuye aba aruhutse
- Uwuramvye arabona
- Uwurerewe n'Imana agira ngo arusha abandi guhana
- Uwuri hafi y'umuvyeyi ni we agabira
- Uwuri mu ntahe arezwa ntiyiyeza
- Uwuri musi y'ijuru ntatinya imituragaro
- Uwurivuze mu gushengera ntaba agiye
- Uwuruciye musi (urugo) ntamenya ikirurimwo
- Uwurumbije umugore ntasarura umwana
- Uwusaba agasakanyika aranukirwa akihorera
- Uwusaba Imana ntasaragara
- Uwushaje asigaho
- Uwushaka akeza aragahebera
- Uwushaka inka aryama nka zo
- Uwushaka kukurya ntabura imboga agukoza
- Uwushaka umubira abira akuya
- Uwushaka umuce acika ijoro
- Uwushaka urwamo yenga urwarwa
- Uwushonje ntiyumva
- Uwutabonye agasohoka ntabona akinjira
- Uwutabusya abwita ubumera
- Uwutaco agira ntaco agaya
- Uwutagera aragereranya
- Uwutagira ubwoba aba atagira ubwenge
- Uwutagiriwe n'Imana ntiyigirira
- Uwutahari asa n'uwapfuye
- Uwutakuriye imvanda ntukamurye imvi
- Uwutanga neza atanga kabiri
- Uwutarabona ntavuga
- Uwutaragenda yita umwana Nzirakugenda
- Uwutarahera aba arahekenya
- Uwutarapfa aba akiriho
- Uwutari bukuvune yokuva inyuma
- Uwutaribwa ntarinda
- Uwutariho azigamirwa n'umuryango
- Uwutavyaye akoma urume
- Uwutayaze na se ntamenya umugani wa sekuru
- Uwutazi akaraye araza ifu
- Uwutazi imisi arata urugo
- Uwutazi inzira yazananye ahanwa n'amayirabiri
- Uwutazi Uburundi aburundwamwo
- Uwutazi ubwenge ashima ubwiwe
- Uwutazi umukungu yima umwana
- Uwutazi umwansi ashima inda
- Uwutazi umwansi asiga umubiri
- Uwutema urwiwe umutiza umuhoro
- Uwuticaniye ntarahurira uwundi
- Uwutigaba ntiyigaburira
- Uwutonganye n'umuriro arya bibisi
- Uwutosora ifuku yamiza agati (akatsi) mu jisho
- Uwutsinzwe ntibatsindaho
- Uwuvoma yanka avoma ibirohe
- Uyagira urupfu uwutarubonye ukaba umenye ibanga
- Vyinshi bibi birutwa na bike vyiza
- Vyobiha ntivyobura
- Wanka bangwe ntiwanka zana ndabe
- Wanka gutambana imvi ukazivumbana
- Wanka kugaburira umushitsi ukaba ugotse
- Wanka kurimana imvi ukazisegana
- Wanka kurimira kure ukahasumira
- Wiba uhetse ukabwiriza uwuri mu mugongo
- Wirukana umugore ngo aguguna igufa ukazana uwurimira miyonzwa
- Witaba kare ugatumwa kure
- Zikamwa ayo zitahanye
- Abadápfūyé barabónana
- Abagabo babiri ntíbabāná mū nzu
- Abagabo bahūrira mu cêro ntíbahūríra mu cîbo
- Abagabo barāra kubiri bakarōta kumwé
- Abagabo bararyá imbwá zikīshura
- Abagabo ntíbarōnkéra rimwé baba básemana
- Abăkūndanye barânkana
- Abăkurikiye Inámujândi băjānye na wé
- Abămi basāngira ingovyi ntíbasāngíra ingoma
- Abāntu n'íbīntu ní magiríranire
- Abāntu ní magiríranire
- Abapfûye akarīmbi baragashīngirwa
- Abapfûye urubíbe baragorōrerwa
- Abarŭndi basība kurima ntíbasībá kuvúga
- Abasângira basīgana imvyíro
- Abasângira umusa basāngira abânsi
- Abasângiye ubúsa bītana ibisāmbo
- Abatâmvyi bā nêzá barakúrikirana
- Abatângánya amatáko ntíbīsîgira hamwé
- Abatúkanye bararwāna
- Abό umwămi yahâye amáta ní bo bămwīmye amatwí
- Abôro babiri ntíbasāngíra umwērēra
- Agacîwe karûma
- Agafûni kabagára ubúmwe ní akarēnge
- Agahănga k'úmugabo gahūma kátavuzé
- Agahemo gatēra ikijûjú ubwĭbone
- Agahîmbo kībagiza kwūgara
- Agahīnda sí uguhόra uríra
- Agahúgu karímwo abagóre ntíkaburá amazímwe
- Agakuku karimīsha mu rwĭri
- Agakûnze babiri karabânkanīsha
- Agakúrikiwe n'índa ntígakurá
- Agakúru mu tunyegeri ní akavyîmvye umutwé kurusha utŭndi
- Agakúru ntígaku(rí)ra ubúsa
- Agapfûye kaba gáheze
- Agapfûye kabazwa ivú
- Agashâje gashira isóni
- Agashítsi kā kêra kavūmbika umuriro
- Agasózi k'întáhanûrwa kăhīye abagabo bábona
- Agasózi kamanútse inká kadūga iyĭndi
- Agaswi katazôkúra ukērekwa n'úrwŭbi
- Agáti gaterétswe n'Îmâna ntígahenúrwa n'úmuyaga
- Agatu gatēkéye amáhwa karîmena
- Ahakíze hītwa inkóvu
- Ahănse ubwâna hamera ubwănwa
- Aharí abagabo ntíhagwá ibára
- Aharí abântu hāma urūnturūntu
- Aharí amahóro umuhoro uramwa
- Aharí umwěnge haca umuyaga
- Ahasháshe ingwe akayâbú karutsīnda impaga
- Ahό (ubūntu) bwămye ntíbuhavá
- Ahό birāyé sí ho vyīrírwa
- Ahó bwămye ntíbuhavá
- Ahó imbwá ikubítiwe irahagaruka
- Ahó imbwá ikubítiwe ntíhasubíra
- Ahó umugabo ahāndíwe ní ho yīhândūrira
- Ahó umukěcuru atōyé uruhĭndu ahīta mu rugănda
- Ahό umwôro yāníkiye ntíbwūmá (ntíryāká, ntírivá)
- Ahó uvá ntíhakuváko
- Ahό vyīríwe sí ho birārá
- Ahó watâye iminwe uhata agatemére
- Ak'í muhana kāza imvúra ihíse
- Akā mūntu kamara iyágwe
- Akabāndo k'úbusâza gacībwa kare kakabīkwa kure
- Akábi gatwēngwa nk'âkêzá
- Akabígira kábīzi (kábibona) karya imbóga kâritse
- Akabônye umwé gapfa ubúsa
- Akabúra ntikáboneke ní nyina w'úmūntu
- Akadátētswé karōtswa
- Akagôye kōkerezwa akagôri
- Akagúmye bagumáko
- Akăhabāye ntíkahavá
- Akăhūgāniye igicâniro gasibānganya indôto
- Akajá kwĭha inkŭmbi karusha imbázi kumóga
- Akăje karêmerwa
- Akăje kárusha imbwá kwōta kaba gáshāka gushá
- Akăje ntíkāzíra umwé
- Akămanitswe n'úmusâza gatamya umuyabaga
- Akamása kazôcá inká kazivūkámwo
- Akamenyēro kăyirāje mu mutégo
- Akaméze ku murīzo w'îmbwá gashirwa káwucīye
- Akămi kā mūntu ní umutíma wîwé
- Akâna k'ûmwôro kīrabura kátarogá
- Akâna karí ubwênge gasīnzīra imbonamwūko
- Akanániye umugabo kananira n'úyŭndi
- Akănse urahéba
- Akanyâro mū nyama ní iháha
- Akanyoni katagurútse ntíkamenyá iyó bwēzé
- Akarago karyāná kamenya nyené ko
- Akarâye kaba káboze
- Akarênganyo sí ak'ŭbu
- Akarēnge kajá iyó kavūká ntígahāndwá
- Akarēnge mu gusēzera kānka gukānda isí
- Akarí kure karya nyené amaguru
- Akarí kure ntíkabá indâro
- Akarí mū nda y'íngoma kamenywa n'úwayíkanye
- Akarí mū nda y'úmugabo gaserurwa n'ákarí mū nda y'úmubĭndi
- Akarí mū ndyá ní yo ndyá
- Akarí mū nzu ntíkabá iséma
- Akarí mu rugό ní ko karuvúna
- Akarími kakurésha sí ko kakurŏngora
- Akarími karima haníni
- Akarúta akăndi karakamira
- Akaryâna ntíkaryāmánwa
- Akaryôshe kăhejeje imbeba mw'ībuye
- Akaryôshe ntígahorá mw'ītáma
- Akaryôshe ntíkaryá umwé
- Akatáretsé kaba gásema
- Akatári nk'ákăndi aba arí ishano
- Akatávugá ntígahēndá akavúga
- Akazi k’í bwămi kīca uwĭcaye
- Akazîkīrá k'úmugabo kazīkwa n'îsí
- Akazímiye ntáho katarōndérerwa
- Akaziri karîzana
- Akaziri ntíkaziríkwa
- Akêzá karîgura
- Akêzá kēza umutíma
- Akĭhūriye n'îngásīro gatēra inda urwěze
- Akŏsha umusyi kava mū ngásīro
- Akŭzuye ntíkamuríkwa
- Amabānga abiri ntábāngíkana(w)a
- Amabárankúru yashíkanye inyěnzi i Buha
- Amabóko aguhá n'áyakúrīka ntárēhá
- Amabóko ashikîriye ubuhîye yībagira umushike
- Amabόko atarēhá ntáramúkanya
- Amabóko matīndi y'úmukŏbwa asegura uwĭshe sé
- Amaborōgo y'ûmwâgazi ntátērá impuhwe ingwe
- Amacúmu arwānyá inzara ní amasúka
- Amacúmu atērwa abagabo
- Amagára aramirwa ntámerwá
- Amagára aruta amagana
- Amagŏrwa ntásigá ayăndi
- Amagŏrwa sí ay'ŭmwe
- Amagúfa abiri ntábāngíkana mw'ītáma
- Amaguru yītāngira ku buriri agatāhira mu mirâmbizo
- Amahása avyinirwa ahό yavūkíye
- Amaherá ntíyīrírwa ahó yarāyé
- Amahérezo y'ínzira ní mū nzu
- Amahóro aba mū nda
- Amahóro aruta amahōnda
- Amahóro atāngurira mu mutíma
- Amahóro ava (ahēra) mū nda
- Amakúru atarímwo umukúru yāma arí amazímwe
- Amanyáma arasara ntásabá
- Amanyáma atērwa n'ágashămbara
- Amanyáma y'úruró ashirira mū ngásīro
- Amarára ntágurá inyama
- Amaráso ava mu ruguma
- Amarira ní umuheto w'úruhînja
- Amasabo aguma nk'ámabuye
- Amasabo akwănkiye arāba imirázi
- Amasabo arakíza
- Amasabo arîca
- Amasé ya kêra ntáhomá urutaro
- Amasîndé y'înkúmi ntárārá
- Amâso arasuma arí kure
- Amâso y'íbikére ntábuzá abavôma
- Amâso y'ύwŭndi ntágushĭmira umugeni
- Amâso ya bábiri arāba kubiri
- Amasūnzu sí amasáka
- Amáta y'înkúba anyōbwa n'ínkŭmbu
- Amáta y'ûmwôro ní umúfa
- Amaté mabí ní ayagîye gusa
- Amatégeko aremēra nk'ámabuye
- Amatwí yūmva icó umutíma ushasháye
- Amaví y'úmushūmba ntáhāngâra izîko
- Amayira abiri yanániye imfyísi
- Amayira y'íshāmba amenywa n'îmêndé
- Amâzi arashûha ntíyībágira i bŭmbehó
- Amâzi asūmira ku mabuye
- Amâzi iyό abāyé maké aharirwa impfîzi
- Amâzi masabano ntámará imvyíro
- Amênyo aragutwēnga arí ayâwé
- Amênyo araryâna kăndi yêra
- Amênyo aratwēnga asíze intîmba mū nda
- Amênyo atwēngera ku majigo
- Amênyo ntíyībúka gushīmira ingásīro
- Amēru y'úmukwé amara indŏngoranywa
- Amîshitso y'úmugeni yōza inkόno icūmbá
- Amôsozi y'úmugabo atēmba ája mū nda
- Amôsozi y'úmukûnzi ava mu rihúmye
- Amûnguranká ní yo mazíkēsha
- Bā Bwênge bări babiri umwé arapfá
- Babiri bĭshe imbwá y'úmwămi
- Babiri ntíbacībwá inká
- Bapfāna ikí barutwa na bamariraniye ikí
- Bareke bāzé ní kwo kunēshwa
- Barimwótubíri ní isí ikugabúrira ikakuzīka
- Barukwěge yŭgururiye ingwe imutwāra nyina
- Batānga inká ntíbatāngá Imâna
- Běne Imâna baruta běne imâri
- Běne vyó ni bó běne inămbu
- Bicīka báraguza
- Biké bikēhanira abănkana
- Bukêbuké bukomeza igihonyi
- Bukêbuké bushikana umusíba ku mugezi
- Bukêbuké ni rwó rugēndo
- Busēye Imâna bukārika abagabo
- Bwākêye ntíbuzá uwukwânka (kukwânka)
- Éjo ní uwŭndi mŭsi
- Gatό karakúra
- Gira só ntárutá gira icó uryá
- Gira só yītūrwa iyĭndi
- Gucá bugúfi bica inzira ntíbicá umugôngo
- Gucá mu zîko ní ukunyáruka
- Gusâza ní ugusahurwa
- Guseka umusóre sí ko kumuhanūra
- Gutāha gutūnga umugabo
- Hā guhāga wōshaza
- Hā guhūra n'úwagúhāye wōhūra n'úwakwîmye (n'úwakwêmereye)
- Hā gupfá uyu mŭsi wōpfa éjo
- Hā gupfá wōzānzama
- Hā kubá imbwá wōba imvá
- Hā kubêsha i bwămi wōtona nâbí
- Hā kubêsha wōbêsherwa
- Hā kugira amasáka wōgira amasabo
- Hā kugōka wōgōrwa
- Ha kunigwa n'ijambo wonigwa n'uwo uribwiye
- Hā kuremēkwa akabōnge wōremēkwa amabuye
- Hā kuvûmba umukŭngu wōvūmba umukûnzi
- Hā kuvyâra wōrima
- Hā kwĭshīma wōshīmwa n'ábăndi
- Hāga umutíma ntíhāgá uburyâmo
- Haguma umwămi ingoma irabāzwa
- Hakora mū nda
- Hapfa umugabo ntíhapfá abagabo
- Hapfa uwavûtse
- Haruha uwurí ku kivi
- Hasabwa uwĭmye
- Havūmbura uwurîbwa
- Hayāga abăngana
- Hĭrya y'ûbwôba haba ubugabo
- Hitámwo bihema indyārya
- I bukûnzi ntíbwīrá
- I bŭnyokόrome uhajānwa na nyoko
- Ibānga ní agacănwa katarahúrwa
- Ibānga ní iryā bábiri uwa gátatu aba arí igisahuzi
- Ibānga ntírimirwá intáma
- Ibānga ribāngirwa ingáta
- Ibānga rirahéberwa
- Ibānga ry'íntāngo ribazwa umubûmvyi
- Ibigôra bigōra abagabo
- Ibihe biha ibĭndi
- Ibihěngeri bitēra imfyísi urwěze
- Ibijá gucîka bica amarěnga
- Ibīntu bija ahó ibĭndi birí
- Ibīntu ní abāntu
- Ibirîwe nêzá birarwīra
- Ibísa birasabiranira
- Ibisângiye imizi bisāngira n'ûkwûma
- Ibitári ivyâwé ntúvyĭbīkáko
- Ibitárihó birîkaza
- Ibitěbu birarésha ntívyūbáka
- Ibitěbu vy'úmukêbá bikwēga agaheza
- Ibitúnye biruta ibitóbotse
- Ibuye riba ritó ntíribá ritŏto
- Ibuye riserútse ntíryīcá isúka
- Icâha cāha inká
- Icăyāye gihayira umukêbá akarí mu gihogero
- Icăyāye kivugira ibicúba ku macúniro
- Icĭmenyēre cītiranya amatúruka n'ámatāha
- Icĭrore kiguhisha inkavyi yăritse kw'īzosi
- Icĭvyāra ní ingwe
- Icĭzēre c'úmushēzi ntígihezwá na
- Icó iguhá n'îcó ikuvyărira birāngana
