KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

# 125
© DUSOME, umwaka wa 6, pp. 47 - 51
Muradutūnge!
Ntiturârōnka akănya gakwīyé kó gushírakó utwâtuzo kurí iyi myĭbutsa yöse. Ni ikibázo c'úmwănya muké, mu mĭsi ya vúba tuzōbikora :)
  1. Imyĭbutsa yērékana ubwīra mu bikorwá
    1. Uwushaka umuce acika ijoro.
    2. Uwushaka umubira abira akuya.
    3. Akari kure karya nyene amaguru.
    4. Uwushaka akeza aragahebera.
    5. Bukebuke bushikana umusiba ku mugezi.
    6. Uwitonze amira ibinoze.
    7. Akagumye bagumako.
    8. Bukebuke bukomeza igihonyi.
    9. Ugutambuka ni ko kugenda.
    10. Nta wurya inzoka ngo ananirwe n'umurizo.
    11. Ivya gusa bitera ubwenge buke.
    12. Amazi masabano ntamara imvyiro.
    13. Ak'i muhana kaza imvura ihise.
  2. Imyĭbutsa yīhániza ubunebwe
    1. Urima itiro ukimbura ingonera.
    2. Ugona mw'irima ikivi kikaba kiraye.
    3. Imburamaboko ibagara umushatsi.
    4. Intarima ntimira.
    5. Urima bike ukimburira mu gipfunsi.
    6. Uteka ubusa ukamira ubundi.
    7. Mpa akabando nandare aruta mpa akate ndambarare.
    8. Isuka yama irima ntigwa ingese.
    9. Imana ntiha uwicaye.
    10. Ntarataze aruta mbundare.
  3. Imyĭbutsa yērékana ibānga ry'úkurera
    1. Igiti kigororwa kikiri gito.
    2. Ishavu ry'umuvyeyi riririrwa ntirirara.
    3. Umwana arakunanira ari uwawe.
    4. Ureka kugarura impene ikiri hafi yamara kurenga imirambi ukabira nka yo.
    5. Umuvyeyi agucira inkoni ndende akagukubita ngufi.
    6. Urera nabi ugatukwa n'abakwe.
    7. Ivyara ntirigora nk'irera.
  4. Imyĭbutsa yērékana ibīntu vyībónekeza
    1. Akuzuye ntikamurikwa.
    2. Nta wuhisha umwotsi inzu iriko irasha.
    3. Imbwa irinze itoboka ubuhanza ntiba yamenye inzu nke.
  5. Imyĭbutsa yērékana ukwĭrīnda kuvúga mĕnshi
    1. Ijambo rigukunze riguma mu nda.
    2. Uja gukira urwimo arwima ururimi.
    3. Irirenze umunwa riba rirenze impinga.
    4. Nta guhandwa ku rurimi ikirenge kiriho.
    5. Nta wuvuga yose nk'uwuraga.
    6. Uwihoreye ahonga bike.
  6. Imyĭbutsa yērékana ibīntu bidashobóra kurāngūrirwa rimwé
    1. Amabanga abiri ntabangikana.
    2. Imigere ibiri ntitereka.
    3. Amayira abiri yananiye imfyisi.
    4. Uburo bwinshi ntibuva umusururu.
    5. Nta wutera atengase.
    6. Nta wubandwa abangikanije.
  7. Imyĭbutsa yērékana ugufáshānya
    1. Ubugirigiri bugira babiri.
    2. Tubiri tuvurana ubupfu.
    3. Ibigiye inama bigira Imana.
    4. Igiti cumye cegamira kibisi.
    5. Ineza yituzwa iyindi.
    6. Umugabo umumwera ubwanwa bugaca akakumwera ubundi.
    7. Iminwe iryoha inyurana.
    8. Urukwavu rurakura rukonka umwana.
    9. Imiti ikora ikoranye.
    10. Ukora iciza ukagisanga imbere.
    11. Umutwe umwe ntiwigira inama.
    12. Inkingi imwe ntigira inzu.
    13. Ishiga rimwe ntiryarika.
    14. Ukuboko kumwe kuriyaga ntikwimara uburyi.
  8. Imyĭbutsa yērékana isâno ry'íkīntu n'îyó giturúka
    1. Imfura na se barangana.
    2. Igitugu kirakura ntigisumba izosi.
    3. Isase riva ku cuma.
    4. Inyundo irakura ntisumba iyayujuje.
    5. Impfizi y'intama itendera nka se.
  9. Imyĭbutsa yērékana agacîro k'ámagará
    1. Amagara ntamera aramirwa.
    2. Uwimbuye ikigega c'amagara ntabura ic'amasaka.
    3. Uwutamiye ntatamure aba yaratamitswe.
    4. Ubwiza buca mu kanwa.
  10. Imyĭbutsa yērékana ukubûngabūnga ibīntu ujējwé
    1. Nta wutiza umuhoro itema rigeze.
    2. Nta wutera ibuye aho yateretse igisabo.
    3. Nta wutiza urugi imfyisi zateye.
    4. Nta wusiga inka mw'igabiro.
