KURONDERA
Ikirŭndi kū ngurukanabumenyi

DUSOME, Igitabu c'umwaka wa 5, p. 17-18


Bumaze kwira, Bayaga ahamagara bene wabo ngo babe barateraira mu rugo, kuko bigina ukwezi. Baragandagaza mu rugo baba barasokoranya.

Umwe ati:

  1. Sokwe.
    - Niruze.
    Ndakibona singifata.
    - Igitutu.
  2. Kararengera.
    - Akana kaja iwabo.
    Impa.
    - Ndaguhaye.
    - Akotsi k'abungere.
  3. Umwana wanje yokunesha ari muto.
    - Urutozi.
    Impa.
    - Ndaguhaye.
    - Uruyuki.
  4. Wigera mu Barembe wari Umurembe!
    - Impene mu ntama.
  5. Abana banje bakubita ibiganza hirya no hino.
    - Imitwe y'inzuzi.
  6. Abo kwa Ruringaniza bambariye imiringa mu kuzimu.
    - Ibijumbu.
  7. Akavumu kanje mpungurura bunyoni.
    - Inkono y'umurango ntirya umwe.
  8. Karahinda iduri.
    - Akato mu mpange.
  9. Kararengera.
    - Akana kaja iwabo.
  10. Urabona ngo bitugu vya sogokuru ansimbira urugo!
    - Ikivumvuri.
  11. Tora akato ntore akandi tuje kurondera ico tutari bubone.
    - Amaganga y'inkoko.
  12. Bugingo bwa none bwogutana.
    - Wotekera amazi mu rukangaga?
  13. Gira so katamwobwa.
    - Agahanga k'imbwa.
  14. Izinguzingu niwarimenya nguhere.
    - Itimbi ry'ifu.
  15. Mbe nyoku ko useye bwinshi wigavye uja he?
    - Akana kaja iwabo.
  16. Ane meza.
    - Amabere y'inka.
  17. Umunani mubi.
    - Amabere y'imbwa.
  18. Aha twese turaririye umwe.
    - Inkono ku ziko.
  19. Ndi mugufi nkaba mu rwanje.
    - Igicaniro.

Ba bana bagisokoranya, bumva akabeho karabatashe, barasezerana, umwe wese yiruka mu nzu iwabo kwota.

KARISHA UBWENGE ni igice twahariye ibibazo bitandukanye vyerekeye ikirundi canke Uburundi.
ABARI KU MURONGO

Muri aka kanya, hari abantu 240 ku murongo.

NI GIHE KI?
UTC (GMT)
Gitega
Brisbane

Bukêbuké bukomeza igihonyi

Abarundi barayamaze bati: "Bukêbuké bukomeza igihonyi" kandi ngo "Uwutárahera aba arahékenya".

Turacari mu bikorwa vyo gutunganya «IKIRUNDI KU NGURUKANABUMENYI» twongera dutororokanya ivyigwa, imigenzo, imigani, n'ibindi vyinshi bijanye n'ikirundi, Abarundi n'Uburundi.

Si igikorwa coroshe cane! Kubw'iyo mpamvu hariho vyinshi tutarashira ng'aha ku ngurukanabumenyi.

Muraheza mutwihanganire! Bukebuke bukomeza igihonyi, mu misi ya vuba bizoba vyabashikiriye.


Tuboneyeho kano kanya ngo tugusabe niba hari amakos(h)a wabonye canke hari ibintu vyerekeye ikirundi, Uburundi canke Abarundi woba wipfuza ko twoshirako (indirimbo, n'ibindi), utwandikire ikete muravyo kuri: info@ikirundi.org canke uduhamagare canke uturungikire ubutumwa ukoresheje WhatsApp: +61469365309.
2023 Ikirundi ku ngurukanabumenyi
        Guterera umugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi
Fyonda kuri ako kamenyetso   tukubwire uburyo ushobora guterera uyu mugambi w'ikirundi ku ngurukanabumenyi.

Rindira gato...