- Icó Imâna igutútse ní co kikwĭca
- Icó uhāwé n'úgutôra ucākwa n'úgutâkara
- Icó umūntu akorá ní co kimukóra
- Icó umuryāngo utāzí ntíkimenywá na bárŭndi
- Icó umutíma ukūnzé isógo zisūmba inyama
- Icó umuvyêyi asizé ní co aragá
- Icó umuvyêyi asizé ní co arerérwa
- Icó utarâbόna ucērekwa n'úkurāmba
- Icúmu rizôgucûngura ntúmenyá iyó ryăcuriwe
- Ifí ntímenyá ikirâza ishîngá urusěnga
- Ifí yāma mu mâzi ikāmana inyôta
- Ifúku itāzí agaheza ishōra agatwé ku mushíbuká
- Igabo rigira uwĭyubakiye
- Igera ntíritegá imvubú
- Igihēko gihēkera uwuhêkewe n'Îmâna
- Igihere giheza umugabo mū nzu
- Igihúgu ntíkirībwá ivú kirībwa abāntu
- Igikéburwa nticûmve ní imbwá kw'īgúfa
- Igikére gikera kítarâkererwa
- Igikére gikerebukira mu rushānga
- Igikíjije imbwá kiba kíyīshe
- Igípfa câbúriwe ní impōngo
- Igisânīrá gica umwāno ishíga ryîkoreye
- Igishărara c'úrujānyi gihushīsha isôko
- Igisúma ní igifáshwe
- Igisúru kivūvūdikirwa mu gahubo
- Igíti căgukoze mu jîsho cāma gíhiritse
- Igíti cīkwîje amáhwa gitēra inkēnde amakēnga
- Igíti cīswé ingoma ntikibāzwá
- Igíti cīswé umwâna ntígicānwá
- Igíti cūmyé cēgamira kibísi
- Igíti kigorōrwa kíkiri gitó
- Igíti kigwa iyό gihēngámiye
- Igíti kimwé ntíkibá ishāmba
- Igíti kirakúrira mu babāji
- Igíti ntíkigukóra mu jîsho kabiri
- Igíti utarí bwūríre ntúkirângamira
- Igitíka mu mapfá cīyita Bāndyabângaya
- Igitó gita uwagíkōye ntígitá uwakívyāye
- Igitó gitābwa iwăbo
- Igitúgu kirakúra ntígisūmbá izosi
- Ijāmbo rigukŭnze rikuguma (rigusubira) mū nda
- Ijana ntíryānká mu rĭndi
- Ijîsho Nyawĭkwēgera riha abakwé ibinóko
- Ijîsho rigēnzwá n'ákăndi rigushīma akêmo
- Ijîsho riguséma n'írigúhēzagira ntákanurá kumwé
- Ijîsho rigutúka inkúba n'írigútuka inkúmi ntúriyobérwa
- Ijîsho ry'úmutό ryānka umusâza
- Ijîsho ry'úwŭndi ntírigushĭmira umugeni
- Ijoro ntírigirá umutwăre
- Ijoro ribara uwarírāye
- Ikibwîrwa ní icŭmva icěrekwa ní ikibóna
- Ikigoyi kīza bárima
- Ikigútwāye umutíma ní co kigutwăra agatwé
- Ikimúga gisūmba imvá
- Ikimúga gitāmba cânyôye
- Ikinyóma cā nyéne urugó bagiha intébe kikīcaráko
- Ikinyóma cīca nyené co
- Ikinyóma cûmvīse ukúri kimena urūgi
- Ikinyóma kimara umŭsi ntíkimará umwâka
- Ikinyóma kiraryôha ntíkiryá umutsíma
- Ikinyóma kirasôsa ntígihāzá
- Ikinyoni kigurútse kítavuzé bacīta icâna
- Ikirémēra umutwé sí co kiremêra umutíma
- Ikirîrahábiri ntígiteramira ahó bavyiná amahása
- Ikirúta ikĭndi ní ijāmbo ry'úmusâza
- Ikirwa c'úmwămi ugiherūka ukícūbaka
- Ikitábuzé ní ibihŭnda mu bitōke
- Ikitâzí cāmbarira urunega mu bakínegura
- Ikitâzí cīgānzira agahîye
- Ikitâzí cītiranya imāmba n'úmusíba
- Ikivi ní icā kare
- Ikivūmbiko ntígitēshá ikivûmbuzi akarí ku mashíga
- Ikiyāgo gisūmba ikivi
- Ikīza ntíkīzíra umwé
- Imâna ifasha uwĭfashije
- Imâna igarurira ku makōmbokōmbo
- Imâna igira ahó imāníye
- Imâna igira amabóko marēmare
- Imâna iguha ingόro ikúbīkiye akarûri
- Imâna iguhá irutwa n'íyăkīra
- Imâna iguhăye ní yo ikwăka
- Imâna ihōra ihόze
- Imâna ikora ahó imānírijwe
- Imâna ikurăbira umwânsi muba múri kumwé
- Imâna ikuvyărira sí yo ikureréra
- Imâna iragúha ntímugurá (iyό muguzé iragúhēnda)
- Imâna iragúha ntíyībágira ahó yagúhēreye
- Imâna irarema ntítōránya
- Imâna iratânga aríko ntíyībágira guhena
- Imâna iruta ingabo
- Imâna itānga ishâka
- Imâna itāngira mw'ītíro
- Imâna itegéka ibīntu ní yo nkúru
- Imâna ntîbá kabiri
- Imâna ntîhá uwĭcaye
- Imâna ntîhá uwĭruka
- Imâna ntîhá uwĭsīze
- Imâna ntîhá uwĭtāngira itáma
- Imâna ntísīnzîra
- Imâna y'înká iba kw'īriba
- Imâna y'înká yāma ku mugezi
- Imâna y'ûmwôro imurābīsha umugôngo
- Imâna ya mwêne só si yó ya mwêne nyoko
- Imānga ntímaríra Imâna
- Imbăgwa ntíburá igicúmuro
- Imbeba ikurya igúhūha
- Imbeba irāríye umwôro iguguna urūgi
- Imbeba ntísāzíra mu kigega
- Imbeba zīyóbewe zitōnganira mu bigega
- Imbîtsi ya cāne ibīkira mukēbá
- Imbóga mbí ntízivá mū nkóno
- Imbógo ihotora ihîgwa
- Imbúrabâna yūgūmbira irekwe
- Imbúrabúgiríre ihūnga ijāmbo
- Imbúramaboko ibagara umushatsi
- Imbúto itēwé ní yo imerá
- Imbúto nzīzá itâwe mū nyēnga icīka izĭnga
- Imbwá ibura sé ntíburá shêbuja
- Imbwá ifise amaguru ané igaca mū nzira imwé
- Imbwá ikugá ntíryāná
- Imbwá itūbáha indăva ikeburwa n'înyágutwí
- Imbwá itwāwé ku rutúgu ntíhīgá
- Imbwá ntígutwěngera iba ishâka kukúrya
- Imbwá ntísumá n'îyó isumyé ntíshikána
- Imbwá y'úmukwé ní yo mukwé
- Imbwá y'úmusega ihīgira mu bíti vy'úrugó
- Imbwá y'ûmwôro yība irwâye
- Imbwá yahîye ku murīzo ngo buracá tuharăbe
- Imbwá yarîhūse ivyāra ibihúme
- Imbwá yīnwa na nyéne yó
- Imbwá yīséma irya shêbuja
- Imfúra igwa mū mfúruká
- Imfúra na sé barāngana
- Imfyísi itōra mu rwāngara
- Imfyísi y'íwănyu ikurya ikúrūndarūnda
- Imigére ibiri ntítēréka
- Iminwe iryōha inyúrana
- Imirázi isūmba guhuma
- Imisega ibiri ntínanírwa igúfa
- Imĭsi irasa ntingána
- Imisibo ntírerá
- Imisózi iyó ikūmbúranye abató barahagwa
- Imiswi itāzí agaheza yūgamika agáca
- Imitămbire y'ímpōngo ní yo migĭrīre
- Imíti ikora ikóranye
- Impararo ijāna n'ûmwâka
- Impêmbo y'ûmwâna ipfa mu magodoka
- Impéne irīsha ahó izirítse
- Impfîzi ahó ishitsé irîvuga
- Impfîzi ivyāra ukó ivyāgíye
- Impfîzi y'índwānyi iterekērwa mwěne sé
- Impfîzi y'íntāma itēndera nka sé
- Impfûvyi ibāga yôtsa
- Impfûvyi iragōka
- Impfûvyi irīra kw'īshano
- Impfûvyi iseka rimwé
- Impĭnga imarwa n'úkuyāga
- Impōngo ihīgwa yûbutse
- Impōngo isubira ku rwûbuko
- Impŭndu ntíbūngwá
- Imvugirakuyamara y'úmugabo ikūndwa na báke
- Imvúra inyāgira icó isānzé
- Imvúzi ya mênshi ivuga urwĭshe nyina
- Imyěnge y'ínzu imenywa na nyéne yó
- Inánkūndakuryá yarîye ubûki bw'îfûnděri
- Inanyi ikamwa měnshi
- Inánzōbirya mvyîkoreye yapfûye atîkóra inyuma
- Incúti iragúherekeza
- Inda iremēra irí gusa
- Inda ndēnde ihūmira indyá
- Inda ndēnde irōngwa icúmu
- Inda ní akamenēsha bānga
- Inda ní akarúta umwâna
- Inda ní amahănga
- Inda ní Bahomora
- Inda ní Barîtōraguza
- Inda ní sēha uzána
- Inda ní umwânsi
- Inda ntîbá impāmba
- Inda uyibarira icó wayirărije ntúyibaríra icó wayihăye
- Inda y'ûmwôro ibonekēsha agasámo
- Indahiro mbí ntigwāzá mū nda
- Indakûzi ntímutāhána ubukwé
- Indārandîye ní yo mugabo
- Indûrú ntígānzá ingoma
- Indyá y'úmugayo irya umugabo
- Inēra ibegerwa ku bwăyo igakūra ubwătsi
- Inēra ikunēra ku mukŏbwa igacīka umukwé
- Ingayi ya cāne uyitega Uburŭndi
- Ingēndo y'úwŭndi iravúna
- Ingēnzi irabόna
- Ingēnzi ntígirá ihěmbe
- Ingēnzi ntímenyá ahό igwá
- Ingēnzi y'ímihana ní yo nzanyi y'ámazímwe
- Ingeso irarába ntíhwērá
- Ingeso ntíryāmírwa
- Ingeso ntízīndúka
- Ingeso y'úrugó ntíyūbáka urŭndi
- Ingīngo sí ibigīngo
- Ingīngo y'íjāmbo iva mw'ījigo (mu matáma)
- Ingiri igira nk'íyĭndi ikavuna ibano nk'íy'ějo
- Ingo tubāné ní we ingo twānkáne
- Ingoma igānzwa n'ámashí
- Ingoma iruta iróbe
- Ingoma ní kimwé na nyéne yό
- Ingoma ntó yīca nka níni
- Ingoma nzīzá ní iyigúkijije
- Ingoma yagúkānze irahuhuma ugahūnga
- Ingoma yīmana ivyăyo
- Ingoma yōguha amáta ntíyōguha amâzi
- Ingōna iva mu rûzi ikarigata urume
- Ingόro ntísēnyéra iyĭndi
- Ingóro y'úmwămi iraguma itûgáye
- Ingūmba irīra kū mvyêyi
- Ingūmba itāzí ikíbi irigata ishênyo
- Ingwe igutwāra igitŭngwa ikagutānga kuráka
- Ingwe ntíyarí ízi gufátira kw'īzosi yarîgīshijwe
- Inká ikamwa icó yarīyé
- Inká irāra ahó iyĭndi yarāyé
- Inká irasâza ikīcwa n'úmwŭzukuru
- Inkêká ntíbēshá
- Inkēnde (ishājé) inyāgirirwa mūsí y'igíti (yahόra) yŭriye (yûrira)
- Inkezi ikera urwó birēhá
- Inkĭngi imwé ntígirá inzu
- Inkíre ntíkirá kabiri
- Inkóko irāra mw'īshāmba igacīka inkwăre
- Inkóko yērá itāha kare
- Inkokókazi irapfá amagí akabora
- Inkoni ikubíse mukēbá uyirēnza urugό
- Inkoni ishikīra igúfa ntíshikîra ingeso
- Inkoni nzīzá imerera ahăga
- Inkόno ihīra igihe ntíhīrá inzara
- Inkóno isha ukó ishāká
- Inkόno mu kwănka irava
- Inkόno mu kwănka irava
- Inkόrakozi ntíburá gushá
- Inkúmi ikura iyĭndi igîye
- Inkūnda nkúbōnye irutwa n'ínkūnda nkúzirikanye
- Inkúru mbárirano irutwa n'îyό wībόneye
- Inkúru y'ûmwâna isubira inyuma
- Inkwăre irāmvyé itōra mw'ītōngo ry'úwayíhīga
- Inkwăre itōra mw'ītōngo agatíma kári mw'īshāmba
- Inkwăre ivunítse ihūra n'ûmwâna
- Inkwăre yīcwa n'índeretsi
- Inkwăre zisēzerana mu masesa
- Inshiramazīnda ntírerá impfûvyi
- Intábarírwa (Intábwīrwá) ibarirwa (ibwīrwa) n'ûkό amâso atukúye
- Intábazá irya imiziro
- Intábiríma ntíyabírīye
- Intábisíga ni yó ntábisânga
- Intângo y'úbuhănza ní amasόso
- Intárābóna isēra iháha
- Intárimá ntímirá
- Intébe irutwa n'íntemére
- Intěre igwa kure
- Intîbágira ntíbāná
- Intîbágira ntírerá impfûvyi
- Intŏre ihūmba itwênga
- Intŏre ipfīra ibānga
- Intŏre mwōhūrira kū nzira ntíwōyirārira
- Intŏre ntírāmbá
- Intúmwa irarābirwa ntíyīcwá
- Intwâri iboneka rúkāmvye
- Inyákamwe inyaga imwé
- Inyama y'ámarêré yatânze umuziha gusohoka
- Inyama y'úmugóre isha yîhina
- Inyána imenya nyina mu mwîjimá
- Inyána iranúra ntíshirá irēnda
- Inyănge ntíharánira kwěra
- Inyo y'înkóko uyērekwa n'úmuyaga
- Inyoni iguruka yîsūnga igíti
- Inyósha mbí ingana umurozi
- Inyuma y'ínyungú hāza akanyărire
- Inyūndo irakúra (iracúra) ntísūmbá iyayûjuje
- Inyūndo isigáranye abâna ihōnda imisé
- Inzara irahéra aríko igihému kibí ntígiherá
- Inzara itēranya abaséka
- Inzara ní inzerágiza
- Inzara ntíyīcá batānu yīca abatânye
- Inzara y'ûmwâna imenywa na nyina
- Inzérerezi ntíhāmbá sé
- Inzigo izigira mu gahĭnga
- Inzigo ntízigáma irêmbo
- Inzira ntíbará inkúru
- Inzira y'íshāmba igēndwa n'ábayîzi
- Inzira ya hâfi yamáze abatwá
- Inzόga imara ubwôba ntímará ubwôro
- Inzόga y'í bwămi mu kuyisoma urasûngarara
- Inzóka ntíyīgórōra iba igîye
- Inzóka yōróshe imira iyigúmye
- Inzu ntísēnyéra iyĭndi
- Inzu ntíyīnjíra mu yĭndi
- Inzu yantíyahîye
- Irakeregeza ikaba inkěcuru
- Iríba riba kare
- Irirênze umunwa riba rírēnze impĭnga
- Iryěze kare ntírigerá ku murara
- Isáka rimwé ntíryūzúra ikigega
- Isáka rirakúra ntírisūmbá umugéshi
- Isári ntírēngá intŏre
- Isáse riva ku cûma
- Isāzi irí ubuté ntîryá ku gisebe
- Iséma isema básemerera
- Iséma y'úmugabo yīrukana ishíshīro
- Iséma y'úmukěcuru yīsīga umusoma
- Ishāmba ryăbāye indahiro ntíribá indagiro
- Ishávu ry'úmuvyêyi rirîrirwa ntírirārá
- Ishíga rimwé ntíryāríka
- Ishirásoní sí iyiróga ní iyírya abăndi bábona
- Ishûrwé rirêra kăndi rírura
- Isóni zirīsha ishano
- Isórōsóro igwīrira iyó iroyé (i bwĭnshi, i bwămi)
- Isúka yāmá iríma ntîgwá ingése
- Itáma ridatamíye ntíritamúra
- Itêká urihābwa n'úmugóre
- Itōngo ní amagára y'úmūntu
- Itōngo ní ubuzima
- Itōngo ry'úmuryāngo ní wo urizigáma
- Ivoka ry'îmbwá rikoroka (ijoro kăndi) ríhīye
- Ivú rihozé ní ryo ryōtsá inzu
- Ivy'ábăndi bishīnga amâso ntíbishīngá amênyo
- Ivy'ábapfú birya abapfúmu
- Ivy'ějo bibara ab'ějo
- Ivy'ějo bibonwa n'Îmâna
- Ivy'îsí ní amabānga
- Ivyā gusa biri ku mutégo
- Ivyā gusa bitēra ubwênge buké
- Ivyănse mu mashí bija mu migére