    5. Ibitari ivyawe ntuvyibikako.
  11. Imyĭbutsa yērékana ubukûnzi bw'índa
    1. Inda y'uwundi irakoma induru ntiwumva.
    2. Inda ndende ihumira indya.
    3. Nkunda kurya yariye igifyera kimumena itama.
    4. Urya nk'inka ugapfa nk'imbwa.
  12. Imyĭbutsa yērékana gukûnda amarōnko
    1. Bene vyo ni bo bene inambu.
    2. Ingona iva mu ruzi ikarigata urume.
    3. Amongereza nka ni yo mazituvya (mazikesha).
  13. Imyĭbutsa yērékana ukwĭhātīra kumenya ikīntu
    1. Ukubaza gutera ukumenya.
    2. Akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze.
    3. Ubwenge burarahurwa.
    4. Ubwenge buva i muhana.
  14. Imyĭbutsa yērékana ukudáhanûrwa, ukudáhahá
    1. Akataretse kaba gasema.
    2. Inyanka kubwirwa ibwirwa n'uko amaso atukuye.
    3. Kananira abagabo ntiyimye.
    4. Ingeso iraraba ntihwera.
    5. Inkoni ishikira igufa ntishikira ingeso.
    6. Nyamubura ikimuhanura ni we nyamubura ikimuhamba.
  15. Imyĭbutsa yērékana ubugēnzi n'ûmwûmvīkano
    1. Bapfana iki barutwa na bamariraniye iki.
    2. Ha kuvumba umukungu wovumba umukunzi.
    3. Bike bikehanira abankana.
    4. Ahari ubumwe urusato rw'imbaragasa rwipfuka batanu.
    5. Amosozi y'umukunzi ava mu rihumye.
    6. Urya incuti ukinovora intuntu.
  16. Iyĭndi myĭbutsa
    1. Wanka bangwe ntiwanka zana ndabe.
    2. Ibuye riserutse ntiryica isuka.
    3. Iyikuburiye ntikurya.
    4. Amanyama arasara ntasaba.
    5. Ubwatsi burasha bukabisa ubundi.
    6. Iyija kurisha ihera ku nama.
    7. Iritararenga nturitera ingata.
    8. Ubumwe butariho buteranywa n'inyama.
    9. Ubuntu burihabwa.
    10. Ubuja gusha buratagata.
    11. Amazi arashuha ntiyibagira i bumbeho.
    12. Ukuri guca mu ziko ntigusha.
    13. Nta wuvuka rimwe ngo yuzure ingovyi (insimbizo).
    14. Nta wiga kubumba rimwe ngo abumbe intango.
    15. Utinya ingwe ntutinya iyikwinjiranye.
    16. Umanika agatu wicaye mu kukamanura ugahaguruka.
    17. Ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka.
    18. Uwanka agakura abaga umutavu.
    19. Uwitera umworo amwereka mu kigega.
    20. Nta ndagukunda nkakwankira umwana.
    21. Uvoma yanka avoma ibirohe.
    22. Aho akayabu katari imbeba zanika imirizo.
    23. Ingoma yagukanze irahuhuma ugahunga.
    24. Ingenzi y'imihana ni yo nzanyi y'amazimwe.
    25. Uwuri munsi y'ijuru ntatinya imituragaro (imiravyo).
    26. Amanyama aterwa n'agashambara.
    27. Umwuko ni ikiriko.
    28. Inzoga imara ubwoba ntimara ubworo.
    29. Ukuvuga menshi si ko kuyamara.
  1. Imyibutsa yerekana ubwira mu bikorwa
    1. Uwushaka umuce acika ijoro.
    2. Uwushaka umubira abira akuya.
    3. Akari kure karya nyene amaguru.
    4. Uwushaka akeza aragahebera.
    5. Bukebuke bushikana umusiba ku mugezi.
    6. Uwitonze amira ibinoze.
    7. Akagumye bagumako.
    8. Bukebuke bukomeza igihonyi.
    9. Ugutambuka ni ko kugenda.
    10. Nta wurya inzoka ngo ananirwe n'umurizo.
    11. Ivya gusa bitera ubwenge buke.
    12. Amazi masabano ntamara imvyiro.
    13. Ak'i muhana kaza imvura ihise.
  2. Imyibutsa yihaniza ubunebwe
    1. Urima itiro ukimbura ingonera.
    2. Ugona mw'irima ikivi kikaba kiraye.
    3. Imburamaboko ibagara umushatsi.
    4. Intarima ntimira.
    5. Urima bike ukimburira mu gipfunsi.
    6. Uteka ubusa ukamira ubundi.
    7. Mpa akabando nandare aruta mpa akate ndambarare.
    8. Isuka yama irima ntigwa ingese.
    9. Imana ntiha uwicaye.
    10. Ntarataze aruta mbundare.
  3. Imyibutsa yerekana ibanga ry'ukurera
    1. Igiti kigororwa kikiri gito.