- Ivyâra ntírigōrá nk'írera
- Iyā nyuma ihāga inkoni
- Iyakáremye ní yo ikaména
- Iyakúrīye ntúyigéra inkoni
- Iyănka kuzímira irâbira
- Iyarâye ubúsa ntívugá
- Iyibíze nâbí uyīma ifu
- Iyĭgānje yīma izĭndi zíbona
- Iyigéze kure ntâ yitáyigéra ihěmbe
- Iyihôngotse arí imwé ntíbuzá izĭndi kurîsha
- Iyijá kurîsha ihēra kū nâma
- Iyikîtse ntâ wutáyikóra mū nda
- Iyikúbūriye ntíkuryá
- Iyinízwe n'amáta ntâ wŭndi mwērēra
- Iyirí ubwôba irahwêza
- Iyisîzwe umûnyu n'Îmâna irigatwa ná zöse
- Iyítăkōye nyoko uyihonyora mu mayêzi
- Iyivúnitse yīga gucûmbagira
- Iyivyâgiye kěra ivyāgurukana irāgo
- Iyivyâriye ku macúniro ntîbá ikíbāzwe
- Iyivyâye amashūri iyīcūnguza amarāgo
- Iyivyâye ikibóze irakírigata
- Iyό butárĭra mukâsό aba nyoko
- Iyó indûrú ivuzé umushūmba atānga shêbuja gupfá
- Iyó indûrú ivuzé umushūmba atānga shêbuja gupfá
- Iyó utēyé ibuye mū mbwá nyĭnshi iyimótse ní yo ubá ugémye
- Iyó uvá ntíhakuvá inyuma
- Iyŭbutse ntíhishwá indûrú
- Iyŭbutse ntíhishwá Indûrú
- Izā nyabutīndi zămazwe n'úmugére w'ísāzi
- Izijá guhóna zihēra mu ruhŏngore
- Izikénye ziruta izinyázwe
- Izína ní ryo mūntu
- Izo zābíra zări imitavu
- Izo zibiká zări amági
- Kabiri karazirwa
- Kamwé ní ubúsa
- Kananira abagabo ntíyĭmye
- Karahára mu rugănda ntíbacurá
- Karimanzigo ntíyīmbúra
- Kibúrabwênge c'úmugabo yakwîkiye ishênyo mu gisomasoma
- Kubá imbwá sí ukumoka
- Kubá murēmure sí ko kumanura imvúra
- Kubáho ní ukubâna
- Kugera kure sí ko gupfá
- Kugōrwa sí ko kugōka
- Kuraguza kurutwa nó kugēndereza
- Kure ní mū nda
- Kuryá ní kare
- Kuvúga měnshi sí ko kuyamara
- Maguru ya Nyárwări yasíze imvúra n'úmuguha
- Mpa nūmvé yĭshwe n'úmuráhu
- Mpūngé urw'ăha yakímajije amaguru
- Mū nda haba umutíma ntíhabá umutsíma
- Mū nda harāra inzara hakavyūka inzigo
- Mukâsó sí nyoko
- Mukúru w'íjāmbo ní irĭndi
- Mwāramutse ntákūrá akăramutse ku mutíma
- Mwěne nāká yōkuzirika ku cătsi
- Mwěne nyoko aravyâra ntŭtume
- N'úburí ku munwa burakoroka
- N'ubúsa burazirwa
- N'úwuhígimye aba avúze
- N'úwutáco avuzé aba avúze
- Na Bucangênda yapfûye atágīyé
- Na gáto kava ku yigûye
- Nári ntíhābwá intébe
- Ncīshé maké yacîye igihonyi
- Ndabirīnze yagûye mu mirīnzi
- Ndabirŭnguruke yagûye mu myūgariro
- Ndacâri mutó ní bwo butīndi
- Ndakwânse ntîvámwo ndagúkūnze
- Ndânse ibēra umusazi
- Ndaryĭmare ní we ndaryĭtēre
- Ndi umugabo ní ko gupfá
- Ndimé nshīmwé yagûye mw'īsemo
- Ndīndé yarápfūye Mpūngé arakíra
- Ngira ukó nakúgize ní we agōrá
- Ntā barônkera rimwé nk'abáca imisígāti
- Ntā buja bukizá
- Ntā bwênge bw'ŭmwe
- Ntā bwôro buramá nk'ûbw'íkirēnge
- Ntā cĭca umukŏndo ngo gisigé amara
- Ntā cĭca umukŏndo ngo gisigé amara
- Ntā gahéra iyό kăgīye
- Ntā joro ridacá
- Ntā kabúra imvo
- Ntā kěra kā gusa
- Ntā mbwá ikugána igúfa mu kanwa
- Ntā mpōngano y'ûmwânsi
- Ntā mucūmvyi yabwîyimye
- Ntā mugabo umwé
- Ntā mukúru aburá mukúruwé
- Ntā mukúru mu cōbo
- Ntā muryāngo usūmbá inda
- Ntā muzīndutsi wa kare ku mutíma w'úwŭndi
- Ntā mvúra idahitá
- Ntā mwâna n'íkinōno
- Ntā mwîzá w'ínzara
- Ntā mwônga uburá isáto iba idáhīzwé
- Ntā nda iburá intŭntu
- Ntā ndagúkūnda nkakwānkira umwâna
- Ntā ngoma itavugá
- Ntā nkokókazi ibíka isăke irího
- Ntā ntāmbara iburá inkomére
- Ntā nyama itaryá umutsíma
- Ntā nzόga itagirá ijāmbo
- Ntā rirênga rícāka
- Ntā rubănza ruburá ijāmbo
- Ntā rupfú ruburá umurīzo
- Ntā rutôha rútūhíwe
- Ntā shāmba risūmbá ijoro
- Ntā vyěra ngo de
- Ntā wakóreye Imâna yĭkoreye amabóko
- Ntā wăma ahîriwe
- Ntā wămbara yárahénye
- Ntā wĭcīra rubí
- Ntā wĭcīra urubănza
- Ntā wĭhanira abakúru bárihó
- Ntā wĭkūra kurí nyina ngo yaráshāje
- Ntā wĭnyagira abagabo bárihó
- Ntā wĭyerekera kū mānga
- Ntā wubâgira ahatágirá isāzi
- Ntā wŭbaka zibiri
- Ntā wubândwa abângikanije
- Ntā wubûrana n'úwumúgaba
- Ntā wubûrana n'úwumúhāmba
- Ntā wúca umugáni umwâna asînziriye
- Ntā wúca urubănza atūmvīse
- Ntā wúca uwó sé atăcīye
- Ntā wúgwa mu bânsi ngo agēndé amahóro
- Ntā wuhêka uwutîsîmbiza
- Ntā wuhérekeza uwĭcaye
- Ntā wuhísha umwôtsi inzu iríko irashá
- Ntā wuhόra ahîriwe
- Ntā wuhόra ahό yabâye (Imâna iba yáramuhâye)
- Ntā wuménya umŭsi
- Ntā wunyága uwó atăgabiye
- Ntā wurágira mū nzu
- Ntā wurímira amasáka ahó atagirá amasabo
- Ntā wurîra ibigôri ahó yagôrewe
- Ntā wurônderera ubwîzá mw'īkazānga
- Ntā wúrya inzóka ngo ananírwe n'úmurīzo
- Ntā wúrya vyöse nk'úwurága
- Ntā wúrya wênyéne nk'ígisebe
- Ntā wusába amáta ahó akōmbwá
- Ntā wusábana iminwe misa
- Ntā wusângira n'ûmwôro umwērēra
- Ntā wusângira n'úwutábegá
- Ntā wusênga iyĭruka
- Ntā wusíga inká mw'īgabiro
- Ntā wusîmba agasîndé
- Ntā wutânga icό adafisé
- Ntā wutânga Imâna kwĭhebūra
- Ntā wutêra atêngase
- Ntā wutêra ibuye ahó yatéretse igisābo
- Ntā wutêra icúmu mw'īcúmi
- Ntā wutîza
- Ntā wutîza urūgi imfyísi zâtêye
- Ntā wutôngana ahó atabá
- Ntā wutûnga izó adashītúra
- Ntā wutûra ngo atūrwé hāsí
- Ntā wuvûka rimwé ngo yūzúre ingovyi
- Ntā wuzíbira inzira y'Úburŭndi
- Ntā wuzíbira umurômbero inká zígitāha
- Ntā yígwa mu zîko ikūráyo inkóba zöse
- Ntā yĭruka itábūndá
- Ntā zibâna zítagerána amahěmbe
- Ntaramúka arutwa na yό (arutwa n'Imâna)
- Ntarátaze aruta mbūndâre
- Ntihāgá ibihúgu hāga imitíma
- Ntizicībwá amahěmbe zíhōwe ubúsa
- Nyamwānka iyó bivá yatútse umwămi w'înká
- Nyamwīgēndáko ntárimíra impěshi
- Nyené amaguru yĭrukiye nyené umugisha
- Nyené amâso yērekwa biké ibĭndi akîrābira
- Nyené ibīntu ní we nyené ubúsa
- Nyené Imâna avūmbikīsha irěnga
- Nyené Imâna yōkwăsamura hējuru y'ícōbo
- Nyené imbúgitá ní uwuyífashe ikirĭndi
- Nyené imbúgitá ní we nyené inyama
- Nyené umupfú ní we amujá ahanûka
- Nyina w'úmukŭngu ntávyiná nâbí
- Nyina w'úmūntu ní gasâto gahishá amahere
- Nyokórome akuruma akúbona
- Nzi aka arakábazwa
- Nzōbirya ngárutse yagûye inyuma y'íkibira
- Nzōja i bwămi yarîye ivyā Nzīrimira
- Sakírimi kibí yatânze umurozi gupfá
- Sinabíkoze yakóze umugabo mw'īrúgu
- Sīndyá aka aba yárīye akăndi
- Sīndyá aka ahinyuzwa n'úmusáse
- Só akwănka akuraga ivyămunaniye
- Só ntákwănka akwīta nâbí
- Sōkwé Sōkwé irutwa na só araroga
- Tubiri tuvūrana ubúpfu
- Uba ahabóna ukahábonera
- Ubāna na Súnēbá ugasunēba nka wé
- Ubēshera uwapfûye ugapfa nka wé
- Ubîka inzigo ntúzigáma irêmbo
- Ubītsa sōbukwé ukaba ukôye
- Ubugâbá bw'úmugabo ní bwo búryo bwîwé
- Ubugabo burîhābwa
- Ubugabo sí urucúmu
- Ubugírigíri bugira babiri
- Ubugúfi sí indwâra
- Ubujá gushá buratagata
- Ubukéne ní indwâra (ivūrwá igakíra)
- Ubukêye bucāna ayăndi
- Ubukúru sí bwo bwênge
- Ubuméra ku mugina buhābwa umwămi
- Ubúmwe buramōta
- Ubúmwe butarího butēranywa n'ínyama
- Ubūntu burîhābwa
- Ubūntu ní umūntu
- Ubunyegeri buyāgira kw'īgúfa
- Ubunyegeri bwĭnshi ntíbwīmbá
- Uburiri ntíbuvuná
- Uburîye umugabo ntíbubēshérwa umwâna
- Ubúro bwĭnshi ntíbuvá umusurúru
- Uburŭndi bugona búri mâso
- Ubúsa busūmba akamăramāza
- Ubúsābúsa buruta ubúsa
- Ubusâza bunyaga ubugabo
- Ubusígo buhūmá ntíbubá buníni
- Ubusĭmbi busāngíye amajānja ntíbuhishánya amajāmbo
- Ubusúma ntáwe bwěreye
- Ubusumano buhāza umutwé
- Ubúsya uwŭndi burôroha
- Ubuté buta mu zîko
- Ubutό buryāna nk'înzúki
- Ubutûnzi bwūbaka urugó bwîbīkiye umuhoro
- Ubwâto bwītângiye bukira umuyaga
- Ubwătsi burashá bukabisa ubŭndi
- Ubwênge bukwănse buseruka ushâje
- Ubwênge bukwănse būza mū nyuma
- Ubwênge burarahurwa
- Ubwênge buva i muhana
- Ubwênge bw'índa ní ukuryá ukîhorera
- Ubwênge bw'ŭmwe ní isáho itobótse
- Ubwĭra bugacá ntíbugutĕranya n'încúti
- Ubwīriza uwuryá ngo urānsaba
- Ubwîzá buca mu kanwa
- Ubwîzá bugukŭnze buja ku mutíma
- Ubwîzá bukwănse buja ahó batabubóna
- Ubwîzá bw'înká ní kubá imwé
- Ubwîzá ntíburībwá
- Ubwôro bucīsha ubwênge
- Uca bugúfi ugaca igitōke
- Uca mw'īshāmba utāzí ugaca inkoni utāzí
- Ucāna ubúsa ukēnyegeza intoke
- Ufōra cāne ukavuna umuheto
- Ugaya ahó ubá rikarēnga arího urí
- Ugaya ubw'îfûni ukarâra umwâka
- Ugēnda utábazá ugasāza utámenyé
- Ugēndera mu makānda y'ínzovu ugakira urume
- Ugona mw'īrima ikivi kikaba kírāye
- Uguhūnga ní uguhumāna
- Ugutâmbuka ní ko kugēnda
- Ugutânga ní ugutânguza
- Ugutsîtāra ní kwo kwīgirwa imbere
- Uhēra umurozi akaguhēkūra
- Uheza guhemuka ibigôri bikêra
- Uhisha ubwări nyoko ntíwāráma
- Uhishīra umurozi akakumarira abâna
- Ukira umukêbá ntúkirá icó avyāyé
- Ukó imvúra ikuvyé sí ko itwārá
- Ukó so aguhăye umwâka ní ko uwuryá
- Ukó yēzé ní ko atemwá
- Ukó yēzé sí ko atemwá
- Ukó zivugíjwe ní ko zitāmbwá
- Ukora icîzá ukagisānga imbere
- Ukora inâbí ikagúherekeza
- Ukubáza gutēra ukumenya
- Ukubóko kumwé kurîyaga ntíkwīmára ubúryi
- Ukurāmba ní ukubόna
- Ukúri guca mu zîko ntígushá
- Ukúri gushirira mu kuyāga
- Ukúri kurazirwa
- Ukúri ntíkubuzá ukuvûmba
- Ukúri ntíkuvugá uwukúze kuvuga uwukûzi
- Ukurima ntíkubuzá ukurimārima
- Ukurimira mū ndâré ní ukuzīnduka
- Ukuvúga ntígukūrá akănka
- Ukwĭbarira ní kwo kubêsha
- Ukwĭga ntíkubuzá ukwĭganyira
- Ukwîruka sí ko gushika amahóro
- Umanika agatu wîcaye mu kukamanura ugaháguruka
- Umena ibānga rikakumena inda
- Umubânyi ní we muryāngo
- Umubĭndi ushira uvyîmvye
- Umubiri ubira akábi
- Umubiri uvyāra udáhatsé
- Umubûranyi arahava icăbona kikahagwa
- Umucúzi w'ímitíma ntíyayírīnganije
- Umúfa w'ímbwěbwe unyōbwa ugíshūshe
- Umugabo ahāga amâzi ayîvōmeye
- Umugabo aharítse ahorana Indûrú
- Umugabo aheza kwŭbaka bámwūbakiyéko
- Umugabo ahūra n'úwŭndi
- Umugabo akira iryó atēwé ntákirá iryó agēndána
- Umugabo akwănse ntákwĭtēza ibibázo
- Umugabo amira intóre ntámirá ijāmbo
- Umugabo ananira abagabo ntánaníra akōbo
- Umugabo anyāgirwa umubiri ntányāgírwa umutíma
- Umugabo apfāna imigămbi
- Umugabo aravúga umugóre yavugá rukaba rúcītse itōngo
- Umugabo arīnda akăje
- Umugabo ashikwa na rímwe
- Umugabo asiga imbwá ntásigá umugayo
- Umugabo asīmba akaziba ntásīmbá akaziri
- Umugabo ata umugόre ntâtá umwâna
- Umugabo atabwīrwá yĭkebeye inyama itarībwá
- Umugabo atarí so akwībuka ahéjeje kuryá
- Umugabo atēmba kw'īcúmu ntátēmbá kw'ījāmbo
- Umugabo atīnya ingwe ntátīnyá iyamwînjiranye
- Umugabo atūnga uwŭndi apfûye
- Umugabo gitó akubita umugóre wîwé
- Umugabo mubí ní ubwâgiro
- Umugabo ní umwâna w'úwŭndi
- Umugabo ní umwūgariro
- Umugabo ní uwŏrya akīshura
- Umugabo ní uwúrya akarâza
- Umugabo ntáhorá ararwāna aba akûmbuye gutêka
- Umugabo ntákubûra
- Umugabo ntápfīrá izûba rimwé
- Umugaboijoro (ishāmba) atīnya icό vyărihūriyémwo
- Umugabo ntátīnyá urukâmvye
- Umugabo ntávūmbá inzóga avūmba ijāmbo
- Umugabo ntāwé a(ra)gaya imbόga mu mapfá
- Umugabo ntíyīcwá n'ínzara yīcwa n'ínzigo
- Umugabo umwé agerwa kurí nyina ntágerwá ku mwămi
- Umugabo umwé ntâcá urubănza
- Umugabo w'îséma akubūra mu rutára
- Umugabo w'îséma yōngeza umutsíma
- Umugabo yīhīndukiza mu kirago ntíyīhîndukiza mw'ījāmbo
- Umugáni ntûvá ku gíti uva ku mūntu
- Umugáni ugana akarího
- Umugáni ugānīra abarí kumwé
- Umugáni ungana ingoma
- Umugēnzi arakurutira incúti
- Umugēnzi ararírēnza
- Umugére uva kū nyo
- Umugére w'úmugóre uhīnda uhéra
- Umugisha ntíwībwá
- Umugizi sí we mugirírwa
- Umugóre arakáma intáre
- Umugóre asa n'ûmwâna
- Umugóre atānwa abâna ntátānwá ibigega
- Umugóre gitó agutātira agúseguye
- Umugόre musāngira amáta ntímusāngíra amaté (amâzi)
- Umugóre ní inkĭngi y'úrugó
- Umugóre ní ndyāna n'úwějeje
- Umugóre ní uwó ukōyé
- Umugóre ntárirîmba aba aríko aracúra intîmba
- Umugóre ntâryá incîrá ní ko gucîra umugabo
- Umugóre ntásīmbá urugó aba agômba kurugwa inyuma
- Umugóre ntátwārá icúmu
- Umugόre ntíyūríra inzu
- Umugóre sí akazûru
- Umugóre w'întárimá yōnsa isúka
- Umugόre w'îséma abika umugabo
- Umuhĭgi arí kure ntávuná imbwá
- Umuhĭnga wό kuryá arāra akáravye
- Umuhíni mushăsha utēra amabávu
- Umuhόgo ntúmenyá ubwôro usara ibisára abagabo
- Umuhúshatûnga w'úmugabo ahusha umugóre
- Umukéne na nyina aramwânka
- Umukéne ní ntā jāmbo
- Umukěngesha w'ímpōngo ayihīgīsha iróbe
- Umukényezi ní inkĭngi y'ítērambere
- Umukŏbwa akura kwā sêbukwé ntákurá kwā sé
- Umukózi abērwa n'împêmbo
- Umukúru yōva iyό ubá
- Umukwé w'îsόni ahāmbwa abόna
- Umūntu agirwa n'úwŭndi
- Umūntu ahūnga urwîmo ntáhūngá urupfú
- Umūntu akira icó abēshéwe ntákirá icó yībêsheye
- Umūntu arasōnza akībuka n'ûbwó yahâye imbwá
- Umūntu aruhūka apfûye
- Umūntu arya itōngo ryîwé
- Umūntu yīkora ku có afisé
- Umupfú ntáburá uwumúpfunya
- Umupfú ntíyīnûkira
- Umuryâmbwá aba umwé agatukīsha umuryāngo
- Umuryāngo ntúbuzá umuryângo w'ínzu kuva
- Umuryāngo uba ku muryângo
- Umuryāngo ujá guhóna ubāndwa wöse
- Umuryāngo umwé ntíwūríza umwămi umugwa
- Umuryāngo uryānyé urarîka
- Umuryāngo uryōha uryâna
- Umuryāngo utaziríriza urazíma
- Umuryí wa cāne ahasha umusyi
- Umusavyi ntárutá shêbuja
- Umusavyi w'ûrwânko agabana n'íngoga
- Umusazi arasara akagwa kw'ījāmbo
- Umusega (w'îmbwá) uryāna ugáramye
- Umuségo utagoná nyoko ntíwīshîmirwa
- Umushēzi yānka uwŭndi
- Umushikíriza w'ígitútsi ní we mutúkanyi
- Umushitsi mwīzá arîzimāna
- Umŭsi wa rwό (Rusăke) ntíbiká
- Umusóre umuhana aváyo ntúmuhána ajáyo
- Umusóre yōkurásira ntíyōgusabira
- Umúswa urya umuhíni usótera isúka
- Umutâga wīmukira ijoro
- Umutāma ní ubúsa (asúze aba anêye)
- Umutámiro w'ífūndi uhāza umuryāngo
- Umutavu wó mu kanwa uracá ntíbagarúra
- Umúti w'îmbwá wāhwa ku rugó
- Umutíma ntûbá mwôro
- Umutíma ntúgirá igúfa
- Umutíma usobétse amagánya ntúsobânura ijāmbo
- Umutíma uva ku mutsíma
- Umutīndi atīnda ku mwônga abăndi bávōma
- Umutīndi ntákizá uwŭndi
- Umutīndi w'înká atuka uwayímutīje
- Umutsíma w'Îmâna urya abarâmbije abarâmbiwe bátāshe
- Umutwăre atwārira böse agatūngāniriza böse
- Umutwăre ntâbá umwâna
- Umutwé umwé ntíwīgîra inâma
- Umutwé umwé wīfasha gusara ntíwīfásha gusaba
- Umúvo ntûcá ku mwōbo
- Umuvyêyi agaba ukó ashāká
- Umuvyêyi ahakurira ku rutaro akarīra ku rutoke
- Umuvyêyi atarí nyoko agushīmira inda yā mbere
- Umuzímu urīra ku muzima
- Umwâka w'ákănka ubúro burabûngwa
- Umwămi acumura yîcaye
- Umwămi ntíyīcá hīca Uburŭndi
- Umwâna ahētswé nêzá asohora ukubόko
- Umwâna ahora atînya ikára arítōye
- Umwâna akura i bŭse ntákurá i bŭnyina
- Umwâna ananira sé ntánaníra sêntáre
- Umwâna arahôngoka nyina akâsama
- Umwâna arakunanira arí uwâwé
- Umwâna arya inkóko nyina akayiruka amŏya
- Umwâna asa na nyina
- Umwâna iyó umuhăye umugóre umuhāna n'ítōngo arimámwo
- Umwâna murizi ntátōrwá urutózi
- Umwâna ní umutwăre
- Umwâna ní uw'Úburŭndi
- Umwâna ntáhābwá ubugabo arabwîhá
- Umwâna ntíyānká kwŏnka nyina ngo arwāye amahere
- Umwâna sí se
- Umwâna sí uw'ŭmwe
- Umwâna umumwa imvānda akazōkumwa imví
- Umwâna umurya imvānda akazōkurya imví
- Umwâna umwé ntâ mwâna
- Umwâna umwé sí umuryāngo
- Umwâna uramúkūnda akarubīkira uwîwé
- Umwâna urí buhēké ntúmwĭsha urume
- Umwâna uzôhêka ntúmwĭcīsha urume
- Umwâna w'íngwe ní yo ngwe
- Umwâna w'ínkēnde apfa yûrira igíti
- Umwâna w'îséma arirana umutsíma mū ntoke
- Umwâna w'îséma
- Umwâna w'îsúre avūkana isūnzu
- Umwâna w'úwŭndi akurya múyāga
- Umwâna w'úwŭndi ugira ngo ingo turwāné ntúgirá ngo ingo ndagukubíte
- Umwâna w'úwŭndi yīmba agúhisha ivú
- Umwâna yānāna kurí nyina
- Umwâna yānkwá ní we akurá
- Umwānda uhera iyó wagîye ntúherá iyó wavûye
- Umwânsi agucīra icōbo Imâna ikagucīra icānzo
- Umwânsi murabâna
- Umwânsi ntâbá kure
- Umwânsi ntâbá umwâna
- Umwânsi ntánūká
- Umwêrá uva i bukúru ugakwīra höse
- Umwĭgeme akura iyό yagîye ntákurá iyό yavûye
- Umwônga umwé wōnza inyoni
- Umwôro ní nyagupfa
- Umwūko ní ikiríko
- Umwŭngere w'índa ntácūrá amahóro imĭsi yöse
- Urahora útyo ntâbá mu rugó rw'úwŭndi
- Urāmba cāne ukarīnda uruvyíno rw'îmbwá
- Urazīnduka ntútāngá Rwūbá
- Ureka kugarura impéne ikíri hăfi yamará kurênga imirămbi ukābira nka yό
- Ureka kurimira umwâna w'ínyoni uwâwé agasōnza
- Urera nâbí ugatukwa n'ábakwé
- Urima biké ukīmburira mu gipfŭnsi
- Urima itíro ukīmbura ingonera
- Urímye ikibára hakamera inzúzi ntízibá arí izâwé
- Urubănza rugirwa n'ívyăbona
- Urubănza rumwé rumara zibiri
- Urubănza rw'íjoro ruca inkíma
- Urubănza rwōnka umugabo ntírwōnká umugόre
- Urubúze inkwăre ruvūmbukana igihuna
- Urugămba rugīyé kěra ruhinyuza intwâri
- Urugó rubuzé umugabo rubura umuhoro
- Urugó rugira babiri
- Urugó rurímwo umugabo runywa amáta
- Urugó rutagirá umugabo
- Urugó rutagirá umugabo rutāha umugayo
- Urugó rutagirá umugabo ruvuga umwâna
- Uruhănga rw'úmugabo rurarârīra rúsīnziriye
- Urujá kuja i bwămi rubānza mu bagabo
- Urujá kwăma rwāma kare
- Urukâmvye rumara umugabo
- Urukûndo rutarímwo umukûnzi ntírurāmbá
- Urukûndo rwītūzwa urŭndi
- Urukwâvu rurakúra rukōnka umwâna
- Urupfú rw'îmbwá ní inyama
- Ururími ntírwōnzá umukŏbwa
- Ururími rw'ŭmwe rukamwa ayěra
- Uruturūmbwe ruca ku ruhîye
- Uruvúze umugóre ruvuga umuhoro
- Urw'ûmwôro rumara zöse
- Urwânko rutēsha urwârwá
- Urwĭba rwība umugabo
- Urya cāne ukīroga inzara
- Urya incúti ukīnovōra intŭntu
- Urya nk'úmugabo ukanigwa
- Usaba Imâna y'úwŭndi ikaguha amahere
- Usaba inēra ukaba inēra
- Usaba umwîzá mugasa
- Usāngira ibānga n'îmbwá ikarikwīza ibisáka
- Useka umubânyi ukavyūka músa
- Uta agatōngo ataco kakugíze kagatuma ku kăndi ngo urāmpōra
- Uta akarānga ukaba utâye ibānga
- Uta umwūga ukaba utâye umwâna
- Utāmbira umwămi atagushăka akakwīta umusazi
- Utamira umugēnzi arí kū nâma ukaba utámira umutānga
- Utēka ubúsa ukamira ubŭndi
- Uturuka buká ugatāha bunyama
- Utûzi wīvômeye turaryôha
- Utw'ûmwôro twōmwēgēra
- Utwâwé ní utwó urāyé urîye
- Uwabâye mwīzá aba muzima
- Uwabírimye sí we yabírīye
- Uwagôwe aherekeza uwagôtse
- Uwămbaye ikirézi ntáboná kό cērá
- Uwămbaye ntâbá mubí
- Uwămbuwe n'ûwâzí ntâtá ingáta
- Uwămye akúruta akurusha n'îmvá
- Uwănka (Uwutâzí) agakúra abāga (aniga) umutavu
- Uwănka abagabo asiga bágabura
- Uwănka amazímwe abāndwa hábona
- Uwănka isāzi ata akanûka
- Uwănka kugâmbararirwa atuma uwukúze
- Uwănse kwŭmva ntíyănse kubóna
- Uwapfûye yarîhūse
- Uwarâye nêzá aseka uwarâye nâbí
- Uwatînye gupfá ntíyavûtse
- Uwěnyegeza ntávuná zöse
- Uwěrekeye iryá aba ahénye
- Uwĭcaye nêzá yōta nêzá
- Uwĭgize igikútso bamuyōza amasé
- Uwĭherēreye amwa inákuru
- Uwĭhoreye ahōnga biké
- Uwĭkīngirije umwămi arasa uwó ashāká
- Uwĭshwe n'ûwîwé ntárirírwa
- Uwĭtara kubá igihuna ahunikira búkēye
- Uwĭtēra umwôro amwēreka mu kigega
- Uwĭtōnze akama ishâshi
- Uwĭtōnze amira ibinóze
- Uwĭtumiye yītwāza intébe
- Uwĭyimye asa n'úwĭyahuye
- Uwó bukubíye akubira umukúbi
- Uwó bwăhamye ahamiriza arí umwé (wênyéne)
- Uwó ivyâgo vyāgíye n'ívyătsi ntíbimubísa inzira
- Uwó izá guhá iramusahurira
- Uwó izá guhá
- Uwó izá guhá ntímugeréraniriza
- Uwó utabōnyé ku rupfú rwā só ntúmubóna ibigôri vyêze
- Uwó wakíjije ní we akwĭca
- Uwŏhōra imbwá gusútama yōzimara zöse
- Uwŏsha umukéne aramusaba
- Uwubândwa ní we abāndá urūgi
- Uwubûndabūnda abonwa n'úwuhágaze
- Uwubûranye ikinyóma aragítsīndanwa
- Uwubwîra uwŭmva ntávuníka
- Uwúca umugáni ntátarámura umwâna
- Uwúca urubănza rw'ábavândímwe ararárama
- Uwudásavyé ntákirá
- Uwudáshōnjé ntáshērá
- Uwudásizé umwâna asiga umugáni
- Uwudátēyé ntásorόma
- Uwufíse amâso ahēndwa biké
- Uwufíse ikimuri ntáhakúrira hāsí
- Uwufíse imbwá ntâtá igúfa
- Uwugômba isīmbo asīmba urugó
- Uwugômba kugabana arazīnduka
- Uwugôwe agōra Imâna
- Uwugôwe aragōka
- Uwugôwe umuryāngo uramwākīra
- Uwugúhanūra kurēndegera aba agúteze umushíbuká
- Uwugúsavye umwūhīro aba agútaze umusêsekará
- Uwugúsūmba arakumanurira
- Uwugútānze gukáraba agutānga kubega
- Uwuhágarikiwe n'íngwe aravōma
- Uwuhána inzara arayirimira
- Uwuhána umurozi amubītsa umwâna
- Uwuhânzwe n'îsînzí ntásīnzîra
- Uwuhâwe n'Îmâna atēkera bárorēra
- Uwuhâwe n'Îmâna ntíyāmbúrwa n'úmuyaga
- Uwuhâwe n'úmwămi acānira Uburŭndi búbona
- Uwuhâwe n'úmwămi atēkera Uburŭndi búbona
- Uwuhênzwe n'ágahêngwé acāna inkīnzo
- Uwuhêtswe n'úmukêbá atēra agahînda insīmbizo
- Uwuhôngera umwânsi amara inká
- Uwujá gukíra icí aracûmbagira
- Uwujá gukíra indwâra arayirāta
- Uwujá gukíra urwîmo arwīma ururími
- Uwujá gusíga imvúra arayirorēra
- Uwujá gutûnga arima abagēnzi
- Uwujá kubá mu Burŭndi agira amâso ntágirá amatwí
- Uwujá kugaya ijāmbo arāba umunwa urivúze
- Uwujá kwŭmva arûmviriza
- Uwujá mu rugό rw'úwŭndi asiga ingeso kw'īrêmbo
- Uwukêngurutse aba yôngeje
- Uwukíze akira isúka
- Uwukíze akira iwăbo
- Uwukíze inkúba arayígānīra
- Uwukíze isěmu yībagira icămwīrukana
- Uwukíze ubusóre arabuganira
- Uwukóma amashí ntákubítwa kū ntoke
- Uwukúbita igishěgu arakijāniranya (arakirīndira)
- Uwukúbita inkēnde ntárābíra iyiháka
- Uwukûnda amasabo arayaraga
- Uwukúrāvye cāne agutēra kwāmbara
- Uwukúrusha umugóre akurusha urugó
- Uwumáze umwâka aba arâmvye
- Uwunyázwe n'ámagára ntákomôrerwa n'ábagabo
- Uwupfûye aba arúhūtse
- Uwurâmvye arabόna
- Uwurérewe n'Îmâna agira ngo arusha abăndi guhana
- Uwurí hăfi y'úmuvyêyi ní we agabíra
- Uwurí mū ntăhe arêzwa ntíyīyéza
- Uwurí mūsí y'íjuru ntátīnyá imitúragaro
- Uwurívuze mu gushēngera ntâbá agîye
- Uwurúcīye mūsí (urugó) ntámenyá ikirúrimwó
- Uwurûmbije umugόre ntásārûra umwâna
- Uwusába agasákanyíka aranūkirwa akîhorera
- Uwusába Imâna ntásarágara
- Uwushâje asigáho
- Uwushâka akêzá aragáhebera
- Uwushâka inká aryāma nka zό
- Uwushâka kukúrya ntáburá imbóga agukóza
- Uwushâka umubíra abira akŭya
- Uwushâka umucé acīka ijoro
- Uwushâka urwâmo yēnga urwârwá
- Uwushônje ntíyūmvá
- Uwutábōnyé agasóhoka ntáboná akĭnjira
- Uwutábusyá abwīta ubumera
- Uwutáco agirá ntáco agayá
- Uwutágerá aragereranya
- Uwutágirá ubwôba aba atágirá ubwênge
- Uwutágiríwe n'Îmâna ntíyīgírira
- Uwutáharí asa n'úwapfûye
- Uwutăkurīye imvānda ntŭkamurye imví
- Uwutânga nêzá atānga kabiri
- Uwutárābóna ntávugá
- Uwutárāgēnda yīta umwâna Nzirakugēnda
- Uwutárahéra aba arahékenya
- Uwutárāpfá aba akírihό
- Uwutári bukuvúne yōkuva inyuma
- Uwutárĭbwa ntárīndá
- Uwutárihό azigamirwa n'úmuryāngo
- Uwútăvyāye akoma urume