    2. Ishavu ry'umuvyeyi riririrwa ntirirara.
    3. Umwana arakunanira ari uwawe.
    4. Ureka kugarura impene ikiri hafi yamara kurenga imirambi ukabira nka yo.
    5. Umuvyeyi agucira inkoni ndende akagukubita ngufi.
    6. Urera nabi ugatukwa n'abakwe.
    7. Ivyara ntirigora nk'irera.
  4. Imyibutsa yerekana ibintu vyibonekeza
    1. Akuzuye ntikamurikwa.
    2. Nta wuhisha umwotsi inzu iriko irasha.
    3. Imbwa irinze itoboka ubuhanza ntiba yamenye inzu nke.
  5. Imyibutsa yerekana ukwirinda kuvuga menshi
    1. Ijambo rigukunze riguma mu nda.
    2. Uja gukira urwimo arwima ururimi.
    3. Irirenze umunwa riba rirenze impinga.
    4. Nta guhandwa ku rurimi ikirenge kiriho.
    5. Nta wuvuga yose nk'uwuraga.
    6. Uwihoreye ahonga bike.
  6. Imyibutsa yerekana ibintu bidashobora kurangurirwa rimwe
    1. Amabanga abiri ntabangikana.
    2. Imigere ibiri ntitereka.
    3. Amayira abiri yananiye imfyisi.
    4. Uburo bwinshi ntibuva umusururu.
    5. Nta wutera atengase.
    6. Nta wubandwa abangikanije.
  7. Imyibutsa ishemeza ugufashanya
    1. Ubugirigiri bugira babiri.
    2. Tubiri tuvurana ubupfu.
    3. Ibigiye inama bigira Imana.
    4. Igiti cumye cegamira kibisi.
    5. Ineza yituzwa iyindi.
    6. Umugabo umumwera ubwanwa bugaca akakumwera ubundi.
    7. Iminwe iryoha inyurana.
    8. Urukwavu rurakura rukonka umwana.
    9. Imiti ikora ikoranye.
    10. Ukora iciza ukagisanga imbere.
    11. Umutwe umwe ntiwigira inama.
    12. Inkingi imwe ntigira inzu.
    13. Ishiga rimwe ntiryarika.
    14. Ukuboko kumwe kuriyaga ntikwimara uburyi.
  8. Imyibutsa yerekana isano ry'ikintu n'iyo gituruka
    1. Imfura na se barangana.
    2. Igitugu kirakura ntigisumba izosi.
    3. Isase riva ku cuma.
    4. Inyundo irakura ntisumba iyayujuje.
    5. Impfizi y'intama itendera nka se.
  9. Imyibutsa yerekana agaciro k'amagara
    1. Amagara ntamera aramirwa.
    2. Uwimbuye ikigega c'amagara ntabura ic'amasaka.
    3. Uwutamiye ntatamure aba yaratamitswe.
    4. Ubwiza buca mu kanwa.
  10. Imyibutsa yerekana ukubungabunga ibintu ujejwe
    1. Nta wutiza umuhoro itema rigeze.
    2. Nta wutera ibuye aho yateretse igisabo.
    3. Nta wutiza urugi imfyisi zateye.
    4. Nta wusiga inka mw'igabiro.
    5. Ibitari ivyawe ntuvyibikako.
  11. Imyibutsa yerekana ubukunzi bw'inda
    1. Inda y'uwundi irakoma induru ntiwumva.
    2. Inda ndende ihumira indya.
    3. Nkunda kurya yariye igifyera kimumena itama.
    4. Urya nk'inka ugapfa nk'imbwa.
  12. Imyibutsa yerekana gukunda amaronko
    1. Bene vyo ni bo bene inambu.
    2. Ingona iva mu ruzi ikarigata urume.
    3. Amongereza nka ni yo mazituvya (mazikesha).
  13. Imyibutsa yerekana ukwihatira kumenya ikintu
    1. Ukubaza gutera ukumenya.
    2. Akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze.
    3. Ubwenge burarahurwa.
    4. Ubwenge buva i muhana.
  14. Imyibutsa yerekana ukudahanurwa, ukudahaha
    1. Akataretse kaba gasema.
    2. Inyanka kubwirwa ibwirwa n'uko amaso atukuye.
    3. Kananira abagabo ntiyimye.
    4. Ingeso iraraba ntihwera.
    5. Inkoni ishikira igufa ntishikira ingeso.
    6. Nyamubura ikimuhanura ni we nyamubura ikimuhamba.
  15. Imyibutsa yerekana ubugenzi n'umwumvikano

  16. Iyindi myibutsa

DUSOME, Igitabu c'umwaka wa 6, pp. 47 - 51

    1. Bapfana iki barutwa na bamariraniye iki?

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 85 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.

Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...