- Uwutáyāzé na sé ntámenyá umugáni wa sěkuru
- Uwutâzí akarâye arāza ifu
- Uwutâzí imĭsi arāta urugó
- Uwutâzí inzira yazanánye ahanwa n'ámayirábiri
- Uwutâzí Uburŭndi aburūndwámwo
- Uwutâzí ubwênge ashīma ubwîwé
- Uwutâzí umukŭngu yīma umwâna
- Uwutâzí umwânsi ashīma inda
- Uwutâzí umwânsi asīga umubiri
- Uwutéma urwîwé umutīza umuhoro
- Uwutîcâniye ntárahúrira uwŭndi
- Uwutîgába ntíyīgáburira
- Uwutônganye n'úmuriro arya bibísi
- Uwutôsōra ifúku yāmiza agáti (akătsi) mu jîsho
- Uwutsînzwe ntíbatsīndáho
- Uwuvôma yânka avōma ibiróhe
- Uyāgira urupfú uwutărubōnye ukaba uménye ibānga
- Vyĭnshi bibí birutwa na bíke vyīzá
- Vyōbîha ntívyōbura
- Wānka bāngwé ntíwānká zana ndābé
- Wānka gutâmbana imví ukazívūmbana
- Wānka kugaburira umushitsi ukaba ugôtse
- Wānka kurimana imví ukazisēgana
- Wānka kurimira kure ukahasumira
- Wība uhêtse ukabwīriza uwúri mu mugôngo
- Wīrukana umugóre ngo aguguna igúfa ukāzana uwurímira miyônzwá
- Wītaba kare ugatumwa kure
- Zikamwa ayό zitāhánye
- Abadapfuye barabonana
- Abagabo babiri ntibabana mu nzu
- Abagabo bahurira mu cero ntibahurira mu cibo
- Abagabo barara kubiri bakarota kumwe
- Abagabo bararya imbwa zikishura
- Abagabo ntibaronkera rimwe baba basemana
- Abakundanye barankana
- Abakurikiye Inamujandi bajanye na we
- Abami basangira ingovyi ntibasangira ingoma
- Abantu n'ibintu ni magiriranire
- Abantu ni magiriranire
- Abapfuye akarimbi baragashingirwa
- Abapfuye urubibe baragororerwa
- Abarundi basiba kurima ntibasiba kuvuga
- Abasangira basigana imvyiro
- Abasangira umusa basangira abansi
- Abasangiye ubusa bitana ibisambo
- Abatamvyi ba neza barakurikirana
- Abatanganya amatako ntibisigira hamwe
- Abatukanye bararwana
- Abo umwami yahaye amata ni bo bamwimye amatwi
- Aboro babiri ntibasangira umwerera
- Agaciwe karuma
- Agafuni kabagara ubumwe ni akarenge
- Agahanga k'umugabo gahuma katavuze
- Agahemo gatera ikijuju ubwibone
- Agahimbo kibagiza kwugara
- Agahinda si uguhora urira
- Agahugu karimwo abagore ntikabura amazimwe
- Agakuku karimisha mu rwiri
- Agakunze babiri karabankanisha
- Agakurikiwe n'inda ntigakura
- Agakuru mu tunyegeri ni akavyimvye umutwe kurusha utundi
- Agakuru ntigaku(ri)ra ubusa
- Agapfuye kaba gaheze
- Agapfuye kabazwa ivu
- Agashaje gashira isoni
- Agashitsi ka kera kavumbika umuriro
- Agasozi k'intahanurwa kahiye abagabo babona
- Agasozi kamanutse inka kaduga iyindi
- Agaswi katazokura ukerekwa n'urwubi
- Agati gateretswe n'Imana ntigahenurwa n'umuyaga
- Agatu gatekeye amahwa karimena
- Ahakize hitwa inkovu
- Ahanse ubwana hamera ubwanwa
- Ahari abagabo ntihagwa ibara
- Ahari abantu hama urunturuntu
- Ahari amahoro umuhoro uramwa
- Ahari umwenge haca umuyaga
- Ahashashe ingwe akayabu karutsinda impaga
- Aho (ubuntu) bwamye ntibuhava
- Aho biraye si ho vyirirwa
- Aho bwamye ntibuhava
- Aho imbwa ikubitiwe irahagaruka
- Aho imbwa ikubitiwe ntihasubira
- Aho umugabo ahandiwe ni ho yihandurira
- Aho umukecuru atoye uruhindu ahita mu ruganda
- Aho umworo yanikiye ntibwuma (ntiryaka, ntiriva)
- Aho uva ntihakuvako
- Aho vyiriwe si ho birara
- Aho wataye iminwe uhata agatemere
- Ak'i muhana kaza imvura ihise
- Aka muntu kamara iyagwe
- Akabando k'ubusaza gacibwa kare kakabikwa kure
- Akabi gatwengwa nk'akeza
- Akabigira kabizi (kabibona) karya imboga karitse
- Akabonye umwe gapfa ubusa
- Akabura ntikaboneke ni nyina w'umuntu
- Akadatetswe karotswa
- Akagoye kokerezwa akagori
- Akagumye bagumako
- Akahabaye ntikahava
- Akahuganiye igicaniro gasibanganya indoto
- Akaja kwiha inkumbi karusha imbazi kumoga
- Akaje karemerwa
- Akaje karusha imbwa kwota kaba gashaka gusha
- Akaje ntikazira umwe
- Akamanitswe n'umusaza gatamya umuyabaga
- Akamasa kazoca inka kazivukamwo
- Akamenyero kayiraje mu mutego
- Akameze ku murizo w'imbwa gashirwa kawuciye
- Akami ka muntu ni umutima wiwe
- Akana k'umworo kirabura kataroga
- Akana kari ubwenge gasinzira imbonamwuko
- Akananiye umugabo kananira n'uyundi
- Akanse uraheba
- Akanyaro mu nyama ni ihaha
- Akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze
- Akarago karyana kamenya nyene ko
- Akaraye kaba kaboze
- Akarenganyo si ak'ubu
- Akarenge kaja iyo kavuka ntigahandwa
- Akarenge mu gusezera kanka gukanda isi
- Akari kure karya nyene amaguru
- Akari kure ntikaba indaro
- Akari mu nda y'ingoma kamenywa n'uwayikanye
- Akari mu nda y'umugabo gaserurwa n'akari mu nda y'umubindi
- Akari mu ndya ni yo ndya
- Akari mu nzu ntikaba isema
- Akari mu rugo ni ko karuvuna
- Akarimi kakuresha si ko kakurongora
- Akarimi karima hanini
- Akaruta akandi karakamira
- Akaryana ntikaryamanwa
- Akaryoshe kahejeje imbeba mw'ibuye
- Akaryoshe ntigahora mw'itama
- Akaryoshe ntikarya umwe
- Akataretse kaba gasema
- Akatari nk'akandi aba ari ishano
- Akatavuga ntigahenda akavuga
- Akazi k'i bwami kica uwicaye
- Akazikira k'umugabo kazikwa n'isi
- Akazimiye ntaho katarondererwa
- Akaziri karizana
- Akaziri ntikazirikwa
- Akeza karigura
- Akeza keza umutima
- Akihuriye n'ingasiro gatera inda urweze
- Akosha umusyi kava mu ngasiro
- Akuzuye ntikamurikwa
- Amabanga abiri ntabangikan(w)a
- Amabarankuru yashikanye inyenzi i Buha
- Amaboko aguha n'ayakurika ntareha
- Amaboko ashikiriye ubuhiye yibagira umushike
- Amaboko atareha ntaramukanya
- Amaboko matindi y'umukobwa asegura uwishe se
- Amaborogo y'umwagazi ntatera impuhwe ingwe
- Amacumu arwanya inzara ni amasuka
- Amacumu aterwa abagabo
- Amagara aramirwa ntamerwa
- Amagara aruta amagana
- Amagorwa ntasiga ayandi
- Amagorwa si ay'umwe
- Amagufa abiri ntabangikana mw'itama
- Amaguru yitangira ku buriri agatahira mu mirambizo
- Amahasa avyinirwa aho yavukiye
- Amahera ntiyirirwa aho yaraye
- Amaherezo y'inzira ni mu nzu
- Amahoro aba mu nda
- Amahoro aruta amahonda
- Amahoro atangurira mu mutima
- Amahoro ava (ahera) mu nda
- Amakuru atarimwo umukuru yama ari amazimwe
- Amanyama arasara ntasaba
- Amanyama aterwa n'agashambara
- Amanyama y'ururo ashirira mu ngasiro
- Amarara ntagura inyama
- Amaraso ava mu ruguma
- Amarira ni umuheto w'uruhinja
- Amasabo aguma nk'amabuye
- Amasabo akwankiye araba imirazi
- Amasabo arakiza
- Amasabo arica
- Amase ya kera ntahoma urutaro
- Amasinde y'inkumi ntarara
- Amaso arasuma ari kure
- Amaso y'ibikere ntabuza abavoma
- Amaso y'uwundi ntagushimira umugeni
- Amaso ya babiri araba kubiri
- Amasunzu si amasaka
- Amata y'inkuba anyobwa n'inkumbu
- Amata y'umworo ni umufa
- Amate mabi ni ayagiye gusa
- Amategeko aremera nk'amabuye
- Amatwi yumva ico umutima ushashaye
- Amavi y'umushumba ntahangara iziko
- Amayira abiri yananiye imfyisi
- Amayira y'ishamba amenywa n'imende
- Amazi arashuha ntiyibagira i bumbeho
- Amazi asumira ku mabuye
- Amazi iyo abaye make aharirwa impfizi
- Amazi masabano ntamara imvyiro
- Amenyo aragutwenga ari ayawe
- Amenyo araryana kandi yera
- Amenyo aratwenga asize intimba mu nda
- Amenyo atwengera ku majigo
- Amenyo ntiyibuka gushimira ingasiro
- Ameru y'umukwe amara indongoranywa
- Amishitso y'umugeni yoza inkono icumba
- Amosozi y'umugabo atemba aja mu nda
- Amosozi y'umukunzi ava mu rihumye
- Amunguranka ni yo mazikesha
- Ba Bwenge bari babiri umwe arapfa
- Babiri bishe imbwa y'umwami
- Babiri ntibacibwa inka
- Bapfana iki barutwa na bamariraniye iki
- Bareke baze ni kwo kuneshwa
- Barimwotubiri ni isi ikugaburira ikakuzika
- Barukwege yugururiye ingwe imutwara nyina
- Batanga inka ntibatanga Imana
- Bene Imana baruta bene imari
- Bene vyo ni bo bene inambu
- Bicika baraguza
- Bike bikehanira abankana
- Bukebuke bukomeza igihonyi
- Bukebuke bushikana umusiba ku mugezi
- Bukebuke ni rwo rugendo
- Buseye Imana bukarika abagabo
- Bwakeye ntibuza uwukwanka (kukwanka)
- Ejo ni uwundi musi
- Gato karakura
- Gira so ntaruta gira ico urya
- Gira so yiturwa iyindi
- Guca bugufi bica inzira ntibica umugongo
- Guca mu ziko ni ukunyaruka
- Gusaza ni ugusahurwa
- Guseka umusore si ko kumuhanura
- Gutaha gutunga umugabo
- Ha guhaga woshaza
- Ha guhura n'uwaguhaye wohura n'uwakwimye (n'uwakwemereye)
- Ha gupfa uyu musi wopfa ejo
- Ha gupfa wozanzama
- Ha kuba imbwa woba imva
- Ha kubesha i bwami wotona nabi
- Ha kubesha wobesherwa
- Ha kugira amasaka wogira amasabo
- Ha kugoka wogorwa
- Ha kunigwa n'ijambo wonigwa n'uwo uribwiye
- Ha kuremekwa akabonge woremekwa amabuye
- Ha kuvumba umukungu wovumba umukunzi
- Ha kuvyara worima
- Ha kwishima woshimwa n'abandi
- Haga umutima ntihaga uburyamo
- Haguma umwami ingoma irabazwa
- Hakora mu nda
- Hapfa umugabo ntihapfa abagabo
- Hapfa uwavutse
- Haruha uwuri ku kivi
- Hasabwa uwimye
- Havumbura uwuribwa
- Hayaga abangana
- Hirya y'ubwoba haba ubugabo
- Hitamwo bihema indyarya
- I bukunzi ntibwira
- I bunyokorome uhajanwa na nyoko
- Ibanga ni agacanwa katarahurwa
- Ibanga ni irya babiri uwa gatatu aba ari igisahuzi
- Ibanga ntirimirwa intama
- Ibanga ribangirwa ingata
- Ibanga riraheberwa
- Ibanga ry'intango ribazwa umubumvyi
- Ibigora bigora abagabo
- Ibihe biha ibindi
- Ibihengeri bitera imfyisi urweze
- Ibija gucika bica amarenga
- Ibintu bija aho ibindi biri
- Ibintu ni abantu
- Ibiriwe neza birarwira
- Ibisa birasabiranira
- Ibisangiye imizi bisangira n'ukwuma
- Ibitari ivyawe ntuvyibikako
- Ibitariho birikaza
- Ibitebu biraresha ntivyubaka
- Ibitebu vy'umukeba bikwega agaheza
- Ibitunye biruta ibitobotse
- Ibuye riba rito ntiriba ritoto
- Ibuye riserutse ntiryica isuka
- Icaha caha inka
- Icayaye gihayira umukeba akari mu gihogero
- Icayaye kivugira ibicuba ku macuniro
- Icimenyere citiranya amaturuka n'amataha
- Icirore kiguhisha inkavyi yaritse kw'izosi
- Icivyara ni ingwe
- Icizere c'umushezi ntigihezwa na Vuguvuyaho
- Ico iguha n'ico ikuvyarira birangana
- Ico Imana igututse ni co kikwica
- Ico uhawe n'ugutora ucakwa n'ugutakara
- Ico umuntu akora ni co kimukora
- Ico umuryango utazi ntikimenywa na barundi
- Ico umutima ukunze isogo zisumba inyama
- Ico umuvyeyi asize ni co araga
- Ico umuvyeyi asize ni co arererwa
- Ico utarabona ucerekwa n'ukuramba
- Icumu rizogucungura ntumenya iyo ryacuriwe
- Ifi ntimenya ikiraza ishinga urusenga
- Ifi yama mu mazi ikamana inyota
- Ifuku itazi agaheza ishora agatwe ku mushibuka
- Igabo rigira uwiyubakiye
- Igera ntiritega imvubu
- Igiheko gihekera uwuhekewe n'Imana
- Igihere giheza umugabo mu nzu
- Igihugu ntikiribwa ivu kiribwa abantu
- Igikeburwa nticumve ni imbwa kw'igufa
- Igikere gikera kitarakererwa
- Igikere gikerebukira mu rushanga
- Igikijije imbwa kiba kiyishe
- Igipfa caburiwe ni impongo
- Igisanira gica umwano ishiga ryikoreye
- Igisharara c'urujanyi gihushisha isoko
- Igisuma ni igifashwe
- Igisuru kivuvudikirwa mu gahubo
- Igiti cagukoze mu jisho cama gihiritse
- Igiti cikwije amahwa gitera inkende amakenga
- Igiti ciswe ingoma ntikibazwa
- Igiti ciswe umwana ntigicanwa
- Igiti cumye cegamira kibisi
- Igiti kigororwa kikiri gito
- Igiti kigwa iyo gihengamiye
- Igiti kimwe ntikiba ishamba
- Igiti kirakurira mu babaji
- Igiti ntikigukora mu jisho kabiri
- Igiti utari bwurire ntukirangamira
- Igitika mu mapfa ciyita Bandyabangaya
- Igito gita uwagikoye ntigita uwakivyaye
- Igito gitabwa iwabo
- Igitugu kirakura ntigisumba izosi
- Ijambo rigukunze rikuguma (rigusubira) mu nda
- Ijana ntiryanka mu rindi
- Ijisho Nyawikwegera riha abakwe ibinoko
- Ijisho rigenzwa n'akandi rigushima akemo
- Ijisho rigusema n'iriguhezagira ntakanura kumwe
- Ijisho rigutuka inkuba n'irigutuka inkumi nturiyoberwa
- Ijisho ry'umuto ryanka umusaza
- Ijisho ry'uwundi ntirigushimira umugeni
- Ijoro ntirigira umutware
- Ijoro ribara uwariraye
- Ikibwirwa ni icumva icerekwa ni ikibona
- Ikigoyi kiza barima
- Ikigutwaye umutima ni co kigutwara agatwe
- Ikimuga gisumba imva
- Ikimuga gitamba canyoye
- Ikinyoma ca nyene urugo bagiha intebe kikicarako
- Ikinyoma cica nyene co
- Ikinyoma cumvise ukuri kimena urugi
- Ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka
- Ikinyoma kiraryoha ntikirya umutsima
- Ikinyoma kirasosa ntigihaza
- Ikinyoni kigurutse kitavuze bacita icana
- Ikiremera umutwe si co kiremera umutima
- Ikirirahabiri ntigiteramira aho bavyina amahasa
- Ikiruta ikindi ni ijambo ry'umusaza
- Ikirwa c'umwami ugiheruka ukicubaka
- Ikitabuze ni ibihunda mu bitoke
- Ikitazi cambarira urunega mu bakinegura
- Ikitazi ciganzira agahiye
- Ikitazi citiranya imamba n'umusiba
- Ikivi ni ica kare
- Ikivumbiko ntigitesha ikivumbuzi akari ku mashiga
- Ikiyago gisumba ikivi
- Ikiza ntikizira umwe
- Imana ifasha uwifashije
- Imana igarurira ku makombokombo
- Imana igira aho imaniye
- Imana igira amaboko maremare
- Imana iguha ingoro ikubikiye akaruri
- Imana iguha irutwa n'iyakira
- Imana iguhaye ni yo ikwaka
- Imana ihora ihoze
- Imana ikora aho imanirijwe
- Imana ikurabira umwansi muba muri kumwe
- Imana ikuvyarira si yo ikurerera
- Imana iraguha ntimugura (iyo muguze iraguhenda)
- Imana iraguha ntiyibagira aho yaguhereye
- Imana irarema ntitoranya
- Imana iratanga ariko ntiyibagira guhena
- Imana iruta ingabo
- Imana itanga ishaka
- Imana itangira mw'itiro
- Imana itegeka ibintu ni yo nkuru
- Imana ntiba kabiri
- Imana ntiha uwicaye
- Imana ntiha uwiruka
- Imana ntiha uwisize
- Imana ntiha uwitangira itama
- Imana ntisinzira
- Imana y'inka iba kw'iriba
- Imana y'inka yama ku mugezi
- Imana y'umworo imurabisha umugongo
- Imana ya mwene so si yo ya mwene nyoko
- Imanga ntimarira Imana
- Imbagwa ntibura igicumuro
- Imbeba ikurya iguhuha
- Imbeba irariye umworo iguguna urugi
- Imbeba ntisazira mu kigega
- Imbeba ziyobewe zitonganira mu bigega
- Imbitsi ya cane ibikira mukeba
- Imboga mbi ntiziva mu nkono
- Imbogo ihotora ihigwa
- Imburabana yugumbira irekwe
- Imburabugirire ihunga ijambo
- Imburamaboko ibagara umushatsi
- Imbuto itewe ni yo imera
- Imbuto nziza itawe mu nyenga icika izinga
- Imbwa ibura se ntibura shebuja
- Imbwa ifise amaguru ane igaca mu nzira imwe
- Imbwa ikuga ntiryana
- Imbwa itubaha indava ikeburwa n'inyagutwi
- Imbwa itwawe ku rutugu ntihiga
- Imbwa ntigutwengera iba ishaka kukurya
- Imbwa ntisuma n'iyo isumye ntishikana
- Imbwa y'umukwe ni yo mukwe
- Imbwa y'umusega ihigira mu biti vy'urugo
- Imbwa y'umworo yiba irwaye
- Imbwa yahiye ku murizo ngo buraca tuharabe
- Imbwa yarihuse ivyara ibihume
- Imbwa yinwa na nyene yo
- Imbwa yisema irya shebuja
- Imfura igwa mu mfuruka
- Imfura na se barangana
- Imfyisi itora mu rwangara
- Imfyisi y'iwanyu ikurya ikurundarunda
- Imigere ibiri ntitereka
- Iminwe iryoha inyurana
- Imirazi isumba guhuma
- Imisega ibiri ntinanirwa igufa
- Imisi irasa ntingana
- Imisibo ntirera
- Imisozi iyo ikumburanye abato barahagwa
- Imiswi itazi agaheza yugamika agaca
- Imitambire y'impongo ni yo migirire
- Imiti ikora ikoranye
- Impararo ijana n'umwaka
- Impembo y'umwana ipfa mu magodoka
- Impene irisha aho iziritse
- Impfizi aho ishitse irivuga
- Impfizi ivyara uko ivyagiye
- Impfizi y'indwanyi iterekerwa mwene se
- Impfizi y'intama itendera nka se
- Impfuvyi ibaga yotsa
- Impfuvyi iragoka
- Impfuvyi irira kw'ishano
- Impfuvyi iseka rimwe
- Impinga imarwa n'ukuyaga
- Impongo ihigwa yubutse
- Impongo isubira ku rwubuko
- Impundu ntibungwa
- Imvugirakuyamara y'umugabo ikundwa na bake
- Imvura inyagira ico isanze
- Imvuzi ya menshi ivuga urwishe nyina
- Imyenge y'inzu imenywa na nyene yo
- Inankundakurya yariye ubuki bw'ifunderi
- Inanyi ikamwa menshi
- Inanzobirya mvyikoreye yapfuye atikora inyuma
- Incuti iraguherekeza
- Inda iremera iri gusa
- Inda ndende ihumira indya
- Inda ndende irongwa icumu
- Inda ni akamenesha banga
- Inda ni akaruta umwana
- Inda ni amahanga
- Inda ni Bahomora
- Inda ni Baritoraguza
- Inda ni seha uzana
- Inda ni umwansi
- Inda ntiba impamba
- Inda uyibarira ico wayirarije ntuyibarira ico wayihaye
- Inda y'umworo ibonekesha agasamo
- Indahiro mbi ntigwaza mu nda
- Indakuzi ntimutahana ubukwe
- Indarandiye ni yo mugabo
- Induru ntiganza ingoma
- Indya y'umugayo irya umugabo
- Inera ibegerwa ku bwayo igakura ubwatsi
- Inera ikunera ku mukobwa igacika umukwe
- Ingayi ya cane uyitega Uburundi
- Ingendo y'uwundi iravuna
- Ingenzi irabona
- Ingenzi ntigira ihembe
- Ingenzi ntimenya aho igwa
- Ingenzi y'imihana ni yo nzanyi y'amazimwe
- Ingeso iraraba ntihwera
- Ingeso ntiryamirwa
- Ingeso ntizinduka
- Ingeso y'urugo ntiyubaka urundi
- Ingingo si ibigingo
- Ingingo y'ijambo iva mw'ijigo (mu matama)
- Ingiri igira nk'iyindi ikavuna ibano nk'iy'ejo
- Ingo tubane ni we ingo twankane
- Ingoma iganzwa n'amashi
- Ingoma iruta irobe
- Ingoma ni kimwe na nyene yo
- Ingoma nto yica nka nini
- Ingoma nziza ni iyigukijije
- Ingoma yagukanze irahuhuma ugahunga
- Ingoma yimana ivyayo
- Ingoma yoguha amata ntiyoguha amazi
- Ingona iva mu ruzi ikarigata urume
- Ingoro ntisenyera iyindi
- Ingoro y'umwami iraguma itugaye
- Ingumba irira ku mvyeyi
- Ingumba itazi ikibi irigata ishenyo
- Ingwe igutwara igitungwa ikagutanga kuraka
- Ingwe ntiyari izi gufatira kw'izosi yarigishijwe
- Inka ikamwa ico yariye
- Inka irara aho iyindi yaraye
- Inka irasaza ikicwa n'umwuzukuru
- Inkeka ntibesha
- Inkende (ishaje) inyagirirwa musi y'igiti (yahora) yuriye (yurira)
- Inkezi ikera urwo bireha
- Inkingi imwe ntigira inzu
- Inkire ntikira kabiri
- Inkoko irara mw'ishamba igacika inkware
- Inkoko yera itaha kare
- Inkokokazi irapfa amagi akabora
- Inkoni ikubise mukeba uyirenza urugo
- Inkoni ishikira igufa ntishikira ingeso
- Inkoni nziza imerera ahaga
- Inkono ihira igihe ntihira inzara
- Inkono isha uko ishaka
- Inkono mu kwanka irava
- Inkono mu kwanka irava
- Inkorakozi ntibura gusha
- Inkumi ikura iyindi igiye
- Inkunda nkubonye irutwa n'inkunda nkuzirikanye
- Inkuru mbarirano irutwa n'iyo wiboneye
- Inkuru y'umwana isubira inyuma
- Inkware iramvye itora mw'itongo ry'uwayihiga
- Inkware itora mw'itongo agatima kari mw'ishamba
- Inkware ivunitse ihura n'umwana
- Inkware yicwa n'inderetsi
- Inkware zisezerana mu masesa
- Inshiramazinda ntirera impfuvyi
- Intabarirwa (Intabwirwa) ibarirwa (ibwirwa) n'uko amaso atukuye
- Intabaza irya imiziro
- Intabirima ntiyabiriye
- Intabisiga ni yo ntabisanga
- Intango y'ubuhanza ni amasoso
- Intarabona isera ihaha
- Intarima ntimira
- Intebe irutwa n'intemere
- Intere igwa kure
- Intibagira ntibana
- Intibagira ntirera impfuvyi
- Intore ihumba itwenga
- Intore ipfira ibanga
- Intore mwohurira ku nzira ntiwoyirarira
- Intore ntiramba
- Intumwa irarabirwa ntiyicwa
- Intwari iboneka rukamvye
- Inyakamwe inyaga imwe
- Inyama y'amarere yatanze umuziha gusohoka
- Inyama y'umugore isha yihina
- Inyana imenya nyina mu mwijima
- Inyana iranura ntishira irenda
- Inyange ntiharanira kwera
- Inyo y'inkoko uyerekwa n'umuyaga
- Inyoni iguruka yisunga igiti
- Inyosha mbi ingana umurozi
- Inyuma y'inyungu haza akanyarire
- Inyundo irakura (iracura) ntisumba iyayujuje
- Inyundo isigaranye abana ihonda imise
- Inzara irahera ariko igihemu kibi ntigihera
- Inzara iteranya abaseka
- Inzara ni inzeragiza
- Inzara ntiyica batanu yica abatanye
- Inzara y'umwana imenywa na nyina
- Inzererezi ntihamba se
- Inzigo izigira mu gahinga
- Inzigo ntizigama irembo
- Inzira ntibara inkuru
- Inzira y'ishamba igendwa n'abayizi
- Inzira ya hafi yamaze abatwa
- Inzoga imara ubwoba ntimara ubworo
- Inzoga y'i bwami mu kuyisoma urasungarara
- Inzoka ntiyigorora iba igiye
- Inzoka yoroshe imira iyigumye
- Inzu ntisenyera iyindi
- Inzu ntiyinjira mu yindi
- Inzu ya Musavyi ntiyahiye
- Irakeregeza ikaba inkecuru
- Iriba riba kare
- Irirenze umunwa riba rirenze impinga
- Iryeze kare ntirigera ku murara
- Isaka rimwe ntiryuzura ikigega
- Isaka rirakura ntirisumba umugeshi
- Isari ntirenga intore
- Isase riva ku cuma
- Isazi iri ubute ntirya ku gisebe
- Isema isema basemerera
- Isema y'umugabo yirukana ishishiro
- Isema y'umukecuru yisiga umusoma
- Ishamba ryabaye indahiro ntiriba indagiro
- Ishavu ry'umuvyeyi riririrwa ntirirara
- Ishiga rimwe ntiryarika
- Ishirasoni si iyiroga ni iyirya abandi babona
- Ishurwe rirera kandi rirura
- Isoni zirisha ishano
- Isorosoro igwirira iyo iroye (i bwinshi, i bwami)
- Isuka yama irima ntigwa ingese
- Itama ridatamiye ntiritamura
- Iteka urihabwa n'umugore
- Itongo ni amagara y'umuntu
- Itongo ni ubuzima
- Itongo ry'umuryango ni wo urizigama
- Ivoka ry'imbwa rikoroka (ijoro kandi) rihiye
- Ivu rihoze ni ryo ryotsa inzu
- Ivy'abandi bishinga amaso ntibishinga amenyo
- Ivy'abapfu birya abapfumu
- Ivy'ejo bibara ab'ejo
- Ivy'ejo bibonwa n'Imana
- Ivy'isi ni amabanga
- Ivya gusa biri ku mutego
- Ivya gusa bitera ubwenge buke
- Ivyanse mu mashi bija mu migere
- Ivyara ntirigora nk'irera
- Iya nyuma ihaga inkoni
- Iyakaremye ni yo ikamena
- Iyakuriye ntuyigera inkoni
- Iyanka kuzimira irabira
- Iyaraye ubusa ntivuga
- Iyibize nabi uyima ifu
- Iyiganje yima izindi zibona
- Iyigeze kure nta yitayigera ihembe
- Iyihongotse ari imwe ntibuza izindi kurisha
- Iyija kurisha ihera ku nama
- Iyikitse nta wutayikora mu nda
- Iyikuburiye ntikurya
- Iyinizwe n'amata nta wundi mwerera
- Iyiri ubwoba irahweza
- Iyisizwe umunyu n'Imana irigatwa na zöse
- Iyitakoye nyoko uyihonyora mu mayezi
- Iyivunitse yiga gucumbagira
- Iyivyagiye kera ivyagurukana irago
- Iyivyariye ku macuniro ntiba ikibazwe
- Iyivyaye amashuri iyicunguza amarago
- Iyivyaye ikiboze irakirigata
- Iyo butarira mukaso aba nyoko
- Iyo induru ivuze umushumba atanga shebuja gupfa
- Iyo induru ivuze umushumba atanga shebuja gupfa
- Iyo uteye ibuye mu mbwa nyinshi iyimotse ni yo uba ugemye
- Iyo uva ntihakuva inyuma
- Iyubutse ntihishwa induru
- Iyubutse ntihishwa Induru
- Iza nyabutindi zamazwe n'umugere w'isazi
- Izija guhona zihera mu ruhongore
- Izikenye ziruta izinyazwe
- Izina ni ryo muntu
- Izo zabira zari imitavu
- Izo zibika zari amagi
- Kabiri karazirwa
- Kamwe ni ubusa
- Kananira abagabo ntiyimye
- Karahara mu ruganda ntibacura
- Karimanzigo ntiyimbura
- Kiburabwenge c'umugabo yakwikiye ishenyo mu gisomasoma
- Kuba imbwa si ukumoka
- Kuba muremure si ko kumanura imvura
- Kubaho ni ukubana
- Kugera kure si ko gupfa
- Kugorwa si ko kugoka
- Kuraguza kurutwa no kugendereza
- Kure ni mu nda
- Kurya ni kare
- Kuvuga menshi si ko kuyamara
- Maguru ya Nyarwari yasize imvura n'umuguha
- Mpa numve yishwe n'umurahu
- Mpunge urw'aha yakimajije amaguru
- Mu nda haba umutima ntihaba umutsima
- Mu nda harara inzara hakavyuka inzigo
- Mukaso si nyoko
- Mukuru w'ijambo ni irindi
- Mwaramutse ntakura akaramutse ku mutima
- Mwene naka yokuzirika ku catsi
- Mwene nyoko aravyara ntutume
- N'uburi ku munwa burakoroka
- N'ubusa burazirwa
- N'uwuhigimye aba avuze
- N'uwutaco avuze aba avuze
- Na Bucangenda yapfuye atagiye
- Na gato kava ku yiguye
- Nari ntihabwa intebe
- Ncishe make yaciye igihonyi
- Ndabirinze yaguye mu mirinzi
- Ndabirunguruke yaguye mu myugariro
- Ndacari muto ni bwo butindi
- Ndakwanse ntivamwo ndagukunze
- Ndanse ibera umusazi
- Ndaryimare ni we ndaryitere
- Ndi umugabo ni ko gupfa
- Ndime nshimwe yaguye mw'isemo
- Ndinde yarapfuye Mpunge arakira
- Ngira uko nakugize ni we agora
- Nta baronkera rimwe nk'abaca imisigati
- Nta buja bukiza
- Nta bwenge bw'umwe
- Nta bworo burama nk'ubw'ikirenge
- Nta cica umukondo ngo gisige amara
- Nta cica umukondo ngo gisige amara
- Nta gahera iyo kagiye
- Nta joro ridaca
- Nta kabura imvo
- Nta kera ka gusa
- Nta mbwa ikugana igufa mu kanwa
- Nta mpongano y'umwansi
- Nta mucumvyi yabwiyimye
- Nta mugabo umwe
- Nta mukuru abura mukuruwe
- Nta mukuru mu cobo
- Nta muryango usumba inda
- Nta muzindutsi wa kare ku mutima w'uwundi
- Nta mvura idahita
- Nta mwana n'ikinono
- Nta mwiza w'inzara
- Nta mwonga ubura isato iba idahizwe
- Nta nda ibura intuntu
- Nta ndagukunda nkakwankira umwana
- Nta ngoma itavuga
- Nta nkokokazi ibika isake iriho
- Nta ntambara ibura inkomere
- Nta nyama itarya umutsima
- Nta nzoga itagira ijambo
- Nta rirenga ricaka
- Nta rubanza rubura ijambo
- Nta rupfu rubura umurizo
- Nta rutoha rutuhiwe
- Nta shamba risumba ijoro
- Nta vyera ngo de
- Nta wakoreye Imana yikoreye amaboko
- Nta wama ahiriwe
- Nta wambara yarahenye
- Nta wicira rubi
- Nta wicira urubanza
- Nta wihanira abakuru bariho
- Nta wikura kuri nyina ngo yarashaje
- Nta winyagira abagabo bariho
- Nta wiyerekera ku manga
- Nta wubagira ahatagira isazi
- Nta wubaka zibiri
- Nta wubandwa abangikanije
- Nta wuburana n'uwumugaba
- Nta wuburana n'uwumuhamba
- Nta wuca umugani umwana asinziriye
- Nta wuca urubanza atumvise
- Nta wuca uwo se ataciye
- Nta wugwa mu bansi ngo agende amahoro
- Nta wuheka uwutisimbiza
- Nta wuherekeza uwicaye
- Nta wuhisha umwotsi inzu iriko irasha
- Nta wuhora ahiriwe
- Nta wuhora aho yabaye (Imana iba yaramuhaye)
- Nta wumenya umusi
- Nta wunyaga uwo atagabiye
- Nta wuragira mu nzu
- Nta wurimira amasaka aho atagira amasabo
- Nta wurira ibigori aho yagorewe
- Nta wuronderera ubwiza mw'ikazanga
- Nta wurya inzoka ngo ananirwe n'umurizo
- Nta wurya vyöse nk'uwuraga
- Nta wurya wenyene nk'igisebe
- Nta wusaba amata aho akombwa
- Nta wusabana iminwe misa
- Nta wusangira n'umworo umwerera
- Nta wusangira n'uwutabega
- Nta wusenga iyiruka
- Nta wusiga inka mw'igabiro
- Nta wusimba agasinde
- Nta wutanga ico adafise
- Nta wutanga Imana kwihebura
- Nta wutera atengase
- Nta wutera ibuye aho yateretse igisabo
- Nta wutera icumu mw'icumi
- Nta wutiza umuhoro itema rigeze
- Nta wutiza urugi imfyisi zateye
- Nta wutongana aho ataba
- Nta wutunga izo adashitura
- Nta wutura ngo aturwe hasi
- Nta wuvuka rimwe ngo yuzure ingovyi
- Nta wuzibira inzira y'uburundi
- Nta wuzibira umurombero inka zigitaha
- Nta yigwa mu ziko ikurayo inkoba zöse
- Nta yiruka itabunda
- Nta zibana zitagerana amahembe
- Ntaramuka arutwa na yo (arutwa n'Imana)
- Ntarataze aruta mbundare
- Ntihaga ibihugu haga imitima
- Ntizicibwa amahembe zihowe ubusa
- Nyamwanka iyo biva yatutse umwami w'inka
- Nyamwigendako ntarimira impeshi
- Nyene amaguru yirukiye nyene umugisha
- Nyene amaso yerekwa bike ibindi akirabira
- Nyene ibintu ni we nyene ubusa
- Nyene Imana avumbikisha irenga
- Nyene Imana yokwasamura hejuru y'icobo
- Nyene imbugita ni uwuyifashe ikirindi
- Nyene imbugita ni we nyene inyama
- Nyene umupfu ni we amuja ahanuka
- Nyina w'umukungu ntavyina nabi
- Nyina w'umuntu ni gasato gahisha amahere
- Nyokorome akuruma akubona
- Nzi aka arakabazwa
- Nzobirya ngarutse yaguye inyuma y'ikibira
- Nzoja i bwami yariye ivya Nzirimira
- Sakirimi kibi yatanze umurozi gupfa
- Sinabikoze yakoze umugabo mw'irugu
- Sindya aka aba yariye akandi
- Sindya aka ahinyuzwa n'umusase
- So akwanka akuraga ivyamunaniye
- So ntakwanka akwita nabi
- Sokwe Sokwe irutwa na so araroga
- Tubiri tuvurana ubupfu
- Uba ahabona ukahabonera
- Ubana na Suneba ugasuneba nka we
- Ubeshera uwapfuye ugapfa nka we
- Ubika inzigo ntuzigama irembo
- Ubitsa sobukwe ukaba ukoye
- Ubugaba bw'umugabo ni bwo buryo bwiwe
- Ubugabo burihabwa
- Ubugabo si urucumu
- Ubugirigiri bugira babiri
- Ubugufi si indwara
- Ubuja gusha buratagata
- Ubukene ni indwara (ivurwa igakira)
- Ubukeye bucana ayandi
- Ubukuru si bwo bwenge
- Ubumera ku mugina buhabwa umwami
- Ubumwe buramota
- Ubumwe butariho buteranywa n'inyama
- Ubuntu burihabwa
- Ubuntu ni umuntu
- Ubunyegeri buyagira kw'igufa
- Ubunyegeri bwinshi ntibwimba
- Uburiri ntibuvuna
- Uburiye umugabo ntibubesherwa umwana
- Uburo bwinshi ntibuva umusururu
- Uburundi bugona buri maso
- Ubusa busumba akamaramaza
- Ubusabusa buruta ubusa
- Ubusaza bunyaga ubugabo
- Ubusigo buhuma ntibuba bunini
- Ubusimbi busangiye amajanja ntibuhishanya amajambo
- Ubusuma ntawe bwereye
- Ubusumano buhaza umutwe
- Ubusya uwundi buroroha
- Ubute buta mu ziko
- Ubuto buryana nk'inzuki
- Ubutunzi bwubaka urugo bwibikiye umuhoro
- Ubwato bwitangiye bukira umuyaga
- Ubwatsi burasha bukabisa ubundi
- Ubwenge bukwanse buseruka ushaje
- Ubwenge bukwanse buza mu nyuma
- Ubwenge burarahurwa
- Ubwenge buva i muhana
- Ubwenge bw'inda ni ukurya ukihorera
- Ubwenge bw'umwe ni isaho itobotse
- Ubwira bugaca ntibuguteranya n'incuti
- Ubwiriza uwurya ngo uransaba
- Ubwiza buca mu kanwa
- Ubwiza bugukunze buja ku mutima
- Ubwiza bukwanse buja aho batabubona
- Ubwiza bw'inka ni kuba imwe
- Ubwiza ntiburibwa
- Ubworo bucisha ubwenge
- Uca bugufi ugaca igitoke
- Uca mw'ishamba utazi ugaca inkoni utazi
- Ucana ubusa ukenyegeza intoke
- Ufora cane ukavuna umuheto
- Ugaya aho uba rikarenga ariho uri
- Ugaya ubw'ifuni ukarara umwaka
- Ugenda utabaza ugasaza utamenye
- Ugendera mu makanda y'inzovu ugakira urume
- Ugona mw'irima ikivi kikaba kiraye
- Uguhunga ni uguhumana
- Ugutambuka ni ko kugenda
- Ugutanga ni ugutanguza
- Ugutsitara ni kwo kwigirwa imbere
- Uhera umurozi akaguhekura
- Uheza guhemuka ibigori bikera
- Uhisha ubwari nyoko ntiwarama
- Uhishira umurozi akakumarira abana
- Ukira umukeba ntukira ico avyaye
- Uko imvura ikuvye si ko itwara
- Uko so aguhaye umwaka ni ko uwurya
- Uko yeze ni ko atemwa
- Uko yeze si ko atemwa
- Uko zivugijwe ni ko zitambwa
- Ukora iciza ukagisanga imbere
- Ukora inabi ikaguherekeza
- Ukubaza gutera ukumenya
- Ukuboko kumwe kuriyaga ntikwimara uburyi
- Ukuramba ni ukubona
- Ukuri guca mu ziko ntigusha
- Ukuri gushirira mu kuyaga
- Ukuri kurazirwa
- Ukuri ntikubuza ukuvumba
- Ukuri ntikuvuga uwukuze kuvuga uwukuzi
- Ukurima ntikubuza ukurimarima
- Ukurimira mu ndare ni ukuzinduka
- Ukuvuga ntigukura akanka
- Ukwibarira ni kwo kubesha
- Ukwiga ntikubuza ukwiganyira
- Ukwiruka si ko gushika amahoro
- Umanika agatu wicaye mu kukamanura ugahaguruka
- Umena ibanga rikakumena inda
- Umubanyi ni we muryango
- Umubindi ushira uvyimvye
- Umubiri ubira akabi
- Umubiri uvyara udahatse
- Umuburanyi arahava icabona kikahagwa
- Umucuzi w'imitima ntiyayiringanije
- Umufa w'imbwebwe unyobwa ugishushe
- Umugabo ahaga amazi ayivomeye
- Umugabo aharitse ahorana Induru
- Umugabo aheza kwubaka bamwubakiyeko
- Umugabo ahura n'uwundi
- Umugabo akira iryo atewe ntakira iryo agendana
- Umugabo akwanse ntakwiteza ibibazo
- Umugabo amira intore ntamira ijambo
- Umugabo ananira abagabo ntananira akobo
- Umugabo anyagirwa umubiri ntanyagirwa umutima
- Umugabo apfana imigambi
- Umugabo aravuga umugore yavuga rukaba rucitse itongo
- Umugabo arinda akaje
- Umugabo ashikwa na rimwe
- Umugabo asiga imbwa ntasiga umugayo
- Umugabo asimba akaziba ntasimba akaziri
- Umugabo ata umugore ntata umwana
- Umugabo atabwirwa yikebeye inyama itaribwa
- Umugabo atari so akwibuka ahejeje kurya
- Umugabo atemba kw'icumu ntatemba kw'ijambo
- Umugabo atinya ingwe ntatinya iyamwinjiranye
- Umugabo atunga uwundi apfuye
- Umugabo gito akubita umugore wiwe
- Umugabo mubi ni ubwagiro
- Umugabo ni umwana w'uwundi
- Umugabo ni umwugariro
- Umugabo ni uworya akishura
- Umugabo ni uwurya akaraza
- Umugabo ntahora ararwana aba akumbuye guteka
- Umugabo ntakubura
- Umugabo ntapfira izuba rimwe
- Umugabo ntatinya ijoro (ishamba) atinya ico vyarihuriyemwo
- Umugabo ntatinya urukamvye
- Umugabo ntavumba inzoga avumba ijambo
- Umugabo ntawe a(ra)gaya imboga mu mapfa
- Umugabo ntiyicwa n'inzara yicwa n'inzigo
- Umugabo umwe agerwa kuri nyina ntagerwa ku mwami
- Umugabo umwe ntaca urubanza
- Umugabo w'isema akubura mu rutara
- Umugabo w'isema yongeza umutsima
- Umugabo yihindukiza mu kirago ntiyihindukiza mw'ijambo
- Umugani ntuva ku giti uva ku muntu
- Umugani ugana akariho
- Umugani uganira abari kumwe
- Umugani ungana ingoma
- Umugenzi arakurutira incuti
- Umugenzi ararirenza
- Umugere uva ku nyo
- Umugere w'umugore uhinda uhera
- Umugisha ntiwibwa
- Umugizi si we mugirirwa
- Umugore arakama intare
- Umugore asa n'umwana
- Umugore atanwa abana ntatanwa ibigega
- Umugore gito agutatira aguseguye
- Umugore musangira amata ntimusangira amate (amazi)
- Umugore ni inkingi y'urugo
- Umugore ni ndyana n'uwejeje
- Umugore ni uwo ukoye
- Umugore ntaririmba aba ariko aracura intimba
- Umugore ntarya incira ni ko gucira umugabo
- Umugore ntasimba urugo aba agomba kurugwa inyuma
- Umugore ntatwara icumu
- Umugore ntiyurira inzu
- Umugore si akazuru
- Umugore w'intarima yonsa isuka
- Umugore w'isema abika umugabo
- Umuhigi ari kure ntavuna imbwa
- Umuhinga wo kurya arara akaravye
- Umuhini mushasha utera amabavu
- Umuhogo ntumenya ubworo usara ibisara abagabo
- Umuhushatunga w'umugabo ahusha umugore
- Umukene na nyina aramwanka
- Umukene ni nta jambo
- Umukengesha w'impongo ayihigisha irobe
- Umukenyezi ni inkingi y'iterambere
- Umukobwa akura kwa sebukwe ntakura kwa se
- Umukozi aberwa n'impembo
- Umukuru yova iyo uba
- Umukwe w'isoni ahambwa abona
- Umuntu agirwa n'uwundi
- Umuntu ahunga urwimo ntahunga urupfu
- Umuntu akira ico abeshewe ntakira ico yibesheye
- Umuntu arasonza akibuka n'ubwo yahaye imbwa
- Umuntu aruhuka apfuye
- Umuntu arya itongo ryiwe
- Umuntu yikora ku co afise
- Umupfu ntabura uwumupfunya
- Umupfu ntiyinukira
- Umuryambwa aba umwe agatukisha umuryango
- Umuryango ntubuza umuryango w'inzu kuva
- Umuryango uba ku muryango
- Umuryango uja guhona ubandwa wöse
- Umuryango umwe ntiwuriza umwami umugwa
- Umuryango uryanye urarika
- Umuryango uryoha uryana
- Umuryango utaziririza urazima
- Umuryi wa cane ahasha umusyi
- Umusavyi ntaruta shebuja
- Umusavyi w'urwanko agabana n'ingoga
- Umusazi arasara akagwa kw'ijambo
- Umusega (w'imbwa) uryana ugaramye
- Umusego utagona nyoko ntiwishimirwa
- Umushezi yanka uwundi
- Umushikiriza w'igitutsi ni we mutukanyi
- Umushitsi mwiza arizimana akazimana n'abo ahasanze
- Umusi wa rwo (Rusake) ntibika
- Umusore umuhana avayo ntumuhana ajayo
- Umusore yokurasira ntiyogusabira
- Umuswa urya umuhini usotera isuka
- Umutaga wimukira ijoro
- Umutama ni ubusa (asuze aba aneye)
- Umutamiro w'ifundi uhaza umuryango
- Umutavu wo mu kanwa uraca ntibagarura
- Umuti w'imbwa wahwa ku rugo
- Umutima ntuba mworo
- Umutima ntugira igufa
- Umutima usobetse amaganya ntusobanura ijambo
- Umutima uva ku mutsima
- Umutindi atinda ku mwonga abandi bavoma
- Umutindi ntakiza uwundi
- Umutindi w'inka atuka uwayimutije
- Umutsima w'imana urya abarambije abarambiwe batashe
- Umutware atwarira bose agatunganiriza bose
- Umutware ntaba umwana
- Umutwe umwe ntiwigira inama
- Umutwe umwe wifasha gusara ntiwifasha gusaba
- Umuvo ntuca ku mwobo
- Umuvyeyi agaba uko ashaka
- Umuvyeyi ahakurira ku rutaro akarira ku rutoke
- Umuvyeyi atari nyoko agushimira inda ya mbere
- Umuzimu urira ku muzima
- Umwaka w'akanka uburo burabungwa
- Umwami acumura yicaye
- Umwami ntiyica hica Uburundi
- Umwana ahetswe neza asohora ukuboko
- Umwana ahora atinya ikara aritoye
- Umwana akura i buse ntakura i bunyina
- Umwana ananira se ntananira sentare
- Umwana arahongoka nyina akasama
- Umwana arakunanira ari uwawe
- Umwana arya inkoko nyina akayiruka amoya
- Umwana asa na nyina
- Umwana iyo umuhaye umugore umuhana n'itongo arimamwo
- Umwana murizi ntatorwa urutozi
- Umwana ni umutware
- Umwana ni uw'uburundi
- Umwana ntahabwa ubugabo arabwiha
- Umwana ntiyanka kwonka nyina ngo arwaye amahere
- Umwana si se
- Umwana si uw'umwe
- Umwana umumwa imvanda akazokumwa imvi
- Umwana umurya imvanda akazokurya imvi
- Umwana umwe nta mwana
- Umwana umwe si umuryango
- Umwana uramukunda akarubikira uwiwe
- Umwana uri buheke ntumwisha urume
- Umwana uzoheka ntumwicisha urume
- Umwana w'ingwe ni yo ngwe
- Umwana w'inkende apfa yurira igiti
- Umwana w'isema arirana umutsima mu ntoke
- Umwana w'isema avuma ibere ryamwonkeje
- Umwana w'isure avukana isunzu
- Umwana w'uwundi akurya muyaga
- Umwana w'uwundi ugira ngo ingo turwane ntugira ngo ingo ndagukubite
- Umwana w'uwundi yimba aguhisha ivu
- Umwana yanana kuri nyina
- Umwana yankwa ni we akura
- Umwanda uhera iyo wagiye ntuhera iyo wavuye
- Umwansi agucira icobo Imana ikagucira icanzo
- Umwansi murabana
- Umwansi ntaba kure
- Umwansi ntaba umwana
- Umwansi ntanuka
- Umwera uva i bukuru ugakwira höse
- Umwigeme akura iyo yagiye ntakura iyo yavuye
- Umwonga umwe wonza inyoni
- Umworo ni nyagupfa
- Umwuko ni ikiriko
- Umwungere w'inda ntacura amahoro imisi yöse
- Urahora utyo ntaba mu rugo rw'uwundi
- Uramba cane ukarinda uruvyino rw'imbwa
- Urazinduka ntutanga Rwuba
- Ureka kugarura impene ikiri hafi yamara kurenga imirambi ukabira nka yo
- Ureka kurimira umwana w'inyoni uwawe agasonza
- Urera nabi ugatukwa n'abakwe
- Urima bike ukimburira mu gipfunsi
- Urima itiro ukimbura ingonera
- Urimye ikibara hakamera inzuzi ntiziba ari izawe
- Urubanza rugirwa n'ivyabona
- Urubanza rumwe rumara zibiri
- Urubanza rw'ijoro ruca inkima
- Urubanza rwonka umugabo ntirwonka umugore
- Urubuze inkware ruvumbukana igihuna
- Urugamba rugiye kera ruhinyuza intwari
- Urugo rubuze umugabo rubura umuhoro
- Urugo rugira babiri
- Urugo rurimwo umugabo runywa amata
- Urugo rutagira umugabo nta kitarukengera
- Urugo rutagira umugabo rutaha umugayo
- Urugo rutagira umugabo ruvuga umwana
- Uruhanga rw'umugabo rurararira rusinziriye
- Uruja kuja i bwami rubanza mu bagabo
- Uruja kwama rwama kare
- Urukamvye rumara umugabo
- Urukundo rutarimwo umukunzi ntiruramba
- Urukundo rwituzwa urundi
- Urukwavu rurakura rukonka umwana
- Urupfu rw'imbwa ni inyama
- Ururimi ntirwonza umukobwa
- Ururimi rw'umwe rukamwa ayera
- Uruturumbwe ruca ku ruhiye
- Uruvuze umugore ruvuga umuhoro
- Urw'umworo rumara zöse
- Urwanko rutesha urwarwa
- Urwiba rwiba umugabo
- Urya cane ukiroga inzara
- Urya incuti ukinovora intuntu
- Urya nk'umugabo ukanigwa
- Usaba Imana y'uwundi ikaguha amahere
- Usaba inera ukaba inera
- Usaba umwiza mugasa
- Usangira ibanga n'imbwa ikarikwiza ibisaka
- Useka umubanyi ukavyuka musa
- Uta agatongo ataco kakugize kagatuma ku kandi ngo urampora
- Uta akaranga ukaba utaye ibanga
- Uta umwuga ukaba utaye umwana
- Utambira umwami atagushaka akakwita umusazi
- Utamira umugenzi ari ku nama ukaba utamira umutanga
- Uteka ubusa ukamira ubundi
- Uturuka buka ugataha bunyama
- Utuzi wivomeye turaryoha
- Utw'umworo twomwegera
- Utwawe ni utwo uraye uriye
- Uwabaye mwiza aba muzima
- Uwabirimye si we yabiriye
- Uwagowe aherekeza uwagotse
- Uwambaye ikirezi ntabona ko cera
- Uwambaye ntaba mubi
- Uwambuwe n'uwazi ntata ingata
- Uwamye akuruta akurusha n'imva
- Uwanka (Uwutazi) agakura abaga (aniga) umutavu
- Uwanka abagabo asiga bagabura
- Uwanka amazimwe abandwa habona
- Uwanka isazi ata akanuka
- Uwanka kugambararirwa atuma uwukuze
- Uwanse kwumva ntiyanse kubona
- Uwapfuye yarihuse
- Uwaraye neza aseka uwaraye nabi
- Uwatinye gupfa ntiyavutse
- Uwenyegeza ntavuna zöse
- Uwerekeye irya aba ahenye
- Uwicaye neza yota neza
- Uwigize igikutso bamuyoza amase
- Uwiherereye amwa inakuru
- Uwihoreye ahonga bike
- Uwikingirije umwami arasa uwo ashaka
- Uwishwe n'uwiwe ntaririrwa
- Uwitara kuba igihuna ahunikira bukeye
- Uwitera umworo amwereka mu kigega
- Uwitonze akama ishashi
- Uwitonze amira ibinoze
- Uwitumiye yitwaza intebe
- Uwiyimye asa n'uwiyahuye
- Uwo bukubiye akubira umukubi
- Uwo bwahamye ahamiriza ari umwe (wenyene)
- Uwo ivyago vyagiye n'ivyatsi ntibimubisa inzira
- Uwo iza guha iramusahurira
- Uwo iza guha ntimugera
- Uwo iza guha ntimugereraniriza
- Uwo utabonye ku rupfu rwa so ntumubona ibigori vyeze
- Uwo wakijije ni we akwica
- Uwohora imbwa gusutama yozimara zöse
- Uwosha umukene aramusaba
- Uwubandwa ni we abanda urugi
- Uwubundabunda abonwa n'uwuhagaze
- Uwuburanye ikinyoma aragitsindanwa
- Uwubwira uwumva ntavunika
- Uwuca umugani ntataramura umwana
- Uwuca urubanza rw'abavandimwe arararama
- Uwudasavye ntakira
- Uwudashonje ntashera
- Uwudasize umwana asiga umugani
- Uwudateye ntasoroma
- Uwufise amaso ahendwa bike
- Uwufise ikimuri ntahakurira hasi
- Uwufise imbwa ntata igufa
- Uwugomba isimbo asimba urugo
- Uwugomba kugabana arazinduka
- Uwugowe agora Imana
- Uwugowe aragoka
- Uwugowe umuryango uramwakira
- Uwuguhanura kurendegera aba aguteze umushibuka
- Uwugusavye umwuhiro aba agutaze umusesekara
- Uwugusumba arakumanurira
- Uwugutanze gukaraba agutanga kubega
- Uwuhagarikiwe n'ingwe aravoma
- Uwuhana inzara arayirimira
- Uwuhana umurozi amubitsa umwana
- Uwuhanzwe n'isinzi ntasinzira
- Uwuhawe n'Imana atekera barorera
- Uwuhawe n'Imana ntiyamburwa n'umuyaga
- Uwuhawe n'umwami acanira Uburundi bubona
- Uwuhawe n'umwami atekera Uburundi bubona
- Uwuhenzwe n'agahengwe acana inkinzo
- Uwuhetswe n'umukeba atera agahinda insimbizo
- Uwuhongera umwansi amara inka
- Uwuja gukira ici aracumbagira
- Uwuja gukira indwara arayirata
- Uwuja gukira urwimo arwima ururimi
- Uwuja gusiga imvura arayirorera
- Uwuja gutunga arima abagenzi
- Uwuja kuba mu Burundi agira amaso ntagira amatwi
- Uwuja kugaya ijambo araba umunwa urivuze
- Uwuja kwumva arumviriza
- Uwuja mu rugo rw'uwundi asiga ingeso kw'irembo
- Uwukengurutse aba yongeje
- Uwukize akira isuka
- Uwukize akira iwabo
- Uwukize inkuba arayiganira
- Uwukize isemu yibagira icamwirukana
- Uwukize ubusore arabuganira
- Uwukoma amashi ntakubitwa ku ntoke
- Uwukubita igishegu arakijaniranya (arakirindira)
- Uwukubita inkende ntarabira iyihaka
- Uwukunda amasabo arayaraga
- Uwukuravye cane agutera kwambara
- Uwukurusha umugore akurusha urugo
- Uwumaze umwaka aba aramvye
- Uwunyazwe n'amagara ntakomorerwa n'abagabo
- Uwupfuye aba aruhutse
- Uwuramvye arabona
- Uwurerewe n'Imana agira ngo arusha abandi guhana
- Uwuri hafi y'umuvyeyi ni we agabira
- Uwuri mu ntahe arezwa ntiyiyeza
- Uwuri musi y'ijuru ntatinya imituragaro
- Uwurivuze mu gushengera ntaba agiye
- Uwuruciye musi (urugo) ntamenya ikirurimwo
- Uwurumbije umugore ntasarura umwana
- Uwusaba agasakanyika aranukirwa akihorera
- Uwusaba Imana ntasaragara
- Uwushaje asigaho
- Uwushaka akeza aragahebera
- Uwushaka inka aryama nka zo
- Uwushaka kukurya ntabura imboga agukoza
- Uwushaka umubira abira akuya
- Uwushaka umuce acika ijoro
- Uwushaka urwamo yenga urwarwa
- Uwushonje ntiyumva
- Uwutabonye agasohoka ntabona akinjira
- Uwutabusya abwita ubumera
- Uwutaco agira ntaco agaya
- Uwutagera aragereranya
- Uwutagira ubwoba aba atagira ubwenge
- Uwutagiriwe n'Imana ntiyigirira
- Uwutahari asa n'uwapfuye
- Uwutakuriye imvanda ntukamurye imvi
- Uwutanga neza atanga kabiri
- Uwutarabona ntavuga
- Uwutaragenda yita umwana Nzirakugenda
- Uwutarahera aba arahekenya
- Uwutarapfa aba akiriho
- Uwutari bukuvune yokuva inyuma
- Uwutaribwa ntarinda
- Uwutariho azigamirwa n'umuryango
- Uwutavyaye akoma urume
- Uwutayaze na se ntamenya umugani wa sekuru
- Uwutazi akaraye araza ifu
- Uwutazi imisi arata urugo
- Uwutazi inzira yazananye ahanwa n'amayirabiri
- Uwutazi Uburundi aburundwamwo
- Uwutazi ubwenge ashima ubwiwe
- Uwutazi umukungu yima umwana
- Uwutazi umwansi ashima inda
- Uwutazi umwansi asiga umubiri
- Uwutema urwiwe umutiza umuhoro
- Uwuticaniye ntarahurira uwundi
- Uwutigaba ntiyigaburira
- Uwutonganye n'umuriro arya bibisi
- Uwutosora ifuku yamiza agati (akatsi) mu jisho
- Uwutsinzwe ntibatsindaho
- Uwuvoma yanka avoma ibirohe
- Uyagira urupfu uwutarubonye ukaba umenye ibanga
- Vyinshi bibi birutwa na bike vyiza
- Vyobiha ntivyobura
- Wanka bangwe ntiwanka zana ndabe
- Wanka gutambana imvi ukazivumbana
- Wanka kugaburira umushitsi ukaba ugotse
- Wanka kurimana imvi ukazisegana
- Wanka kurimira kure ukahasumira
- Wiba uhetse ukabwiriza uwuri mu mugongo
- Wirukana umugore ngo aguguna igufa ukazana uwurimira miyonzwa
- Witaba kare ugatumwa kure
- Zikamwa ayo zitahanye